article comment count is: 17

Intahe : “Hagati y’umukunzi n’ubusugi ntakaze iki ?”

Si imisi yose abakundanye bama bahuza. Ukudahuza mu rukundo ni ikintu gikuba nk’imvura. Nk’akarorero, ni iyo hageze ivy’uko umwe mu bakundanye ashaka kugira imibonano mpuzabitsina uwundi na we yafashe ingingo yo kurindira gushika yubatse. Biba amananiza nk’uko  vyashikiye Gloria* na David*.

Haraciye umwaka David tumenyanye. Nk’uko benshi bashobora kubona umwigeme bakamwihendako, ngo yambona nsa n’abakobwa bahabona, aranshima arabimbwira ko yankunze. Ntivyatevye kabiri numva ndamwiyumvamwo cane nanje bivanye n’uko namuhaye umwanya ukwiye kandi akaba ari umusore azi kuyaga neza, afise imico myiza, eka yari intore ku mutima no ku mubiri. 

Naranezerewe cane kuko nari ndonse umusore andutira benshi mu bo noba narigeze gukunda tukanagendana.

Ukudahuza

Tumaranye amezi abiri, David yatanguye kunsaba ko tworyamana, ndamubwira ko hataragera. Yabifashe nk’inkuru aguma abandanya, ndateba ndabona ko abikeneye koko. Ku bwanje numva hataragera. 

Naratevye mfata ingingo yo kumuhishuka ko nkiri isugi kandi ko ntipfuza kubikora uwo mwanya yabishakirako. Yarandetse, ariko muri we ngo ntiyizera cane ko noba nshikanye imyaka 27, ndi umwigeme w’umunya Bujumbura nkaba ntigeze ndyamana n’umuhungu n’umwe. Yibaza ko ndiko ndamwiyorobekako.

Mu nyuma yahavuye anyizera aravyemera, anyemerera kundindira gushika igihe nzobona ko hageze.

Ndazazaniwe

Naho yemeye kundindira, ntihabura aho abicishamwo akambaza ati : “Mbega wa musi ni ryari ?” Nanje vy’ukuri nkumva ndamutahura ariko umutima wanje ukanyibutsa ko hataragera nkumva biranse. 

Umwanya umwe ndiyumvira ko novyemera bikaba ku bw’umukunzi wanje. Uwundi mwanya nibutse ibihe naciyemwo bindi bitari vyoroshe mu buzima nkihangana, nkumva biranse kuko naririnze uko bishoboka kandi birankundira. 

Kubera ivyo, numva umengo umuhungu ansanze ngeze muri iyo myaka narizigamye, yategerezwa kunyihanganira gushika dushinze urwacu. None nkenyere ntore ibintu ntakoze mu buyabaga ndabikore ubu ngeze kuja mu rugo ? 

David ndamukunda cane kandi naramusezeraniye ko ata wundi ndindiriye atari we, kandi azondonka mu gihe yemeye kunyihanganira gato akampa umwanya. Ariko inyuma y’umwaka yihanganye, mfise ubwoba ko nshobora guhebwa n’umukunzi wanje mu gihe ndamugumije mu muhango udashika. Nkibaza ico nkwiye guheba hagati y’ivyo bintu bibiri.

Ikiyago na ntaryo

Ivyo bibazo Gloria na David bariko baracamwo bihanze benshi mu bakundanye. Hari abihangana, abatahurana, abashigikirana mu ngingo umwe n’uwundi yafashe, ariko kandi hari n’abananirwa, bagakora ivyo batari bagamije. Abo kenshi bahereza kwicuza, canke ibintu bikagenda uko batabiziga. 

Mu bisanzwe, igihambaye muri ico gihe ni uko abo bakundanye bobandanya babiganira, bagatahurana. Gutyo, urukundo nyarwo rukama rushingiye ku guharanira mahoro mu mitima y’abikundaniye, atakugoberana.

* : amazina yahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (17)

  1. Ibi bihanze benshi cane muma couple afise vision yokubakana ariko abadafise vision yokubakana bo nibwo buzima babamwo!
    [Ntanarimwe uwukoze icaha c’ubusambanyi yigera yoroherwa Yaba umuhungu canke umukobwa kuko Bose ingaruka zirabashikako kubwivyo rero wewe ufise Kuba mumutima wawe waramaze kugenzura ukabona ibibazo biza kubera ico caha ubwo bwenge wakoresheje mukugenzura ntubute nagato ahubuo bukomeze ugume kungingo nziza wafashe!
    Kandi ico naco ngo guta ubusugi sinumva kwarico wogumako cane ahubuo woguma kwijambo rivuga kwihangana nukadakora ivyo vyica umutima numubiri!,none akabazo nibaza iyaba waramaze gusambana ukaba warafashe ingingo yokutongera kubisubira igihe wobaye urikumwe numusore wiyumvisemwo wociye ubisubira ngonikubera utinya ko yoguheba?
    Ikintu womenya ayomahoro wihaye mumutima wawe yagumane ntihagire ikiguhungabanya ngo uve kuvyo wiyemeje umugabo mwiza uzomuronka nawe akeneye abatameze nkuwo usange bikwongereje amahoro mumutima bibe amarame!

  2. Bonsoir…Si cette fille a pu tenir sa virginité jusk 27ans,qu’elle ne cède pas maintenant…Imagine la douleur qu’elle ressentirait une fois que son gars l’abandonnait après l’acte…Aussi si le mec veut vrt l’épouser,il devrait etre fier d’avoir trouvé une fille vierge et ne pas chercher à la dévierger…Si le mec l’aime vrt,il ne partira pas à cause de cela…

  3. Murico gihe ubony ko atoshobora kugum yihanganye nuko woca umusab mwubake, mugende kurush Inga imbere Y’Imana n’abantu hama akazoheza aronka ivyo yipfuza, but yanse on casse🤕 et la vie continue

  4. Ivyo knsh bibahoo kandi ntibishikr abkobwa bonyene
    Nabahung namw bamw bibaho
    Gux birabashkira
    Knd knd biratuma habaho kutizrana nka kera

  5. BIGIRIMANA Jean Claude
    Icokibazo gishikira aba jeunes benshi bari mu rukundo.Nk’uwize ivy’inyifato mu gihe umukobwa adashaka gutakaza ubusugi n’ingingo nziza cane kuko benshi barahemukigwa iyo bemereye abahungu bakundana ko baryamana imbere y’uko bashinga urwabo.Kwiyo cas nimba kuko David amukunda vy’ukuri narondere uburyo ategure mariage vuba n’umukunzi wiwe Gloria nizo mpanuro nomuha.

  6. Umuhungu nagume yihanganye niyaba akunda vyukuri uwo mukobwa.niyamuheba kubera ivyo azoba atamukunda yashaka kumu profita gusa

    1. Nimba yarashoboye kwihangana kugeza kuriyo myaka ntagumane iryo hangiro niryiza gose Hama uwo muhungu amukunda vyukuri azomwihanganira gushika bubatse rwabo ataruko naho namuhebe

      1. ICO NOTERERA KABONA UYUMUHUNGU AGUMA AMUSABA KOBORYAMANA NYAMUKOBWA AKABA ABONA HATARAGERA NAMUSABE BARUSHINGE VUBA HAMA ICOKIBAZO KIVE MUNZIRA.

  7. nimb vyukur david akund uwomukunzi wiw gloria narek kumugeragez amusab ivyamusab namutwar w reka sha w ugiriw amahgw yokuronk uwukir vierg abnd bagwakubo ngir nimbw zuriy icombona namutwar vyihus

  8. Twisuze bibiliya kirazira kurangura amabanga yabubatse bataragira mariage, nimba vyukuri uwo muhungu amunda niyangane nakare bayamaze ati ntahurya inzoka ngo ananirwe n’umurinzo. Ikindi nohanura babisengere bizongenda neza cane.

  9. Bnjr. Uwo mukobwa ntatinye gutakaza ubusugi gusa canke umukunzi ahubwo yongereko atinye gutakaza n’ubucuti bafitanye n’Imana kuko ingero y’icaha n’urupfu n’uwo muhungu koko nimba amukunda atar’intumwa ya satani kuriwe nibategure ubukwe babane baba bafise bike canke vyinshi Umugisha w’Imana Uratungisha kandi ntamubabaro Iwuvanga