Abantu benshi bihereza inzoga zambiye biyumvira ko ata sukari irimwo. Ni naho bakunze gutera ubwoba abanywa amafanta bababwira ko amagara yabo ashobora kubangamirwa kubera ifanta irimwo isukari. Ukwo kukaba ari ukwihenda cane nk’uko uyu mwanditsi abiducira ku mayange mu ntahe […]
Amagara
Kayanza : Umuvuduko wo kwandura indwara ya Marariya uteye ubwoba
Nk’uko biri no mu zindi ntara z’igihugu, indwara ya Marariya yananiranye mu ntara ya Kayanza. Ibiharuro vy’abatorwa umugera w’iyo ndwara birateye ubwoba. Abegwa n’amagara y’abantu, eka mbere n’abanyagihugu bikaba bibahagaritse umutima. Nk’uko ibiharuro bitangwa n’ibiro vy’intara y’ubuvuzi ya Kayanza […]
“Yariye ishano”: ijambo rigisibije mu gisagara ca Bujumbura
Muri ino misi, baba abatunzi canke abakene, abize n’abatize, abakuze n’abato, ikintu co kurya canke guhabwa ishano cabaye ururirimbo mu kanwa k’abanyagisagara. Wumva ngo kanaka yarivuje barabura indwara afise birangira basanze yariye ishano. None vy’ukuri ivyo bivugwa biva kuki ? […]
Urucanco rwa kanseri y’ubwinjiriro bw’igitereko: uburenganzira bwa bose
Indwara ya Kanseri yo mu bwinjiriro bw’igitereko iragisibije kw’isi yose, n’Uburundi budasigaye inyuma. Naho biri uko, irafise urucanco ruhabwa abagabo n’abagore, mbere n’abakobwa n’abahungu, kandi iravugwa igakira.
Urugamba rwo kurwanya Koronavirisi si urw’abajejwe umutekano gusa !
Twihweje inyifato ziranga abatari bake mu mihingo itandukanye y’igihugu, urabona ko hari abataratahura akamaro ko gukurikiza ingingo zo kwikingira ikiza Koronavirisi. Bigira ba sindabibazwa mu rugamba rwo kurwanya ikiza. Siko vyari bikwiye kumera.
Covid-19 : ibi bibanza bishobora kuduhonya ni tutiyubara
Naho abantu basa n’abadebukiwe mu gukurikiza inyifato zibuza kwandura umugera wa Covid-19, ico kiza ntaho caroye. Narirya “uwutosora ifuku agumiza akatsi mu jisho ryayo”, ntawohengeshanya gusemerera kugira Abarundi bagume bikingira. Turabire hamwe ibibanza bibiri ababijamwo n’ababikoreramwo bakwiye kwiyubara gusumba.
“Gushirako inzara, kwagurira inzira umwana, …” : imigenzo ihohotera abakenyezi bibungenze
Isi yose iherutse mw’isekeza ry’imisi 16 yo kwiyamiriza amabi akorerwa abakenyezi. Ayo mabi na yo avugwa, ari kwinshi. Hari n’ayo dukora tutayazi. Muri ayo, harimwo imigenzo ibiri itagira ishingiro iri mu mico y’Abarundi ihohotera abakenyezi bibungenze dukwiye guheba.
Kwibarutsa umuvyeyi : ingendo zine dukwiye guheba
Iyo umuvyeyi yibarutse, umuryango, ababanyi n’abagenzi barakurakuranwa kumwibarutsa. Hariho ibintu bine bikunda gukorwa nk’ibisanzwe muri uwo mugirwa mwiza, ariko bishobora kuba inkwezi y’amarere, ku buryo dukwiye dukwiye kuvavanura na vyo.
Ubuyabaga n’ubukangara : inyifato ibereye ku rwaruka rudashimishwa n’uko rumeze
“ Kudashimishwa n’uko umuntu ameze !” Aha benshi bokwibaza bati : “Ivyo birabaho ?” Egome cane birabaho kandi biraraje ishinga abatari bake, na canecane abayabaga n’abakangara. Bibatuma batuntura ku mutima, bakiyanka, bakanagira inyifato zitari nziza ku buzima bwabo. None koko […]