article comment count is: 6

Umu “ex”: « Yambereye pfampfe ntiyoba nyagupfa »

Mu rukundo, umusore n’inkumi bapfunditse ijambo, ariko ntibikunde ko bubakana, baca bitana aba “ex”. Mu Kirundi kosigurwa ngo « uwahoze ari… » Igitangaje, bamaze guhebana, hari aho uca usanga bazirana urunuka. Bishitse hakagira abaguma ari abagenzi bisanzwe usanga bitangaza benshi. Ni na vyo vyatumye uyu mwanditsi adusabikaniriza intahe ya be na Cynthia*.

Eka da! Sinshobora gusiba uwo nahezagiye. Yaranyejeje agatima arakaramba. Umusi ambwira ati : « Ego », numvise umengo igisagara ca Bujumbura n’ibirimwo vyose ni je ndabigaba. Twarahura nkamuhobera, agatima kakera, naba ndushe nkumva ndaremye. Hagize ikimbabaza camubera umwitwarariko. 

Yarababara ngahakwa gutuntura. Yaramwenyura ngatwenga, yanezerwa ngatamba. Yaratsitara nkagwa. Yaraza kundamutsa canke tuvanye ahantu, tugisezeranye, yagenda imetero 20 tugatanganwa kwandika ngo : « Namaze kugumbura. » Ivya twe na Cynthia biragoye kubara.

Yarambariye amajambo y’inkoramutima, yarampanuye arampanuza. Yarampuje n’incuti n’abagenzi biwe. Eka na jewe nabigize uko. Narumva ko nkunze kandi nkunzwe. Twari  ku rugero rwo kuba “Pfampfe”, mugabo tukama tuvugana ko bishitse ntiturushinge tuzosubira kwibera abagenzi. Sindababesha yararahira akarengwa ko atacodutandukanya. 

Nagira ndishuwe

Nari mu mwaka wa gatatu muri kaminuza, aho benshi baca batangura kwiyumvira ivy’urugo. Umusi umwe turi mu nyigisho, hari umukobwa mwiza yahora arengana imisore ikamukwirikiza amaso. Uwo musi yari yicaye hirya yanje nko ku metero zitandatu. No mu kumuraba nariyiba, ngatereza akajisho, nongera nkwirikira ivyo batwigisha. 

Sinzi ikintu uwariko arigisha yavuze gitwengeje. Nja mbona umwana w’abigeme atwenze nanje ndatwenga duhuza amaso. Mugabo agatima ngo kwa ! Inyigisho ziheze, nagiye mbona dutahanye. Erega twagarutse kuri bimwe twatwenga muri ca kiganiro. Twagumye tuyaga duhuza. Bukeye twahanye amanomero ya terefone.

Aho rero nari maze igihe ndi ku mavi nsenga, ngo Imana ntizondeke nje ku wutari we. Muri wa mutima wanje, nagize nti kumbure iki ni ca kimenyetso. Nti ngirango ndishuwe.

« Kuva ubu uri ‘’chéri’’ wanje »

Twe na Cynthia twaramaze amezi tuganira duhuza. Aho uca ubona bwa butumwa bwo kw’iterefone : « Waramusutse gute ?….bzu jtm. Wafunguye ?…Bzu jtm. Ndakuryamitse…Bzu jtm. » Nihweje ivyo twarimwo, nta kindi nabona gisigaye atari ukurivuga. Jewe umwana w’abaki sinavuze ngo : « Ndakureheje », eka da !  Nikoze ku mayagwa ya data Burundi, ndarishikako.

Ico nibuka ni uko twamaze umwanya turabana mu maso. Ata wuvugisha uwundi. Ibitima biti : « Gi !Gi ! Gi ! Gi ! ». Ng’uwo aramvuye amaboko, angwako arampobera cane. Umutima wiwe waratera cane ukarengera igikiriza kiri hano ciwe gikirirutse, nkavyumva cane. Yangumyeko umwanya munini ndamuhobera. Imitima ididagizwa, ngize ntya numva Cynthia araturitse ararize, amosozi anshwara hose. 

Yararize arabogoza, nja numva arihanukiriye ati : « Kuva ubu uri ‘chéri’ wanje ». Numvise ninjiye iparadizo, iba ibaye intango y’umunezero ntari bwigere.

Twaravanye kandi ntitwankana

Ni uko urukundo rurabandanya. Abagenzi n’incuti ntibatevye kubimenya. Agira abagenzi benshi cane mu banje, nanje biba uko mu biwe. Ubona ko ata wuhisha itara ryaka mw’ijoro, muri vya bigo vya kaminuza bari batuzi. Tumarana igihe kirekire. 

Mugabo rero, ico utagenewe uba utakigenewe nyene. Vyarashitse turavana. Ico twapfuye, cari ikintu giteye amakenga adasobanutse ntarinze kuvuga. Tuba turabivuyemwo.

Icandyoheye, ntitwavyankaniye. N’ubu be n’abiwe turaramukanya. Twese turafise ingo  kandi abo twubakanye barabizi. Uwurwaje turasuhuzanya, uwabuze tukahashika. Eee ! Mugabo sindababeshe kirazira ko twijajara ngo duhane isango turi babiri gusa. Ivyo na vyo twaravyumvikanye.

Abantu benshi rero urasanga bazirana urunuka ngo ni uko bahebanye, sinobacira urubanza. Baba bafise ibituma. Ariko ku binyerekeye, sinumva aho vyoca ngo uwangiriye akamaro tube abansi. Ni vyo biravuna umutima, gusa mu gukundana, twokwama tuzi ko imbere y’uko umuntu akubera pfampfe aba ari akadasohoka. Reka basi mvuga nti : « Uwari ‘’chéri(e)”, vyari vyiza ko yoba “cher (chère)”, uw’agaciro koko. » 

: izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Niko vyategerezwa ariko nkuko yabivuze bivana nivyo mwapfuye knd bivana nukuntu mwitwaye mugihe mwese mugaye hakabura uwutangura uwundi biragenda akagirire ariko ikibi nuko wotangura kumuvugisha ugasanga sivyarimwo burya bikagutera gukomereka kuyindi ncuro niyompamvu benshi baca bankana burundu knd baba bankako haricohava kivyuka kuyindi ncuro new kubwanje ababandanije bahuza nobatera intege ariko ntihagire ico bonona ariko nkagaruka kubatakivugana ko naho batavugana batogiriranira nabi umwe wese ahari ntakipfurize uwundi inabi kuko nyene ntampamvu ndende ibituma bankana urunuka

    1. Burya ibintu vyinkundo nibintuu biyobeye binagoyr gutahurwa nubwenge bwumuntu wundi ….GT ? imvo zose zivana nibiganiro mwahora mugiranira mukiri mu rukundoo nukuntu mwahebanye…ibigambo vyakurikiye uguhebana …ndavuga agasuzuguroo ndavuga amajambo yandi ababaza umutima….nongaha murabona yase kutubwira ico bapfuyee…kd icatumye bbaandanya nuko ata nda yagiyemwo ngo habemwo kuvurugana…..donc ivyinkindo namayobera…

  2. Naje ndafise inkuru yangendeye uko nyene ariko n’ubu umwe avyaye kane nanje gatatu aba mu Rumonge nanje i Ngozi ariko n’ubu yagumye ari umugenzi kuko n’abo twubakanye barabizi turamze nonkuja kubaramutsa.
    Numva ata kamaro ko kutamukanya n’uwo mwakundanye vy’ukuri n’ukwiyakira ko arinishaka ry’Imana.
    Nkeka Imana iba yabonye ko amarangamutima mufitaniye mu rugo atogira aho abagejeje.
    Murakoze

  3. Muga rero bivana n’uko mwavanye.
    Kenshi muvanye amahoro mutasambanye niho bikunda ko muguma muri abagenzi kuko nta deni muba mufitaniye.
    Erega ubusambanyi n’ideni muba mugiririaniye ry’intahava?

  4. Yeeeh!!!! Mugenz Birababj Knd Cn Kwl Urumv Ah Nukwhangan Ahubw Nanj Mbaz Nagr Mukundany Vya Ukwel Igtey Amadidan Mugkemur Mur 2 Mwaciy Muhbn Namw Mwarabinyarukij Kwl!!!!