article comment count is: 2

Waramuhemukiye arabimenya : ng’uku uko mwosubiza hamwe

Kurenga ibigo, guca inyuma umukunzi, kumuvanga, “kumucamwo”, … guhemukira umukunzi vyitwa amazina menshi kandi bigakorwa kwinshi. Imvo zibituma na zo nyene zikaba ari umurengera. Iyo uwahemukiwe abimenye, biramugora kuvyihanganira, no gusubiza hamwe bigaheza ntivyorohe. Ng’izi inyifato 9 wogira kugira musubize hamwe bitagoranye.   

Si ivy’imbeshere, kurenga ibigo ni yo nkwezi y’amerere ku gusambuka kw’ingo nyinshi. Ariko iyo bishitse, birakunda ko abakundanye basubira bagasubiza hamwe. Bisaba ukwitanga kw’abakundanye, ariko na canecane uwitanga kuruta akaba ari nyene guhemuka. Inyifato zibifasha zikaba ari izi zikurikira.

Kwemera ikosa

Vyamaze kugaragara ko wahemukiye umukunzi wawe, ntugerageze kwisigura uvuga ibitagira mvura, n’ibinyoma ushirako. Ee mama ngo ni uwundi yaguhenze abigukwegeramwo utabishaka. Ivyo nta kintu bigufasha na kimwe. Ntubifate nk’ibisanzwe. Nyabuna, emera ikosa. Umenye ko wahemutse ku ryo wiyemereye na we nyene abone ko wemeye ko wakosheje.

Ganira n’umukunzi wawe

Umukunzi wawe amaze kumenya ko wamuhemukiye, bitakiri mu ntamatama, nta kindi aba akeneye atari ukumenya icabitumye, ingene vyagushikiye ukabikora, eka aba afise ibibazo vyinshi ashaka kuronkera inyishu. Impanuro ngenderwako ng’aha, ntuhirahire ngo ugerageze kumunyegeza ibintu na bimwe. Muhe inyishu nziza ku bibazo vyose akubajije, ariko wiyubare ntumukomeretse. Ibi biragufasha ko asubira akakwizera, ikaba ari yo nzira y’uko musubiza hamwe.

Vavanura n’uwo mwakoranye iryo kosa

Ikintu woherako, kandi gikomeye cane, ni ukuvana n’uwo mwakoranye iryo kosa. Biragoye kwemeza ko budaca ngo usubire, mu gihe uguma uri kumwe, utemberana kandi ugendana n’umwe mwabikorana. N’umukunzi wawe ntazovyemera n’aho wobimubwira gute. Icogufasha rero, ni uko mwovana nawe bigaragara.

Gutahurana

Uwumvise ko yahemukiwe agira inyifato zitandukanye. Wewe rero wahemutse witegurire gutahura iyo nyifato y’uwo wahemukiye. Ashobora gushavura, gutukana, kurira, kumenagura ibintu, kwomoka agata urugo, … ivyo vyose ni ukuvyakira kandi ukamutahura narirya aba ari we wabiteye.

Vyukiriza urukundo 

Umuntu yahemukiwe n’umukunzi akamuvanga usanga atacumva ko afise agaciro, ugasanga aribaza ko uwundi atakimushaka kandi atakimukunda. Kugira ngo usukemwo mabisi, gerageza rero umwereke ko umufise ku mutima kurusha, kandi umugaragarize urukundo n’akanyota ufitiye urukundo rwanyu. 

Korera vyose mu muco 

Umukunzi wawe amaze kubona ko wigaruye, ni vyiza ko uza uramubwira ivyo urimwo, mu kiringo gito wanashaka. Aha umenye neza ko atari kuza uramuha icegeranyo c’ivyo urimwo uko umunota uheze, mugabo umenye ko bukebuke azoba yamaze kugarukana icizere, bigatuma vyoroha ko musubiza hamwe. 

Heba icatumye umucamwo 

Urasanga mbere bigoye kuvyigira kure, mugabo igihambaye ni ukudasubira mu vyagutumye umuhemukira. Nimba vyabaye wasohotse, gerageza muje murasohokana n’uwo mukunzi wawe, umare igihe ubigira uko, imbere y’uko usubira kwigendana. 

Ihangane kandi ntudebukirwe 

Gusubira kwizerwa n’umukunzi waramuhemukiye si amananiza, mugabo umenye ko bishobora kumara igihe kinini. Nimba ushaka vy’ukuri ko mugumana, utegerezwa kugumizako. Kandi muganire n’uwo mukunzi, ikintu mwogira. 

Iture ababafasha 

Nimba mushaka gusubira mu rukundo rwuzuye, nk’uko vyahora, canke nimba mubona ingorane yatumye umwe ahemukira uwundi, mukaba mushaka kubitorera umuti, uburyo bwiza ni ukwitura abahinga mu vy’inyifato banonosoye ivyo gufasha ingo n’abakundana. Ivyo bizobatuma gushira ibintu mu buryo neza kandi muce mwibanira nk’uko muvyipfuza.

MN (Menya Neza): Izi mpanuro zasaruwe ku rubuga Doctissimo, aho mushobora kuvyisomera mu rurimi rw’igifaransa.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)