Kunywa inzoga mu mashure y’indaro birabujijwe, kuzinjiza ho ni kimwe mu bishobora kwirukanisha umunyeshure. Yamara hari abazi ubuhinga bwo kuzinjiza nka Mugisha naho imifuko yo ihahombera.
Nitwa Mugisha*, mperuka guheza amashure yisumbuye. Nagiye mw’ishure ry’indaro ntanguye igisata ca kabiri c’amashure yisumbuye (cycle superieur). Vyarangoye cane kumenyera kumara ukwezi kwose ntanyoye utuyoga kuko nari narazimenyereye. Nahaje nk’igihano, kuko abavyeyi bahanzanye kugira barabe ko nogabanya kunywa inzoga. Bibwira ngo kubera nje mw’ishure ry’indaro ngo sinzoronka aho ndazinywera.
Ntibukeye kabiri, niho namenye ko hariho abo dusangiye ikibazo, maze twiga uko tubigenza ngo turonke umwerera. Umwe muri twebwe yaraheza agasaba uruhusha rwo kuja hanze, akavuga ko arwaye agiye kwa muganga. Twaraheza rero tukavugana ingene bigenda, tukamutekerera tukongera tukamutegera.
Mu ntango twazicisha ku ruzitiro rw’ikigo c’ishure (clôture) akaba ari ho tuzigotomerera kugira asubizeyo ibidaji kuko kuronka umuntu akwizera akaguha ikidaji atazi neza ko aho bukera ukimusubiza ntivyari vyoroshe narirya hari mu karere tutamenyereye.
Twahabonye abakozi batobato
Uwo mukenyuro wa mbere naho twawukora, ntivyari vyoroshe kuko uretse ko twazigotomera umutima utari mu nda, gufatwa ntivyari kure kuko umwanya ntiwama utworohereza. Haciye kabiri twari twamaze kumenyerana n’abahahora ari bo twita abakambwe baratubwiye uko babigenza kugira baronke utuyoga. Natwe tuja mu bandi. Aha rero twatuma abazamu bo kw’ishure canke abakozi bo mu gikoni.
Uwo mukenyuro wari woroshe kuko inzoga zinjira mu kinyempore kandi ukazinywera umwanya ushatse. Icari gisigaye kigoye kwari ukuronka akanoti gakwiye ko kwivuna akanyota no guhemba abazituzanira.
Amafaranga vyarashika akaduherana yose, muga icari kiryoshe gukorana n’abazamu ni uko n’ubwo umufuko waba wera baragusabira ideni ukazoriha mu nyuma.
Hakora inoti
Bati: “Uvunitse uca umenya gucumbagira”, kwinjiza irengwe ukarinywa wisanzuye vyasaba uburyo, kugira ubwo buryo buboneke vyasabwa kubesha. Aha rero twaca dutangura guterefona muhira tuvuga ko twarwaye canke tukabesha ko indya zitagikwiye kugira ngo baturungikire akanoti. Amafaranga y’ishure yo (minerval ) bakira kuyaduha twaba tuyamaze. Ivyo kwiga vyo nta vyo nibuka. Kuba uwo mwaka ntamenye mw’ishure ntivyantangaje na gato. Ikibabaje ni uko naje kwiga kuri iryo shure kugira ngo ngabanye inzoga yamara nari nsigaye nywa cane gusumba uko naje meze.
*: izina ryahinduwe