Intureka zagaragaye mu mwaka w’2015 n’inkurikizi zazo vyatumye Abarundi batari bake bataraba ryiza umwambaro w’abajejwe umutekano. Mbere, bamwe bagera aho bawubona bakawuhunga. Kuva aho abatware bashasha baziye, hari impinduka zigaragaza. Ariko, impinga iracari ndende.
Maze imisi ndavyihweza. Kuva intwaro nshasha itanguye amabanga yayo y’ukurongora Uburundi, hari ibitari bike bimaze guhinduka, haba mu gisata c’umutekano, eka no mu bindi bisata. Akarorero ka mbere kibonekeza, ni umutekano wo mw’ibarabara.
Ni nk’ejo bundi, twari tuza twamenyereye kubona abapolisi bitwaje inkoho zigeretse vya bikono vy’amasasu nka bitatubitatu umwe wese, kuri buri kiraro canke buri kibanza gihuriramwo abantu benshi, mu gisagara ca Bujumbura.
Ku rundi ruhande, vyari bisa n’ibimaze kuba nk’akamenyero, ko umupolisi ahagaritse imodoka, ategerezwa kwigenza kuri nyeneyo, bigahimba aronse agakosha aho kova hose, kugira gusa aronke ico amwagiriza cotuma uno yikora mu mufuko akigomboza igiturire.
Izo ngendo hamwe n’izindi zitari nke, ubu zaragabanutse, ni dushimire Umukama ! Ariko nyene, naho ako gahengwe kabonetse, biboneka nk’aho katarashika mu mitima y’Abarundi batari bake.
“Nta hepfo, nta haruguru ?”
Kuri uyu w’Imana, nahuriye ku misiyoni n’umwe mu bagenzi asanzwe akora akazi ko kudandaza impuzu mw’ibarabara. Ngo ngire ntya, numva atanguye kunganyira agira ati : “Erega sha basubiriye. Ni ukuri baraturembeje, ngo karya kazi kacu ntikabaho, ngo no mu bindi bihugu nta ‘‘bavanderi’’ babaho.”
Numvise umengo ndacumiswe mu mutima. Vyaciye binyibutsa ejo bundi, mu gihe c’amatora. Muri irya misi, ndibuka ko abisumamwo babicishije mu kunguruza abantu ku mapikipiki bagize imisi basa n’abarekuriwe kurengana ibiraro vyinjira mu gisagara hagati. Ako gahengwe bakamaranye umwanya urume rumara. Je data nagira uwurondera yoshigikirwa, ikinebwe kikaba ari co cirukwako.
Si abo gusa ; si rimwe si kabiri, nama niboneye, harya impande y’isoko yahiye, ba bakenyezi badandaza utuntu ku rutaro baguma bacengacengana n’abapolisi. Ukabona umukenyezi muzima n’urutaro rwuzuye ibiyoba n’ibisuguti ku mutwe ariko ariruka, yinyuranganya hagati mu bantu ahunga abajejwe umutekano.
Impinga iracari ndende
Nimba ibintu bimeze uko, twokwumvikana ko ibihungabanya umutekano atari abagizi b’inabi batera vya bisasu ntezwantoke mu bantu gusa. Abo, kumbure bawuhungabanya mu buryo bugaragara. Ariko, birumvikana ko hari n’abandi bawuhungabanije mu mimitima ya Barundi, aho umuntu asigaye abona umuntu nkawe, akumva amaganya, aho yokumva ukuremeshwa.
Ni ko, mu bice bitari bike vy’igisagara, igitigiri c’abajejewe umutekano caragabanutse ; vyongeye, n’ibigwanishwa bahora bitwaza, ubu abakihasigaye barabigabanije. Ivyo bikerekana ko hari igisanira c’ukwiyongera kw’umutekano. Ariko, igipimo nyakuri cawo, je ndakibona mu nyifato y’abenegihugu. Nimba hari uwukibona umupolisi akayanyaga, uwundi yabona amuhagaritse agatangura kujugumira, haracari agahaze ; mbere kanini.
Urwego rujejwe umutekano rokwisuzuma, rukaraba ko isanamu rufise ari iyitanga ubutumwa bw’ihumure, ah’uko yoba iy’uguhahamura abo rujejwe gukingira.