Buramatari wa Rumonge yarafashe ingingo yo guhagarika abapishi, haraciye imyaka ibiri. Hagati aho hari abakenyezi batari bake bari batunzwe n’uwo mwuga. Inyuma yo guhagarikwa, bagiye mu kangaratete, imiryango irasambuka nyabuna kubera kwinjiranwa n’ubukene.
“Umukenyezi na we akwiye kujijuka, agakura amaboko mu mpuzu maze agakora mu ntumbero yo kwiteza imbere. Umukenyezi arashoboye kandi afise ingabire na we yokwiteza imbere. Umukenyezi w’umurundikazi arashoboye…” Ayo n’ayandi ni amajambo yama avugwa ku mukenyezi w’umurundikazi, igihe cose bariko bavuga ivyerekeye iterambere ryiwe. Biragoye gutahura igituma umukenyezi afise ingabire zikwiriye, ariko bake cane akaba ari bo bashobora kwiteza imbere ku buryo vyibonekeza.
Imico n’imigenzo ituma abakenyezi bibaza ko badakwiye gukora akazi kamuteza imbere ndetse bakabigendera, ubunebwe hamwe no kwisuzugura ko ataco boshobora, ni vyo bivugwa ko bituma abakenyezi batijukira ibikorwa vyo kwiteza imbere. Ariko amashirahamwe, Reta n’ibindi bigo bitandukanye ntibisiba kuguma bihimiriza abakenyezi kurengera ivyo vyose, maze bagakora kugira na bo biteze imbere.
Akazi kabereye umukenyezi
Umukenyezi yoba ashoboye kwiteza imbere ku rugero rumwe n’umugabo ? Mbega umukenyezi arashoboye akazi kose ? Mbega hoho umukenyezi yikorera utwiwe yobana gute n’umugabo wiwe ? Biratangaje ukuntu ibibazo nk’ivyo vyama bigaruka mu kibano mu kinjana tugezemwo. Kandi igitangaje, ni uko bene guhimiriza abakenyezi kugira ico bashitseko ari bo bagaruka kugira ivyo bibazo nyene tuvuze aho hejuru. Ku bisanzwe, ivyo bibazo vyararonse inyishu mu gihe tugezemwo.
Kurya vyagiye birigaragaza ko ata kazi na kamwe gashobowe n’umugabo katokorwa n’umukenyezi, ibikorwa vyose umukenyezi yobishobora. Kaba ak’amaboko, agasaba kwiyumvira canke agasaba inguvu, bwose yobukora. Nka ko, turabona abakenyezi bari mu nzego z’umutekano, abari mu buzi bwo mu biro, abadandaza, abigisha, abavura, abarimyi bobo ubiravye usanga benshi ari abakenyezi.
Umuntu yovuga rero ngo aka kazi kabereye umukenyezi aka nako kabereye umugabo kwoba ari ukwihenda cane. Kurya ba sogokuru bayamaze bati : “Tubiri tuvurana ubupfu”, umukenyezi akoze akinjiriza umuryango n’umugabo bikagenda bityo, umuryango urifata ugatungana neza. Ariko iyo ari umwe yinjiza we nyene, nta wovuga ko mu ijanye n’amikoro urwo rugo ruba rutekaniwe.
Umwuga “w’ubupishi”, koba ari akazi ?
Hari haheze imyaka itari mike hari abakenyezi batahuye iyo ngendo yo kwiteza imbere no guteza imbere imiryango yabo, maze batora umwuga wo gukinjikira abarovyi ku myeha iri ku kiyaga ca Tanganyika na canecane mu Rumonge. Abo ni abo bita “abapishi” ( ijambo rivuye mu rivuga ry’igiswahiri “kupika” risigura gukinjika).
Ako kazi kari kari kabateje imbere cane, kuko nk’uko uwutwara ishirahamwe ry’abarovyi mu Rumonge twayaze yagize ati: “Barashobora kuronka amahera angana n’ibihumbi ijana na mirongo itanu (BIF 150 000) ku kwezi. Hari n’abari bamaze kugura amaparasera kubera ako kazi”. Ayo mahera ni menshi iyo agiye mu ntoke ziyakoresha neza, arafasha imiryango kuva m’ubukene, ikiyungunganya igatera imbere.
Ntibukeye kabiri, mu mwaka w’2018, hasohotse itegeko ribabuza gukora uwo murimo, ubu bakaba baragiye mu bundi buzima, kandi butoroshe. Ivyo vyatumye wa mukenyezi yumva adashigikiwe muri kwa kwiteza imbere kwiwe, nyabuna yumva ariko aracinyizwa. Muti none abo bakenyezi bugariwe uburiro bari bafise ku mvo nyabaki ? Hakurikiye iki ? Mbega iyo ngingo koko ni yo yari ibereye ? Mu bisomwa bikurikira, tugiye kwumva ido n’ido ivyerekeye uwo mwuga, abo wari ubeshejeho n’ingene waje mu Burundi, ndetse inyishu kuri ivyo bibazo.