Dusanzwe tuzi ko mu Burundi bw’aho hambere hahise, abahungu n’abakobwa batari basangiye ibikorwa mu buzima bwa minsi yose. Umukobwa yari afise ibikorwa vyamugenewe mu muryango, eka n’umuhungu nyene yari afise ivyo ajewe. Ariko rero, ukwo imyaka ihera, ibintu biguma bihinduka […]
Akazi
Ubuganga ni ibanga ritoroshe
Mu buzima bwa minsi yose, abantu barazezwa amabanga atandukanye. Hari abayashingwa kubera icizere abantu babagiriye. Ariko hari n’abandi, hambavu y’ico cizere c’abantu, babanza kugira ico bakoze kugira ngo vy’ukuri babere ibanga kanaka. Hari rero amabanga asaba umwiteguro nko kwiga canke […]
Ukwiyunguruza ntivyoroshe muri Bujumbura
Kuva igihe, ku mvo z’umutekano muke mu gisagara ca Bujumbura, hafatiwe ingingo ibuza amapikipiki kurengana ibiraro vyinjira mu gisagara, haribonekeje ubukene bw’imodokari zunguruza abantu kuko benshi arizo baciye batangura kuza barafata. Prosper Niyonkuru abona ko iyo ngorane yari ikwiye gutorerwa […]
Ikibazo c’amafaranga y’ingaru mu gisagara ca Bujumbura
Mu gihe muri ino minsi, mu gisagara ca Bujumbura hibonekeza ubukene bw’amafaranga matomato, hariho ikibazo gikomeye ku bagenda n’imiduga yunguruza abantu. Amafaranga y’ingaru ubu asigaye akwega imitongano hagati y’abiyunguruza n’abakozi b’iyo miduga nk’ukwo Jean Désiré Nduwayo abituyagira.
« Naragiye i kuzimu…Muri Arabiya Sawudite »
Haheze amezi make Abarundi bamenye ko hahora hari urudandazwa rw’abigeme bajanwa mu bihugu vy’Abarabu nka Arabiya Sawudite na Omani. Umwe mu banditsi ba Yaga yarahuye n’umwe muri abo bigeme yashoboye kugaruka mu Burundi maze aramuyagira ayo yagoreweyo aho abigereranya no […]
Ubuzima bw’inyuma y’ishure nshingiro
Abatari bake baribaza ukwo bigiye kugenda ku banyeshure batamenye muri ca kibazo ca Leta kibaha uburenganzira bwo kubandanya amashure y’inyuma y’ishure nshingiro. Mu gihe bamwe bibaza niba hazoboneka ubuzi bushobora kubatunga, Apollinaire Nkurunziza araremesha abazoshiruka umwete bakitegurira imigambi ko ubuzima […]
Ugutembera ni ngirakamaro mu buzima
Abantu benshi barakunda gutembera bakabona ibindi bice vy’isi eka mbere bakanahamenyera vyinshi. Biramaze kwibonekeza ko ugutembera ari ngirakamaro kuko ivyo wigira muyindi mihingo biragufasha kwiyungunganya mu buzima bwa minsi yose nk’uko Rénovat Ndikumwenayo abituyagira.
Twikorere imigambi maze twiteze imbere!
Abarundi barayamaze ngo “nta mwuga udakiza”! Umuntu yihweje uko ibihe bigenda birahinduka mu buzima bw’abantu bwa minsi yose, usanga bikenewe ko n’abantu ubwabo nyene baza barahindura ukwo babaho. Prosper Niyonkuru aratanga akarorero k’ukwo abahejeje amashure bokwitegurira imigambi maze bakiteza imbere.
Ni gute twokoresha umwanya wacu ?
Mu gihe abantu banshi, na cane cane abakiri bato, usanga bakoresha umwanya wabo uko bishakiye maze imigambi yabo myinshi ikabapfana, Laude Complis Iradukunda asanga akenshi biva ku ndinganizo mbi ya bamwe n’abandi. Niho ahera agatanga impanuro z’uko twotunganya ibikorwa vyacu […]