article comment count is: 1

Burundi : ibibazo bikurubikuru vyugarije igisata c’indero

Igisata c’indero kiri mu bisata bigize inkingi zigize ubuzima bw’igihugu. Inyuma y’amezi yababa abiri umwaka w’ishure w’2020-2021 utanguye, ingingo zimwezimwe ziramaze gufatwa muri ico gisata. Ariko rero, ikigaragara, ni uko impinga ikiri ndende.

Muri Reta iheruka kurangiza amabanga, inguvu nyinshi zashizwe mu kwubaka amasomero mu gihugu. Ariko, ubukene bw’amasomero buguma bwibonekeza mu burere bw’indero butandukanye.  Bitayeko, ubukene bw’ibitabo, hamwe n’ibikoresho mfashanyigisho ni vyo vyugarije amashure atari make.

Ikindi kiraje ishinga igisata c’indero mu Burundi, ni ubukene bw’abigisha. Nk’uko tubisoma mu kinyamakuru “La voix de l’Enseignant” (Ijwi ry’umwigisha Ndlr), mu bigisha ibihumbi 9 000 bakenewe mu gihugu cose, igihumbi bonyene ni bo babonetse uyu mwaka. Ahenshi rero bikora ku bigisha b’abakutsakivi n’abakorerabushake. 

Ibibazo ku bindi

Izo ngorane kandi ziza ziyongera ku bitigiri vy’umurengera vy’abanyeshure na canecane abo mu myaka ya mbere  n’iya kabiri y’inyuma y’ishure shingiro.  Ahatari hake usanga bigira mw’isomero rimwe, bari hagati y’100 n’ 130. 

Si aho gusa ivyo bitigiri vy’umurengera vyibonekeza. No mu muri kaminuza biri uko nyene. Akarorero ni nko muri kaminuza y’Uburundi,  mu gisata c’ubudandaji, aho usanga abanyeshure biga mw’ishure rimwe bari hagati y’400 n’500. Ibi bituma abigisha badakurikirana ubumenyi bw’abana uko bikwiye.

Izo ngorane zose zikaza zoga ku buryo buke buhabwa igisata c’indero, ugereranije n’ibikenewe.

Ishure shingiro ryo ni ibindi

Ikindi kibabaje muri ico gisata, ni uko n’impinduka zibamwo zitagenda neza. Akarorero ka hafi ni umugambi w’ishure shingiro, haraheze imyaka indwi ubushikirangaji bw’indero buwushize mu ngiro. Nk’uko Itegeko  ry’Umukuru w’igihugu nomero 1/19 ryo ku wa 10 Nyakanga 2013  rivyemeza, itunganywa ry’inyigisho zo mu mashure matomato zarasubiwemwo. Intumbero nyamukuru yari iyo guha akanovera ico gisata, maze kiramure incabwenge zibushitse.

Ariko  rero, n’ubwo uwo mugambi washizwe mu ngiro, nta ho utaniye na wa murimyi yitegurira impeshi atagira imbuto. Uko imyaka yagiye irahera gushika na magingo n’ubu, umusaruro ntushemeye, haba mu mashure shingiro canke ay’inyuma yaryo. Nk’akarorero kagaragaza umwimbu muke, ni umwaka uheze (2019-2020), aho abanyeshure 34.007 bananirwa ikibazo co mu mwaka w’icenda. 

… ritebe ryice isuka ?

Ntirikabe! Igisata c’indero ni yo nkingi ibindi bisata vyose bigize ubuzima bw’igihugu bishingiyeko. Mu gihe ico gisata kitonagurwa, ni  uruhombo runini ku barerwa no ku gihugu. Bituma abana b’igihugu batagira  ubumenyi buhagije maze ngo bashobore kwishingira imirimo, na co igihugu ntikironke abagihagararira bafise ubumenyi buhagije muri kazoza. 

Reta yari ikwiye gushira inguvu nyinshi mu kunagura igisata c’indero kikongereza akanovera. Ukugwiza ibikoresho mfashanyigisho, ugushira umutahe muri ico gisata, ukugwiza abigisha bakwiye kandi babifitiye ubumenyi hamwe n’ibirasi, ni ryo hangiro nyamukuru  Reta yokwiha kugira ico gisata kinagurwe vy’ukuri.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Murakoze cane kuri buno burondezi mwakoze. Nukuri ugerageje kuraba ahubwo biraheye isoni n’agahinda. Ntivyumvikana ukuntu iki gisata kitariko kiratezwa imbere nkuko vyategerezwa. Ejo nariko ndaraba ibiharuro mfatakibanza c’ukuntu intara zagiye zimenya mu kibazo giha uburenganzira abahejeje amashure yisumbuye kwinjira muri za Kaminuza, naramaramaye sindakubesha. Ibice 33% igihugu cose n’akamuna ndakurahiye. Intara imwe yonyene niyo yashoboye kuronka ibice birenga 60% ari yonyene mu gihe iya 2 ifise ibice bitanashika kuri 50%. Ivyo rero bigaragaza ubushobozi buke cane buri muri ico gisata c’indero. Ikibazo c’indero rero iyo ndavyihweza ndamaze kubona neza ko kitari ikibazo ca « Leta nkozi » gusa ahubwo cabaye urugamba rukaze cane ku gihugu cose.