article comment count is: 0

Uwuzokwigana iyi nyobwa azorinda ?

Abanyeshure bajanwa mu ngeso z’akaborerwe n’ivyizerwa bitari vyo. Bamwe muri bo babwirwa ko akayoga gashobora kubatuma baca akenge birushirije, canke bagatinyuka ivyo batokwubahutse.

Abaciye ku ntebe y’ishure canecane mu mashure y’indaro, hari abihereza inzoga zikaze  bazitirira ivyiza nko kwiga unyarutsa, ndetse bamwebamwe bakarugwamwo bibaza ko ni bazinywa ibibazo bafise bica bitora umuti.

Nikeze*, umusore w’imyaka 25 yize kw’ishure ry’indaro ryo mu bumanuko bw’igihugu, ntiyari amenyereye kunywa inzoga zikaze ndetse yaraziyubara cane. Ariko kubera abagenzi yaronkeyeyo, ntiyamenye ingene yatanguye kuzinywa, kandi ababimushiramwo bari bafise imvo zibatuma bumva bakwiriye kuzinywa. 

“Gufata icigwa ku mutwe ni wararaye”

Abanyeshure bakamagira urukanywa rukaze bibwira ko ni batangura gufata ku mutwe icigwa kiza kwinjira batarushe. Eka na Nikeze* abamwigishije kuzinywa bamwijeje ko, ni yazinywa, ikaye yose azoyishira mu mutwe inyuma y’iminota mike. 

Atwiganira ati: “Abandi bari mu mwanya wo gusubiramwo, twe na bagenzaje twaca dutoroka tukaja kuraba uwadandariza hafi y’ishure inzoga yitwa umudiringi. Aho hose twayinywa dutongerera ku vyigwa, dushaka ko zidukabura mu bwonko twibwira ko ni twatangura kwiga biza kunyaruka kwinjira.”

“Uwutinya kuvugisha inkumi ziramumara ubwoba”

Ico ni ikindi gituma hari abihereza inzoga zikaze mu mashure y’indaro. Iyo umusore afise ubwoba bwo kuyagisha inkumi yakunze, hari abamwereka ko umuti ari uko yonywa inzoga ikaze ubwoba bugahera, agaca atinyuka umwigeme. S.N*,  umusore vyashikiye agira ati: “Narakunze umwigeme ndi mw’ishure ry’indaro, ariko naratinya cane kumuvugisha. Abagenzi twigana baza barambwira ngo nywe inzoga ikaze hanyuma nce ngenda kumuvugisha”.

Ariko rero…

Naho abo abanyeshure bihereza inzoga zikaze ngo zibabafashe muri ivyo bibazo, nta ciza bigera bazikuramwo ahubwo zibononera ubuzima. S.N.* ati: “Buri gihe nyoye inzoga kugira mvugishe umukobwa vyoroshe, bukeye naramaramara kuko sinaba nibuka ivyo navuze, natimbishwa n’inzoga zimvuyeko ngasubira kuba uwo nsanzwe ndi.

Eka na Nikeze* avuga ko uko kumenyera kwiga ari uko anyoye inzoga vyatumye amugara mu bwonko, mbere naho ivyigwa vyaba vyinjiye ningonga kubera ubwenge bwakabuwe n’inzoga, vyamara mu mutwe umwanya urume rumara. Bukeye nta nakimwe yaba acibuka. Amenyesha ko hari n’imyaka yayobewe bitumwe n’uko ataciga neza kubera ko yamugajwe n’inzoga mu bwonko. 

Nkako, n’ubushakashatsi bwarerekanye ko ukumenyera kunywa inzoga, aho kwongereza ubushobozi bwo gufata ku mutwe, nyabuna bibangamira ubwonko bigatuma businzikara.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion