Mu rukundo, umusore n’inkumi bapfunditse ijambo, ariko ntibikunde ko bubakana, baca bitana aba “ex”. Mu Kirundi kosigurwa ngo « uwahoze ari… » Igitangaje, bamaze guhebana, hari aho uca usanga bazirana urunuka. Bishitse hakagira abaguma ari abagenzi bisanzwe usanga bitangaza benshi. Ni na […]
Urukundo
Mwari muzi igituma kuresha abaswahilikazi bitoroha ?
Buyenzi si zone irangwamwo amagaraje n’abakanishi gusa. Irangwamwo n’abakobwa b’isuku cane kandi bezabeza bambara bakikwiza, harimwo benshi b’abayisiramu usanga bitwikiriye. No mu yandi makaritiye n’amazone y’abaswahili niko kw’uko. None biroroshe ko abasore babaturukira kugira babareshe, bahakure ubumwe bujana ku bugeni ? […]
Intahe : “Hagati y’umukunzi n’ubusugi ntakaze iki ?”
Si imisi yose abakundanye bama bahuza. Ukudahuza mu rukundo ni ikintu gikuba nk’imvura. Nk’akarorero, ni iyo hageze ivy’uko umwe mu bakundanye ashaka kugira imibonano mpuzabitsina uwundi na we yafashe ingingo yo kurindira gushika yubatse. Biba amananiza nk’uko vyashikiye Gloria* na […]
“Kunyongera abagabo” : ng’ibi ivyo niboneye n’insiguro nahawe n’uwuvyigisha
Mwoba mumaze kwumva ko abigeme baja kwiga kunyongera abagabo mu ma karitiye amwe amwe mu gisagara ca Bujumbura. Bavyitwa kandi “kwarika” canke “kwubaka”. Uwo mugirwa uvugwako vyinshi cane. None ivy’ukuri ni ibihe ? Uno mwanditsi yahisemwo kwishikira aho bene ivyo […]
Hoba hari akamaro ko “gupfuhira” uwo mwubakanye ?
“Gupfuha”, ni bimwe mu bishikira abubakanye mu buzima bwabo. Hari abavuga ko vyoba biva ku rukundo rwinshi, abandi na bo bakabona ko vyoba biva ku bindi. Turabe hamwe ico abantu batandukanye babivugako.
Tahura muri make urukundo rw’ukuri urwo ari rwo
Birashika, urwaruka rukagwa mu mutego w’abigira ngo barakundana, bakaja gutahura, amazi yarenze inkombe, ko uwo bihebeye yishakira ibindi. Urwaruka rukwiye kwama rwiyubara, rukamenya gutandukanya urukundo rw’ukuri hamwe n’urwuzuye uburyarya. Muti bobimenya bate ?
Ibintu 5 wokwirinda kugira ugwize amahirwe yo kuronka urukundo rw’ukuri
Baba ab’igitsina gabo canke ab’igitsina gore, abato n’abakuze, abatunzi n’abakene, abakomeye n’abarwaye, mu butandukane bwabo, bose barakeneye urukundo nk’uko bivugwa n’umuhinga Alexandre Cormont. Nawe ukaba urukeneye kandi rw’ukuri, uririnda ibi bintu bitanu.
Waramuhemukiye arabimenya : ng’uku uko mwosubiza hamwe
Kurenga ibigo, guca inyuma umukunzi, kumuvanga, “kumucamwo”, … guhemukira umukunzi vyitwa amazina menshi kandi bigakorwa kwinshi. Imvo zibituma na zo nyene zikaba ari umurengera. Iyo uwahemukiwe abimenye, biramugora kuvyihanganira, no gusubiza hamwe bigaheza ntivyorohe. Ng’izi inyifato 9 wogira kugira musubize […]
“ Ng’uku uko natandukanye n’uwo nakunze ampora kutamushira kuri “status”: intahe
Ni agaharawe. Abakundanye benshi barifotozanya, bagaca basanzaza ayo masanamu yabo ku mbuga koraniro zitandukanye. Iyo bompi babihurijeko, biba ari amata avyaye amavuta ; ariko na ho iyo batabihurizako, biba nabi cane nk’uko vyagendeye Sandra* na Billy*. Intahe.