article comment count is: 30

“Kunyongera abagabo” : ng’ibi ivyo niboneye n’insiguro nahawe n’uwuvyigisha

Mwoba mumaze kwumva ko abigeme baja kwiga kunyongera abagabo mu ma karitiye amwe amwe mu gisagara ca Bujumbura. Bavyitwa kandi “kwarika” canke “kwubaka”. Uwo mugirwa uvugwako  vyinshi cane. None ivy’ukuri ni ibihe ? Uno mwanditsi yahisemwo kwishikira aho bene ivyo vyigwa bitangirwa. Muri kino gisomwa, aratugira ku muriri. 

Mu gisagara ca Bujumbura, amakaritiye batangiramwo ubwo bumenyi si imwe si zibiri, ariko ahari ababirambiyemwo ni mu Buyenzi, nk’uko vyemezwa na Mariam *, umwe mu bavyigisha. 

Mu kirundi gike cane ashobora kuvuga, uwo mukenyezi w’inararibonye muri uwo mwuga akagira ati: “Bamwe bavyigisha kubera amaronko, ariko twebwe tuvyigisha kugira dufashe abantu kugira ingo zabo zibe nziza. Twigisha umugore n’umugabo kugira urugo ruzima. Bituma umugore ashimisha umushingantahe wiwe, umugabo na we uko nyene.” 

Uko namuronse

Maze kubaza abagenzi basanzwe bamenyereye ikaritiye ya Buyenzi, barandangiye amabarabara amwe amwe ivyo vyigwa bitangirwamwo.

Maze kuhashika, kubaza ico kintu ntivyoroshe. Ariko bari bambwiye bati umunyabuyenzi ubanza kumuramutsa neza imbere ya vyose ahandi ho ntaco bagufasha. Ntivyatevye, umuvyeyi nabajije ubwa mbere yashotse ahanyereka.

Akimbona, Mariam yanyakiriye neza cane. Aragaragaza ubugwaneza. Ndavuga ikingenza. Naho bitoroshe ko anyemerera ko nkurikirana ivyo vyigwa nk’umumenyeshamakuru, yaranyigoreye. 

Ivyigwa bitangwa bimara imisi iri hagati y’itatu n’ine, bigatwara amafranga ari hagati y’ibihumbi 70 n’ijana. Mariam ati :  » Twigisha abakenyezi kwubaka, tubigisha kunyonga, ariko si vyo vyonyene. »

Ivyigwa nyezina

Umusi wa mbere, aho bari mu nzu nto mugab ishajije cane imbere ikayangana, bicaye ku mukeka wo mw’ihinguriro (tapis), Mariam arigisha uko bambara muhira. Hari abantu bane mugabo ariko yigisha uwa mbere. Ngo ni ukwambara impuzu zoroshe, zituma umugabo akwifuza. Aranigisha uko wakira umugabo atashe, avuye ku mirimo, ugashusha amazi yo kwiyuhagira, ukamufasha kwambura ibirato ukamuha ikaze umwenyura. Arigisha gusasa, eka mbere no kugira isuku ry’umubiri.

Umusi wa kabiri wagenewe icigwa co kugira imibonano nyezina. Uwiga aba yambaye igitambara mu mutwe, ikindi mu gikiriza, ikanga izingiye mu kiyunguyungu kurya kw’agahuzu ko munsi, baramwereka uburyo bwinshi bifata mu buriri (positions mu gifaransa). Baranamwereka uko abigenza kugira umugabo aryoherwe.

Umusi wa gatatu, uwiga yambaye kwakundi nyene yiga kwinyiganyiza ikiyunguyungu ariko ajana n’umuziki. Hariko haravuga indirimbo, Mariam aguma yibutsa uwiga ati, « Ntibanyarutsa kandi ntibagenda bukebuke, bagumya akarindi kamwe. »

Haratangwa n’imiti kama

Naho nyene atashimye kutubwira ibigize iyo miti, Mariam aremeza ko batanga imiti, nk’uko abivuga, ifasha abakenyezi kurangura amabanga neza. Nk’uko avugana umutima ukeye, n’ubwitonzi bwinshi, yaratomoye ati: « Abamenya kare, ku musi wa gatatu baba bamenye, ariko hariho abo bisaba ko agaruka n’umusi wa kane, n’uwa gatanu. Ku bavyifuza, turabaha n’umuti dukora ngaha wo kworosha mu mugongo kugira ‘anyonge’ neza bimworoheye.” Uwo mupfasoni yemeza ko batanga n’umuti ufasha ku bijanye n’imero y’ibihimba vy’irondoka. 

*: izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (30)

    1. Arya mazi umugore wese aba ayafise mu mubiri, igikenewe ni ugufashanya n’uwo mwubakanye kugira ashobore kuza. Ivyo mvuze ni ivyo nzi si ivyo niyumvira gusa.

    1. Vyose ni mumutwe ,kuki abaswahiri barongora benshi kandi wumva baja kubaka bazi kunyonga ,wanyonga wareka mumutwe bidapanze neza murukundo ni kwakundi

  1. Ico numva n’uko hakenew icigwa ku rwego rw’igihugu harya bigisha abagomba kwubakana, bakagikurikirana kuburyo baja mu ma pratique bafise ubumenyi buhagije kuri vyose.

  2. Thème intéressant.Mais je crains que ces médicaments pour rendre souple le corps peuvent présenter des effets secondaires pour l’individus en soit!