Mwoba mumaze kwumva ko abigeme baja kwiga kunyongera abagabo mu ma karitiye amwe amwe mu gisagara ca Bujumbura. Bavyitwa kandi “kwarika” canke “kwubaka”. Uwo mugirwa uvugwako vyinshi cane. None ivy’ukuri ni ibihe ? Uno mwanditsi yahisemwo kwishikira aho bene ivyo vyigwa bitangirwa. Muri kino gisomwa, aratugira ku muriri.
Mu gisagara ca Bujumbura, amakaritiye batangiramwo ubwo bumenyi si imwe si zibiri, ariko ahari ababirambiyemwo ni mu Buyenzi, nk’uko vyemezwa na Mariam *, umwe mu bavyigisha.
Mu kirundi gike cane ashobora kuvuga, uwo mukenyezi w’inararibonye muri uwo mwuga akagira ati: “Bamwe bavyigisha kubera amaronko, ariko twebwe tuvyigisha kugira dufashe abantu kugira ingo zabo zibe nziza. Twigisha umugore n’umugabo kugira urugo ruzima. Bituma umugore ashimisha umushingantahe wiwe, umugabo na we uko nyene.”
Uko namuronse
Maze kubaza abagenzi basanzwe bamenyereye ikaritiye ya Buyenzi, barandangiye amabarabara amwe amwe ivyo vyigwa bitangirwamwo.
Maze kuhashika, kubaza ico kintu ntivyoroshe. Ariko bari bambwiye bati umunyabuyenzi ubanza kumuramutsa neza imbere ya vyose ahandi ho ntaco bagufasha. Ntivyatevye, umuvyeyi nabajije ubwa mbere yashotse ahanyereka.
Akimbona, Mariam yanyakiriye neza cane. Aragaragaza ubugwaneza. Ndavuga ikingenza. Naho bitoroshe ko anyemerera ko nkurikirana ivyo vyigwa nk’umumenyeshamakuru, yaranyigoreye.
Ivyigwa bitangwa bimara imisi iri hagati y’itatu n’ine, bigatwara amafranga ari hagati y’ibihumbi 70 n’ijana. Mariam ati : » Twigisha abakenyezi kwubaka, tubigisha kunyonga, ariko si vyo vyonyene. »
Ivyigwa nyezina
Umusi wa mbere, aho bari mu nzu nto mugab ishajije cane imbere ikayangana, bicaye ku mukeka wo mw’ihinguriro (tapis), Mariam arigisha uko bambara muhira. Hari abantu bane mugabo ariko yigisha uwa mbere. Ngo ni ukwambara impuzu zoroshe, zituma umugabo akwifuza. Aranigisha uko wakira umugabo atashe, avuye ku mirimo, ugashusha amazi yo kwiyuhagira, ukamufasha kwambura ibirato ukamuha ikaze umwenyura. Arigisha gusasa, eka mbere no kugira isuku ry’umubiri.
Umusi wa kabiri wagenewe icigwa co kugira imibonano nyezina. Uwiga aba yambaye igitambara mu mutwe, ikindi mu gikiriza, ikanga izingiye mu kiyunguyungu kurya kw’agahuzu ko munsi, baramwereka uburyo bwinshi bifata mu buriri (positions mu gifaransa). Baranamwereka uko abigenza kugira umugabo aryoherwe.
Umusi wa gatatu, uwiga yambaye kwakundi nyene yiga kwinyiganyiza ikiyunguyungu ariko ajana n’umuziki. Hariko haravuga indirimbo, Mariam aguma yibutsa uwiga ati, « Ntibanyarutsa kandi ntibagenda bukebuke, bagumya akarindi kamwe. »
Haratangwa n’imiti kama
Naho nyene atashimye kutubwira ibigize iyo miti, Mariam aremeza ko batanga imiti, nk’uko abivuga, ifasha abakenyezi kurangura amabanga neza. Nk’uko avugana umutima ukeye, n’ubwitonzi bwinshi, yaratomoye ati: « Abamenya kare, ku musi wa gatatu baba bamenye, ariko hariho abo bisaba ko agaruka n’umusi wa kane, n’uwa gatanu. Ku bavyifuza, turabaha n’umuti dukora ngaha wo kworosha mu mugongo kugira ‘anyonge’ neza bimworoheye.” Uwo mupfasoni yemeza ko batanga n’umuti ufasha ku bijanye n’imero y’ibihimba vy’irondoka.
*: izina ryahinduwe
Ivyo umuntu abnje kwiga ntibiryoh NK ivyo yaremanywe
uyo mugirwa ni sawa nimba koko utanga umusaruro wipfuzwa hagati yabubakanye.
Vizuri sana
Nivyo kweli birafasha murugo
Interessant.Muraja kutubariza n abanyarwandakazi iyo bakura arya mazi
Arya mazi umugore wese aba ayafise mu mubiri, igikenewe ni ugufashanya n’uwo mwubakanye kugira ashobore kuza. Ivyo mvuze ni ivyo nzi si ivyo niyumvira gusa.
C’est très utile parce que la vie se trouve dans le foyer.il faut continuer à enseigner les autres juenes du pays.
Nivyiza cane iyo bavyumva kumwe umugabo numugore
Vraiment article est intéressant kubera ko actuellement ingo zirasambuka kubera gucana inyuma biterwa nokutaryoheranira mu buriri.
Ibintu ndumv n saw kwl
Ingo nyinshi zrasambutse kubera ubumenyi buke bwo mugitanda.. Nabigishe bamenye uko babigenza
Vyose ni mumutwe ,kuki abaswahiri barongora benshi kandi wumva baja kubaka bazi kunyonga ,wanyonga wareka mumutwe bidapanze neza murukundo ni kwakundi
interessant
Ico numva n’uko hakenew icigwa ku rwego rw’igihugu harya bigisha abagomba kwubakana, bakagikurikirana kuburyo baja mu ma pratique bafise ubumenyi buhagije kuri vyose.
abantu bavyigisha bakwiye kuronka ubushimwe ahubwo.kandi nuwipfuza wese kuvyiga akumva ko arikintu gisanzwe kidatey isoni nagato
Birahimbaye,ese bose bovyigishwa,hobimbumbarugo
Bigishe aberekanye urupapuro rwuko bagiye kurushinga mukiringo gitangwa na leta
Nimuduhe adresse tuje kuvyiga
kuvyiga ni kimwe ariko nukuraba ko bavyigisha abubatse batavyigisha abaja gusambura ingo zabandi bien sur
Thème intéressant.Mais je crains que ces médicaments pour rendre souple le corps peuvent présenter des effets secondaires pour l’individus en soit!
Imana ibahezagire kunyigisho mutanga
Kubwanje iki cirwa ni ciza cane mugihe umugabo n’umugore Bose bavyumva kumwe ahubwo muzohishikane ni muzindi ntara
egokwel bandany mutanga nizindimpanuro murakoz nanj biranezerey pe
murakoze cane
Duhe contact, ico twibariza
Commentaire * Ukuri nyigisho nkizo zirakenewe mungonyishi kuko beshibatazi uko bokwifata mungozabo
Muradutohoreza kubijanye no gukora amabanga mpuzabitsina akanya isase nimba hari imiti kama ibivura.
NIMWIRATE KOMWAMENYIMANA MWIRATA IVYISI. MUMENY KOBIHINDA BIHERA
Jw mbna abant besh umenga ntamaz bafis kuk mbna babomba gsa ntayamenek nkukunyar mbona.mwongirinama uk nzoj ndabgenza
MUDUHA AMAKU MASHA AGEZWEHO