Kurenga ibigo canke gucamwo uwo mukundana ni ukutubahiriza amasezerano muba mwagiraniye igihe mwiyemeza gukundana urutagira agatosi. Ukuvangana, ni uguhemukira uwo mukundana canke kurenga ibigo. Icitonderwa.
Urukundo
Ibanga ry’abubatse: “umugabo wanje ntaco agishoboye; ngire nte?”
Ibanga ry’abubatse hagati y’abashinze umuryango ni “karahara mu ruganda, ntibacura”. Alice*, umukenyezi w’imyaka 29, yabonye umugabo wiwe agira isanganya, afatwa n’ubumuga, ntiyaba agishobora kurangura amabanga y’abubatse. Ubu rero ngo ivy’urugo biramunaniye.
« Twoba abagenzi tudasangiye ibitsina, ntitubihuze ? »: birashoboka, ariko…
Mu mpera z’ukwezi kwa Mukakaro, runo rubuga rwaradusangije inkuru ya Akeza Martine, umwigeme yisanze ariko asabwa kuryamana n’umusore, kandi we yari azi ko bafitaniye ubugenzi budashika iyo. Ni ikibazo c’abatari bake. Hari abahinga bagikozeko ivyigwa, ari vyo tubashikiriza hano, nk’inyishu […]
Kuki bitaboneka neza iyo umuhungu mugufi akundanye n’umukobwa muremure ?
Ivyigwa bimaze kugirwa ahatandukanye kw’isi vyasanze umugabo ari we muremure kurusha umugore wiwe ku bice birenga 90% vy’abubakanye. N’aha iwacu turabibonesha ijisho. None vyoba biva kuki ? Umuhungu mugufi yikundaniye n’umukobwa muremure ni iciro ry’umugani ? Imvo n’imvano.
Ingene ugukundana vyatwirukanishije kw’ishure
Gucungwa, gukurwa amanota y’indero, kwugaranwa, …. ng’ivyo bimwe mu vyo abanyeshure baba mu ndaro mu mashure yisumbuye babayemwo. Ariko hari abarega kuri izo nzitizi zose bakinjira mu rukundo, n’aho biba bigoye. Na rirya abo banyeshure baba bari mu myaka y’ubuyabaga, […]
Umuhungu n’umukobwa batavukana, nta bugenzi butarimwo guhuza ibitsina bushoboka ?
Ico kibazo kiri mu mitima y’abakobwa benshi. Bamwe ni kubera bamaze kugwa mu kaga k’ugukomerekera mu bugenzi bw’uburyarya, abandi kubera ukumva inkuru z’incamugongo, bakabura ico bari bufate n’ico bari bureke ; bakisanga mu mibonano mpuzabitsina batashatse. Ni kwo gufatwa ku nguvu. […]
Ibintu bitanu vyofasha abari kure na kure bagumana urukundo rutotahaye
Kuba mu rukundo ni ikintu kigoye. Ukudatahurana, ishari, ukwikunda n’ukuntu umwe mu bakundanye vyanka ko afata ingingo, ni bimwe mu bihanga abakundana. Hajemwo ko umwe ari ku mpinga hoho biba vyunyutse. None umuntu yobikika gute, mu gihe akundana n’uwuri i […]
«Umukunzi wawe arakuvanga?»: ng’uku uko wovyifatamwo
Hakaba hari ikintu kibabaza umutima, ni ukumenya ko umukunzi wawe akuvanga. Ukibimenya, urabura ico ufata n’ico ureka ; amaraso agahagarara. Ku ruhande rumwe, wumva wohagarikira aho nyene ivyo gukundana na we, ariko wibuka ibihe vyiza mwabanye musangira umunezero, bikakwanka mu […]
Indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka : ng’uku uko mwozivuganako n’umukunzi
Kuganira ibijanye n’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka ni ikintu gikomeye cane ku bafashe ingingo yo gukundana. Iyo hari uwumva hari akatameze neza mu magara yiwe, ni vyiza ko abibwira umukunzi wiwe. Muti vyogenda gute ?