article comment count is: 0

“Umudiringi”: akabanga k’abawuganye

Kenshi turumva inzoga itemewe n’amategeko bita “umudiringi” ivugwa hirya no hino, ariko ico tutazi ni ingene ikorwa. Ni vyo iriko iratuzwa mu ntara ya Mwaro, ariko bamwe mu bahora bayikora bavuga ko ahanini iyo nzoga atari mbi, ahubwo uburyo ikorwamwo ari bwo butuma itera ingorane zitandukanye, kuko uko ikorwa ubu n’ivyo ikorwamwo vyagiye birahinduka. Twarashitse ku mitumba imwe imwe ya komine Kayokwe y’intara ya Mwaro turayaga n’abigeze kuba bayikora. 

‘’My name is Georges, call me Jesus’’ (Izina ryanje ni Joriji, ariko uranyita Yezu),  ng’uko uko Joriji yashitse aturamutsa aho twahuriye ku Musama, umwe mu mitumba ya komine Kayokwe. Uyu mugabo w’imyaka 57 asanzwe aba ku mutumba wa Mbogora w’iyo komine nyene twatanguye kwikeka ko yoba yarusomye kuko yaje ashwashwanutse cane igihe twayaga, ku muhingamo w’igenerekerezo rya 06 Gitugutu 2022. Ariko amaze kwicara ngo dutere abiri, twasanze ataborewe nk’uko twavyibaza. Tumaze kumubaza ibijanye n’umudiringi yaciye ashoka atwemeza ko atari umudiringi ubwawo uteye ikibazo, ahubwo abona ko ari uburyo ukorwamwo buteye ikibazo. 

Bazikora nabi

Ubwiwe ariyemerera ko mu myaka ya kera yigeze gukora umunanasi, ariko ubu akaba  yarabihevye.  Aratahura cane ko abajejwe intwaro bahagurukiye kurwanya iyo nzoga. Agira ati: “None ko ababikira n’abapatiri bayikora aho hambere, twovuga ko bari banka abantu? Ihibambewe, kuko bayikora mu buryo bwiza bwubahiriza ineza y’abayihereza’’. Joriji mbere amenyesha ko yize ku yikora akora mu bigo vy’abihebeye Imana. “Wafata amahonda, inanasi, isukari, amajani y’icayi ugaca ubireka bikanywana neza indwi yose bikiri mu gihogero, hanyuma ugankondera n’umwambiro ukwiye, ukayireka igasha neza, wasanga imeze neza”. Joriji avuga ko ubu bayigana nabi kuko ata vyamwa canke amahonda akwiye bashiramwo. Akagira ati: ‘’Ubu irya  bakora si umunanasi, ni co gituma bayita umudiringi’’. Ubu inansi ntijamwo, uruberero nta namba,  ayigana mw’ijoro, mu gatondo agaha abantu ngo banywe, wumva yoreka gutera ingorane abayihereza gute ?”

Bakongeramwo agafu k’itafari rihiye canke itabi 

Nk’uko abandanya abitwiganira, ibituma umudiringi ubangamira amagara y’abantu si ingene ukorwa gusa. Hambavu yo gukora bihuta kugira inyungu igwire, hari n’ivyo bongeramwo kugira uze usa neza canke ugire akanovera abakiriya bakunda. Mwamba*, afise imyaka 36, aba ku mutumba wa Musama ya komine Kayokwe. Aremeza ko hari igihe abawukora bongeramwo agafu gatukura kava ku matafari ahiye kugira iyo nzoga itukure abantu babone ko isa neza bace bibaza ko iryoshe. Si ivyo gusa, hari n’abatsiba itabi ry’ikirundi bakarishira mu ntembe y’ico bayitaritsemwo kugira izoshane akanovera gatoya k’umururazi, gurtyo abayihereza bagaca bibaza ko iryoshe.

N’imizizo ntibuze

Umudiringi urashobora gupfa iyo hatirinzwe imigenzo imwe imwe. ‘’Iyo umudamu wawe ari mu bihe bibi (Tumusiguje yavuze ko ibihe bibi ari ibihe vy’ubutinyanka), uganye umudiringi urashobora gupfa. N’iyo umugabo yarenze ibigo, aganye nahonyene urashobora gupfa’’, vyemezwa na Mwamba.

Muti iyo umudiringi upfuye bisigura iki? Mwamba yatumbwiye ko umudiringi upfa iyo wanse gusha. Agira ati: “Iguma ari umutobe naho wocanira indwi yose”.  Yongerako ko uwushaka kwirinda ko iyo yaganye umudiringi wiwe upfa, yirinda kurarana n’umukenyezi wiwe ku buriri.

*: izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion