Buramatari wa Rumonge yarafashe ingingo yo guhagarika abapishi, haraciye imyaka ibiri. Hagati aho hari abakenyezi batari bake bari batunzwe n’uwo mwuga. Inyuma yo guhagarikwa, bagiye mu kangaratete, imiryango irasambuka nyabuna kubera kwinjiranwa n’ubukene.
Akazi
Ukudandaza itabi ry’ibibabi mu gisagara: ibihe biha ibindi…
“Itabi ry’imino”, “iry’imisogoto”, “tura umbombeke”, “tura untekere”, … ayo ni amazina bita iryo tabi rizwi nk’iry’abantu ba “ruguru” na canecane abatifise badashobora kuronka amahera yo kugura ayandi. Iryo tabi biratangaje kwumva ridandazwa hagati mu gisagara ca Bujumbura. Umuntu aribaza ukuntu […]
Reveriyano Ndayavugwa : yahora asaba none ubu arasabwa
Abagendana ubumuga kenshi barikumira, bakabona ko ataco bishoboje. Naho hari abaca bahitamwo kuja gusegerereza, hari abandi bivyukiranya, maze bakagaragaza ko bashoboye kwibeshaho nk’abandi. Revereyano Ndayavugwa, ni umwe muri abo. Aratwiganira uko yavuye mu buzima bwo gusegerereza, akitunganiriza imigambi y’iterambere.
Ibintu bitanu biteye isoni bikorwa mu gisagara ca Bujumbura
Turabibona, bamwe bikabatangaza, abandi ntihagire ico bibabwira. Ariko burya birateye isoni. Hari inyifato ziri mu gisagara ca Bujumbura zitubahiriza umutekano w’abantu kandi ntiziheshe icubahiro igisagara kimaze imyaka irenga 120 kibayeho. Muri izo, ng’izi zitanu zitabereye twama tubona.
#YouthImpulse : ng’ibi ivyo kwitondera kugira dutere intambwe
Amafaranga y’amarundi imiriyaridi 40 ni yo agiye guhabwa urwaruka, mu ntumbero yo kurwunganira mu kwitunganiriza imigambi. Ayo aje yiyongera ku miriyoni 10 urwaruka rusanzwe ruhabwa mu ma koperative “Sangwe” yo ku mitumba. N’ubwo izo ngingo ari nziza cane, hari ibikwiye […]
Burundi : ibibazo bikurubikuru vyugarije igisata c’indero
Igisata c’indero kiri mu bisata bigize inkingi zigize ubuzima bw’igihugu. Inyuma y’amezi yababa abiri umwaka w’ishure w’2020-2021 utanguye, ingingo zimwezimwe ziramaze gufatwa muri ico gisata. Ariko rero, ikigaragara, ni uko impinga ikiri ndende.
Imvo zitatu zotuma Abarundi bijukira gukora amareresi y’uducapo
Ku wa 28 Gitugutu uko umwaka utashe, ni umusi mpuzamakungu wahariwe amareresi y’uducapo (film d’animation mu gifaransa). Hano mu gihugu cacu, amareresi nk’ayo ntagwiriye kandi yari akenewe cane. Hamwe abakora amareresi bovyijukira, vyogira akamaro kanini ku gihugu ku mvo zitandukanye.
“Umukunzi wanje yicunguje umubiri kugira ndonke akazi”: intahe
Ikibazo c’ikena ry’akazi kirahanze urwaruka mu gihugu cacu. Bati: inzara ni inzeragiza ; Ariane* yahisemwo kuryamana n’umukoresha wiwe kugira umukunzi wiwe bimirije kurushinga aronke akazi, ariko uwo mukunzi abimenye ntiyakiriye neza ako “kigoro.”
Burundi: gusukura isura y’urwego rw’umutekano, impinga iracari ndende
Intureka zagaragaye mu mwaka w’2015 n’inkurikizi zazo vyatumye Abarundi batari bake bataraba ryiza umwambaro w’abajejwe umutekano. Mbere, bamwe bagera aho bawubona bakawuhunga. Kuva aho abatware bashasha baziye, hari impinduka zigaragaza. Ariko, impinga iracari ndende.