Amatohoza yagizwe n’ubushikiranganji bw’indero bufadikanije n’umukuru w’inama nkenguzamateka, mw’isekeza yatanguje yise « Gukura imfyisi mu ntama », abarezi 10 ni bo bashurashuje abanyeshure babo mu mwaka w’2019-2020. Agahomerabunwa.
Akazi
Kunonora abantu biciye mu kubakanda: uko nabiziga siko nabisanze
Hariho imyuga usanga abayikora batabonwa ibisanzwe, nk’abandi banyamyuga bose. Mur’iyo, hari ukunonora abantu biciye mu kubakanda, mu mazu yabigenewe. Ni umwuga utunga neza abawukora ; naho nyene hari abawutukisha.
Amagara y’abantu – “FBP”: ngo “nta wuhomera iyiyonka ?”
Kuva mu mwaka w’2010, mu Burundi, mu gisata c’amagara y’abantu, harashizweho uburyo bw’ugutanga agashirukabute gafatiye ku bikorwa, iciswe “Prime basée sur les performances” mu rurimi rw’Igifaransa. Uwo mugambi FBP (Financement basé sur la performance) waje gukiza vyinshi, ariko, hari abakozi […]
Amapikipiki muri Mukaza : « Twari twizigiye gusomera none…»
Mu misi iheze, abagendesha amapikipiki n’amakinga barasubiye gukorera muri Komine Mukaza, inyuma y’imyaka ine n’amezi abiri bidakunda. Igihe bari bahagaritswe, ababa muri iyo komine bari babaye mu bibazo vyo kwiyunguruza, kubera uburyo bw’umurengera vyabatwara. Ariko, ingingo yo gutezura yamaze umwanya […]
Kumenyesha amakuru : ubwingenge bwo mu nyandiko gusa ?
Igenekerezo rya 3 Rusama, isi yose yarahimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bw’umwuga wo kumenyesha amakuru. Reka turabire hamwe zimwe mu ntambamyi zidakunze kuja ahabona.
Mbe ubuzima bw’umukozi w’Umurundi bwifashe gute ?
Ku wa mbere Rusama hashize, wari umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi. Mbega mu Burundi, ihimbazwa ry’uwo musi ryasanze ubuzima bw’umukozi n’ineza yiwe vyifashe gute, na rirya iterambere riva muri we nyene ? Reka turabire hamwe.
« Natirimukije umukoresha wanje, antwaza inda, none yaranyigaramye » : intahe
Josiane* ni umwigeme w’imyaka mirongo ibiri n’ibiri; yamanutse i Bujumbura afise imyaka icumi n’itandatu, aje kurondera akazi. Yahora yumva bavuga ko i Bujumbura amahera yisesa, akibaza ngo azotunga atarushe. Yamara uko yavyibaza si ko yabisanze. Aratuyagira ayo yahaboneye.
Kwubaka ku gahato : abavyeyi bikebuke
Iyo bishitse umukobwa agasama inda, abantu benshi babona ko ari uguca aja kwubakana n’umusore yayimutwaje. Mugabo rero, abubakana bategerezwa kubanza kuba bakundana, bafise n’uwo mugambi. Iyo abantu bubakanye ku gahato, inkurikizi ntiziteba kwigaragaza nk’uko vyagendeye Anitha na Claude. Intahe yabo […]
Nta mwuga w’abagore gusa canke uwagenewe abagabo gusa ubaho
Kubera imiziro canke imigenzo y’aho hambere, abigeme n’abakenyezi basa n’abakumirwa mu myuga imwe imwe. Ariko mu ntara ya Rumonge ho, siko bikiri. Hari abakenyezi bijukiye umwuga wo kwegeka. Urabafasha mu bitari bike, nk’uko Bahati, umwe muri abo bavumbikazi abituyagira.