Indwara ya Kanseri yo mu bwinjiriro bw’igitereko iragisibije kw’isi yose, n’Uburundi budasigaye inyuma. Naho biri uko, irafise urucanco ruhabwa abagabo n’abagore, mbere n’abakobwa n’abahungu, kandi iravugwa igakira.
Amagara
Urugamba rwo kurwanya Koronavirisi si urw’abajejwe umutekano gusa !
Twihweje inyifato ziranga abatari bake mu mihingo itandukanye y’igihugu, urabona ko hari abataratahura akamaro ko gukurikiza ingingo zo kwikingira ikiza Koronavirisi. Bigira ba sindabibazwa mu rugamba rwo kurwanya ikiza. Siko vyari bikwiye kumera.
Covid-19 : ibi bibanza bishobora kuduhonya ni tutiyubara
Naho abantu basa n’abadebukiwe mu gukurikiza inyifato zibuza kwandura umugera wa Covid-19, ico kiza ntaho caroye. Narirya “uwutosora ifuku agumiza akatsi mu jisho ryayo”, ntawohengeshanya gusemerera kugira Abarundi bagume bikingira. Turabire hamwe ibibanza bibiri ababijamwo n’ababikoreramwo bakwiye kwiyubara gusumba.
“Gushirako inzara, kwagurira inzira umwana, …” : imigenzo ihohotera abakenyezi bibungenze
Isi yose iherutse mw’isekeza ry’imisi 16 yo kwiyamiriza amabi akorerwa abakenyezi. Ayo mabi na yo avugwa, ari kwinshi. Hari n’ayo dukora tutayazi. Muri ayo, harimwo imigenzo ibiri itagira ishingiro iri mu mico y’Abarundi ihohotera abakenyezi bibungenze dukwiye guheba.
Kwibarutsa umuvyeyi : ingendo zine dukwiye guheba
Iyo umuvyeyi yibarutse, umuryango, ababanyi n’abagenzi barakurakuranwa kumwibarutsa. Hariho ibintu bine bikunda gukorwa nk’ibisanzwe muri uwo mugirwa mwiza, ariko bishobora kuba inkwezi y’amarere, ku buryo dukwiye dukwiye kuvavanura na vyo.
Ubuyabaga n’ubukangara : inyifato ibereye ku rwaruka rudashimishwa n’uko rumeze
“ Kudashimishwa n’uko umuntu ameze !” Aha benshi bokwibaza bati : “Ivyo birabaho ?” Egome cane birabaho kandi biraraje ishinga abatari bake, na canecane abayabaga n’abakangara. Bibatuma batuntura ku mutima, bakiyanka, bakanagira inyifato zitari nziza ku buzima bwabo. None koko […]
Ihinduka ry’umubiri w’umuyabaga n’umukangara : ko ibibazo ari vyinshi inyishu zoba izihe ?
Igihe c’ubuyabaga n’ubukangara ni igihe kidasanzwe mu buzima bw’umuntu. Ni igihe hahinduka vyinshi ku mubiri no mu nyifato, kikaba gishobora no gutera ubwoba abatari bake bagishika muri iyo myaka. None vy’ukuri vyari bikwiye kubatera ubwoba ?
Ibitaro “Roi Khaled” ku myaka 36 : “ubusaza bunyaga ubugabo”
Ku wa 7 Munyonyo, ni ho ibitaro nderabavuzi vyo mu Kamenge (CHU de Kamenge) bizwi kw’izina “Roi Khaled” vy’i Bujumbura vyakwiza neza na neza imyaka 36. Uhereye ku burambe ugashitsa ku kanovera k’ubuvuzi buhatangirwa, ubanje guca ku gikorwa nderabavuzi, ng’ibi […]
Inyifato zine dukwiye guhindura ku neza y’umutima wacu
Mu kwezi guheze, harahimbajwe umusi mpuzamakungu wahariwe umutima. Mu gihe indwara z’umutima ziri mu zigisibije ngaha mu Burundi, hari inyifato kenshi womengo irasanzwe kubera kutamenya canke tukavyirengagiza, ariko ari inkwezi y’amarere. Umwanditsi, akaba n’umuganga Franck Arnaud Ndorukwigira azifatirako mu kuducira […]