Turamaze kwumva abavyeyi bidoga ngo abana babo bagiye mw’ishure ry’indaro baca baza bahindutse, basigaye ari imborerwa. Ni vyo hari abikika mu gakuku k’abandi no kuba kure y’abavyeyi bakarusoma, ariko uwu munyeshure yahatswe guhitanwa n’iyi ngeso we avuga ko vyose batovyagiriza ayo mashure. Intahe.
Nagiye mw’ishure ry’indaro ndi muto cane. Nari mfise imyaka 12. Ico gihe, sinashaka kujayo ariko abavyeyi bo babona ko ari co kibereye. Nshitseyo, niho natahura ko ngiye kumara umwanya munini kure y’abavyeyi, kandi ko ngiye kwiga kwibako vyanka bikunda. Mu ndwi ya mbere, nari ngifise ubwoba n’inkumbu ariko vyaheze ningoga.
Kw’ishure hari imigwi myinshi kandi itandukanye. Hariho abo twita “aba stars”, abo rero bari canecane abakinyi b’inkino zitandukanye (basketball, football, handball…) n’abagenzi babo. Ishure ryose ryaba rishaka kwicarana nabo, mbere bashasha nabo bakipfuza kumera nka bo. Ufise umugenzi muri bo, waboneka neza kandi ishure ryose ryakubona nk’umu “star”. Aba “stars” baba bakuze kandi nibo kenshi banywa inzoga, bakongera bagatoroka rimwe na rimwe bakaja kuzirondera. “
Hariho uwundi mugwi twita “injeni”. Abo nabo baba baritaye ku cigwa gushika aho bataboneka hanze ariko mu nyuma bakaronka amanota meza. Ku mvo z’uko babatwenga cane, bamwebamwe barabivamwo bakinjira mu mugwi w’abigana aba “stars” uwo nawe ukitwa uw’ “abafana”. Iyindi migwi yose yaza yihomeka kuri iyo ibiri. Imigwi y’ “abagarariji” hamwe n’iy’ “abacimba” ikihomeka kuba “stars”, nayo iy’aba “mariales” hamwe n’abatari bigana aba “stars” canke ngo baboneke cane mu bindi bakihomeka ku “njeni”.
Kwitorera ikibanza
Kugira ndahabe neza, nategerezwa gutora umugwi njamwo. Abagenzi nari namaze kuronka bari bafashe umugwi w’abafana nanje mpeza ndabakurikira. Turiko turategura “sortie” ya mbere mu mwaka, ikintu ca mbere cari mu mutwe kuri twese kari akayeri, na rirya kugira tuje mu ba “stars”, vyasaba ko tuba tunywa inzoga. Hageze, umw’umwe wese yashaka kwerekana ko ashobora nyinshi kuko ni bwo bwari ubuhizi. Bukeye twaba tumeze nabi kubera agasibe muga twaba twumva tunezerewe kuko twibaza ko “bitesa”. Twari mu myaka yo gushaka kuboneka cane kandi twabona uburorero bw’abazinywa bazwi kandi bakundwa. Ivyo vyose vyaradutuma tubandanya. Si twe twabona “sortie” irageze ngo dusubire.
Ego yari amakosa, ariko…
Kuborerwa vyarahanwa kw’ishure kandi n’abatwegereye canecane “injeni” baraduhanura ko twogabanya tugakora icatujanye. Abenshi twaragabanije cane mu myaka ya mbere, ariko mu myaka yakurikiye niho twatahuye ko turi mw’ihererekanywa ry’uwo mugenzo, kuko twarabona ko iyo dusohotse, tukanywa, abashasha nabo bagerageza kwigira abakambwe muri vyo. Turiko turaheza, ntitwari tukiri “abafana”, ntitwanywa ngo batubone, ahubwo vyari vyamaze kuba ibisanzwe, twari dufise n’ivyitwazo (kwiha pole, kwikuramwo stress, guhamba examens, tuzogasubira ryari,…).
Mbonye uko imyaka ya nyuma yageze dusigaye twifata, narabonye ko twatahura nabi tugishika. Uko twabona abandi tugishika, niko bashasha batubona nabo, yamara nta cari cahindutse atari uko twanywa nyinshi, eka mbere benshi muri twebwe twahavuye dusanga twarazingamitswe n’inzoga, kwiga vyari bisigaye bitugora. Ico nzi co si ishure ryatwishe, si “internat” yatwishe ahubwo ni twe twitaye mu menyo y’ingwe.