article comment count is: 2

Imvo zitatu zotuma Abarundi bijukira gukora amareresi y’uducapo

Ku wa 28 Gitugutu uko umwaka utashe, ni umusi mpuzamakungu wahariwe amareresi y’uducapo (film d’animation mu gifaransa). Hano mu gihugu cacu, amareresi nk’ayo ntagwiriye kandi yari akenewe cane. Hamwe abakora amareresi bovyijukira, vyogira akamaro kanini ku gihugu ku mvo zitandukanye.

Mu gihugu cacu, uvuze amareresi y’uducapo, umuntu ntashoka abona n’aho yoyakura. Kugeza uno musi, atari umuhinyanyuzi w’amareresi Nifasha Florian n’abandi bahinyanyuzi imparurwa, hamwe n’ibinyamakuru bimwebimwe bikoresha ubuhinga bwa none, nta bandi baramenyekana bakora amareresi y’uducapo. Ayo arahingurwa ku bwinshi mu bindi bihugu, ariko hano iwacu, kuyabona ni igihamana. 

Ubwo bwoko bw’amareresi bwabayeho imbere y’uko ayandi mareresi tumenyereye abaho, nko mu kinjana ca XVII. Ubuhinga bwo kuyahingura bwagiye buratera imbere, ariko yagiye kumenyekana cane mu kinjana ca XX, na canecane mu mwaka w’1928, aho Walt Disney et Ub Iwerks basohora ireresi ya mbere y’uducapo irimwo n’amajwi. 

Amayagwa y’abana 

Ica mbere na mbere gituma ayo mareresi tuyakeneye ku bwinshi mu Burundi, ni uko yodufasha kwigisha abana indero y’Ikirundi, kuko ata mwanya abavyeyi bakigira wo kuganira n’abana babo. No kw’isi yose, ayo mareresi akoreshwa mu gufasha abana guterama. 

No mu Burundi, hamwe abantu bijukiye gukora ayo mareresi, boba bafashije abana cane kuko ntibagira amayagwa yabagenewe. Imboneshakure zoheza zikaja zirazerekana, bigatuma ya ndero yahora itangirwa haziko yimurirwa ku mboneshakure no ku mbuga ngurukanabumenyi, gutyo abana bakabisangayo na rirya baguma bavyijukira muri kino gihe. 

Imigani n’ibitito

Ivyo boherako gukamisha bwoba ubutunzi amayagwa y’igihugu cacu afise. Mu mayagwa y’Ikirundi, hari imigani n’ibitito vyinshi twabwiwe, ariko bitagira ahantu uwubikeneye yobisanga. Na bike vyanditswe, ibitabu birimwo ntivyoroshe kuronka. Abasokuru n’abanyokuru bahora babitubwira na bo baratanguye kuvyibagira, uko vyavugwa kera si ko bikivugwa. 

Turavye aho isi igeze na ho, dusanga hakenewe ko iyo migani n’ibitito, n’uburyohe n’akanovera kabiranga, bishigwa mu buhinga bwa none aho vyoba vyoroshe kurabwa n’abavyipfuza. 

Inzira nziza rero yo kubibika ahadata, ni ukubishira mu mareresi ahinyanyuwe ku buhinga bwa none, na canecane amareresi adasaza, na yo akaba, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru “Le Mag du Cine”, ari amareresi y’uducapo. 

 Akura ubutandukane

Ntawobideha, muri kahise katari aka kure cane, Uburundi bwaratewe n’ikiza kiryanisha bene Burundi, bakinubana, bakarabana ku mazuru n’uko basa. Igihe cose umuntu abonye uwuriko aravuga ku mboneshakure canke ahandi, atangura kuraba ubwoko yoba arimwo, bikavamwo ko yemwera ivyo avuze canke akabiha izindi nsiguro bitumwa n’uko badasangiye ubwoko. No mu mareresi, iyo bishitse abantu binjiwe cane n’ivy’ubwoko bakabona hariko hakina abantu bibaza ko boba badasangiye ubwoko, ntibabaraba ; n’iyo babaravye babona ivyo bashatse n’ubutumwa bwatanzwe ntabe ari bwo bushika. 

Igihe abahinga mu vy’ amareresi rero bokwijukira gukora bene ayo, ubwo butandukane ntibwobaho, kuko agacapo ko ntikagira ubwoko, icoba kivuzwe cokwakirwa uko kiri, namba ari ireresi ihimiriza umwumvikano, urukundo hagati y’Abarundi, vyogenda neza cane atawubifata ukundi. 

Abantu bitanga mu guteza imbere amareresi n’imico n’akaranga, baba abikorera utwabo, Reta canke amashirahamwe atandukanye, bari bakwiye guteza imbere amareresi y’uducapo kuko yogirira akamaro igisata c’indero, imico n’akaranga. Vyofasha no mu gutsimbataza ukuri, umwumvikano n’ukunywana mu Barundi. Kira noneho, vyotanga n’akazi ku bagakeneye.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)