Mu myaka iheze, mu mashure y’indaro, iyo umusi wa gatandatu ugeze wasanga abanyeshure bawushashaye. Wasa n’umusi wo kwidagadura aho wasanga hategekanijwe ivyese canke gutamba umuziki. Ariko rero abanywa inzoga bobo, bamwe baca baca mu ryahumye abarezi bagatoroka bakaja kunywa inzoga kugeza amasaha y’ijoro. Rimwerimwe vyarabagirira ingaruka mbi. Uyu mwanditsi aribuka ivyigeze kumushikira. Intahe.
Nitwa P.N., nize kw’ishure ryisumbuye ryo mu Kayanza, mu myaka y’2 000. Hagera ku wa gatanu tugaca dutagura kwitegura gusohoka. Dusavye uruhusha bakarutwima, twaca dutoroka. Bamwe basohokana n’abo bakundana, abandi bakaja mu miryango yabo iri hafi. Jewe n’abagenzi 3 twava mu gisagara ca Bujumbura canke i Mbo twikundira agacupa. Twatoroka kugira twigire gusoma. Ariko umusi umwe ibara ryahatswe kugwa kubera Ifoma.
Ifoma isosa isaza
Ku mutumba Muyange wo hakurya ya Lycée Kayanza, hari ikigo c’ababikira gifise ihoteri n’ikirabo. Abo babikira barakora inzoga mu nanasi n’ibindi vyamwa bita umunanasi, ariko abanyeshure bayita Ifoma (sinzi igituma). Iyo nzoga yarasosa, ikaryoha cane ariko mu kuborera yari na nzi! Twarayikunda, kanatsinda, yari izimbutse kuko yagura amafaranga 200 gusa mu gihe ikiyeri co cari ku 650. Nico gituma twayihurumbira cane.
Mu mpera y’umwaka w’ishure, wasanga abanyeshure bamwe bazi ko bamenye (twavuga ko ‘’bujuje’’) kuko naho abigisha bobaha ubusa mu vyigwa vyose baba baramaze kuronka amanota yo kwunguruzwa. Abandi wasanga bazi ko bananiwe (twavuga ko ‘’biranze’’) kuko naho abagisha bobaha amanota yose kuri yose, ntivyakunda ko bunguruzwa. Abari hagati na hagati nibo wasanga bakovya mu kwiga kugira barabe ko ‘’bohakura agatwe’’. ‘’Abujuje’’ n’’Abiranze’’ rero, ni bo wasanga basagiye baguma biryohera, ataco bagitinya.
‘’Sinibuka ingene twatashe’’
Umusi uri izina mu kwezi kwa Ruheshi 2002, je n’umugenzi wanje yitwa F.N., twarazindutse ari ku wa gatandatu turitegura twambara neza, turarindira amasaha yo gufungura, duhejeje duca duca mu canzo turagenda mu gisagara ca Kayanza. Twari tugiye kunywa agacupa, hama tuze kugaruka nk’isa imwe y’ijoro bumaze guhwibira, kuko hari hategekanijwe ko haza kuba umuziki tugatamba tugatarika. Ariko twe ntivyakunda ko dutamba tutanyoye.
Tugeze mu gisagara, twaricaye mu bunywero tunywa ikiyeri kimwekimwe, ariko tubona ko ibiyeri bidahava biduhaza kuko vyari bizimvye kandi dufise amahera make. Ni ko guca tuvugana duti twisubirire ku Muyange kunywa Ifoma, duca turagenda. Twahashitse igihe c’isaha 11 z’umugoroba, tuba turatanguye gusoma.
Umukozi yadandaza iyo Foma bari baramubujije guha icupa rirenga rimwe abanyeshure kuko yaboreza cane. Ariko twaciye tumwitanga turamusororera kugira agume ‘’adusereva’’ ata ngorane. Naherutse isaha 4 z’ijoro tugeze ku macupa atanu, ubwenge buca buragenda. Ivy’umuziki twari twiteguriye ntitwigeze dusubira kuvyibuka. Nagiye kwikangura ndyamye muri ‘’internat’’. Sinibuka ingene twatashe.
‘’N’ubu aracafise agakovu k’ico gihe’’
Mu gatondo, wa mugenzi twanywana yaciye aza kundaba, afise umusaya uvyimvye hariko igikomere, ijisho rihishiye cane. Yaciye ambwira ko ari je namukubise turiko turataha mu ma sasita y’ijoro. Yambwiranye agahinda ati “Wahatswe kunyica iyo batakunkurako”.
Ingene vyagenze, turiko turataha, twagiye turaharira tugeze mu biti vyinshi vy’ikawa biri aho bita ‘’kwa Baranyanka’’, niho twaca dufatana turarwana, abantu bariko barengana mu modoka nibo bahagaze baratubanguranya. Naramaramaye cane, ndavye ingene naraye nkubise umugenzi wanje ataco ndamuhora. F.N. baramujanye kwa muganga arakira. Ubu aba mu gihugu ca Kanada, ariko aracafise agakovu gatoya k’ico gihe.
Iyo Foma si twe yagiriye nabi gusa. Hari abandi banyeshure bahengereye ku wa gatandatu nyene hageze barasohoka kugira baje kuryoherwa, baca baja ku Muyange kuyinywa. Hageze mw’ijoro baraborerewe gose. Basohotse bageze mw’ikaburimbo bibaza ko bashitse baca baryama mw’ibarabara. Umuyobozi avuye mu gisagara ca Kayanza atashe n’imodoka y’ishure, abasanga mw’ibarabara basinziriye aca araburiza mu modoka arabatahana. Bukeye yaciye abirukana burundu. Bagiye gusaba ishure ahandi, umwaka waheze bari muhira.