Iyi nkuru si imbarirano. Yiganywe na nyene yo uwo yabayeko mu buyabaga aho yiga mw’ishure ry’indaro mu bihebeye Imana. Ashimye kuyisabikaniriza barumunabe n’abasomyi ba Yaga ababwira ati : “Ibisanga vyanshikiye ntivyari bisengeye namba”. Intahe.
Amagara
Akaborerwe mu masomero : abana bacu bazohereza hehe ?
Barayamaze bati: “Imbuto itewe ni yo imera”. Indero duha abana bacu haba mu miryango canke mbere mu masomero ni yo igenekereza kazoza kabo. Tukabarerera ku bugi tutababwiye ko bukeba, ubwo ntituzobabura? Uno musi ubwo bugi ni inzoga zikaze zigisibije mu […]
“Agasibe kavurwa n’irindi rengwe”: banguha !
Vyama vyashitse umuntu akihereza “kamoya”, maze mu gatondo akazinduka umutwe wacitse urujo, mu kanwa humye n’utuguvu twagiye. Muri ico gihe, bakunze kuvuga ko ahubwo uca usukayo irindi kugira ukire. Uko kukaba ari ukwihenda cane nk’uko ubushakashatsi bwavyerekanye.
“Uwanyoye ni we anywa”: kubera iki urukanywa rutera inyota ?
Iyo umuntu yasomye bihagije, hari aho bishika akumva umubiri umusaba amazi cane. Nk’iyo yanyoye irengwe mw’ijoro naho na canecane akaribabaza, mu gitondo anywa amazi nk’uwariye igikona. None vyoba biva kuki? Umuco.
Ngozi: ya nyonko y’ibitungwa yatanguye kugira ingaruka
Intara ya Ngozi, imwe mu ntara zatanguye kuvugwamwo indwara bita “Fièvre de la vallée du Rift” mu Gifaransa iratanguye kubona ingaruka zayo. Abarimyi-borozi ntibagira ayo bacira n’ayo bamira, ababangamiwe akaba ari abahora bafashwa n’umugambi PRODEFI wabahaye ibitungwa ubu ataco biriko […]
“Mu zambiye nta sukari irimwo”: ntimuje narwo !
Abantu benshi bihereza inzoga zambiye biyumvira ko ata sukari irimwo. Ni naho bakunze gutera ubwoba abanywa amafanta bababwira ko amagara yabo ashobora kubangamirwa kubera ifanta irimwo isukari. Ukwo kukaba ari ukwihenda cane nk’uko uyu mwanditsi abiducira ku mayange mu ntahe […]
Kayanza : Umuvuduko wo kwandura indwara ya Marariya uteye ubwoba
Nk’uko biri no mu zindi ntara z’igihugu, indwara ya Marariya yananiranye mu ntara ya Kayanza. Ibiharuro vy’abatorwa umugera w’iyo ndwara birateye ubwoba. Abegwa n’amagara y’abantu, eka mbere n’abanyagihugu bikaba bibahagaritse umutima. Nk’uko ibiharuro bitangwa n’ibiro vy’intara y’ubuvuzi ya Kayanza […]
“Yariye ishano”: ijambo rigisibije mu gisagara ca Bujumbura
Muri ino misi, baba abatunzi canke abakene, abize n’abatize, abakuze n’abato, ikintu co kurya canke guhabwa ishano cabaye ururirimbo mu kanwa k’abanyagisagara. Wumva ngo kanaka yarivuje barabura indwara afise birangira basanze yariye ishano. None vy’ukuri ivyo bivugwa biva kuki ? […]
Urucanco rwa kanseri y’ubwinjiriro bw’igitereko: uburenganzira bwa bose
Indwara ya Kanseri yo mu bwinjiriro bw’igitereko iragisibije kw’isi yose, n’Uburundi budasigaye inyuma. Naho biri uko, irafise urucanco ruhabwa abagabo n’abagore, mbere n’abakobwa n’abahungu, kandi iravugwa igakira.