Ukwubakana hagati y’abadasangiye urukoba kuribonekeza mu Burundi. Mugabo, urwo rukundo ntirumenyerewe cane, ku buryo rubonwa ukundi mu miryango no mu kibano. Ng’iyi intahe ya Jeannette Irakoze*, Umurundikazi aheruka kwubakana n’Umuzungu. Uko vyatanguye n’uko vyabandanije.
Urukundo
Mbega ubwoko bufise ikibanza ikihe mu rukundo ?
Kuri bamwe, “nta bugeni bukwiye kuba hagati y’abadasangiye ubwoko”, ku bandi, ngo « ivyo biragahera ». None mwe n’izo mpari ziterwa n’iki ? Zizohezwa n’iki ? Mbe hoho, ikibanza c’ubwoko mu rukundo gitegerezwa kuba ikihe ? Reka tubiyage.
Kurenga ibigo canke gucamwo uwo mukundana : inkwezi y’amarere
Kurenga ibigo canke gucamwo uwo mukundana ni ukutubahiriza amasezerano muba mwagiraniye igihe mwiyemeza gukundana urutagira agatosi. Ukuvangana, ni uguhemukira uwo mukundana canke kurenga ibigo. Icitonderwa.
Ibanga ry’abubatse: “umugabo wanje ntaco agishoboye; ngire nte?”
Ibanga ry’abubatse hagati y’abashinze umuryango ni “karahara mu ruganda, ntibacura”. Alice*, umukenyezi w’imyaka 29, yabonye umugabo wiwe agira isanganya, afatwa n’ubumuga, ntiyaba agishobora kurangura amabanga y’abubatse. Ubu rero ngo ivy’urugo biramunaniye.
« Twoba abagenzi tudasangiye ibitsina, ntitubihuze ? »: birashoboka, ariko…
Mu mpera z’ukwezi kwa Mukakaro, runo rubuga rwaradusangije inkuru ya Akeza Martine, umwigeme yisanze ariko asabwa kuryamana n’umusore, kandi we yari azi ko bafitaniye ubugenzi budashika iyo. Ni ikibazo c’abatari bake. Hari abahinga bagikozeko ivyigwa, ari vyo tubashikiriza hano, nk’inyishu […]
Kuki bitaboneka neza iyo umuhungu mugufi akundanye n’umukobwa muremure ?
Ivyigwa bimaze kugirwa ahatandukanye kw’isi vyasanze umugabo ari we muremure kurusha umugore wiwe ku bice birenga 90% vy’abubakanye. N’aha iwacu turabibonesha ijisho. None vyoba biva kuki ? Umuhungu mugufi yikundaniye n’umukobwa muremure ni iciro ry’umugani ? Imvo n’imvano.
Ingene ugukundana vyatwirukanishije kw’ishure
Gucungwa, gukurwa amanota y’indero, kwugaranwa, …. ng’ivyo bimwe mu vyo abanyeshure baba mu ndaro mu mashure yisumbuye babayemwo. Ariko hari abarega kuri izo nzitizi zose bakinjira mu rukundo, n’aho biba bigoye. Na rirya abo banyeshure baba bari mu myaka y’ubuyabaga, […]
Umuhungu n’umukobwa batavukana, nta bugenzi butarimwo guhuza ibitsina bushoboka ?
Ico kibazo kiri mu mitima y’abakobwa benshi. Bamwe ni kubera bamaze kugwa mu kaga k’ugukomerekera mu bugenzi bw’uburyarya, abandi kubera ukumva inkuru z’incamugongo, bakabura ico bari bufate n’ico bari bureke ; bakisanga mu mibonano mpuzabitsina batashatse. Ni kwo gufatwa ku nguvu. […]
Ibintu bitanu vyofasha abari kure na kure bagumana urukundo rutotahaye
Kuba mu rukundo ni ikintu kigoye. Ukudatahurana, ishari, ukwikunda n’ukuntu umwe mu bakundanye vyanka ko afata ingingo, ni bimwe mu bihanga abakundana. Hajemwo ko umwe ari ku mpinga hoho biba vyunyutse. None umuntu yobikika gute, mu gihe akundana n’uwuri i […]