Tumaze imisi tubashikiriza urukurikirane rw’ibisomwa ku kibazo kijanye n’ukwitunganiriza imirimo. Mu kurangiza urwo rukurikirane, twashimye kubatororokaniza imyibutsa 5 itera intege abakozi ikajinjibura abanebwe, hamwe n’insiguro zayo.
Akazi
#KwitunganirizaImigambi : kwigana, vyica benshi, bigakiza bake
Kubera kubura inyigisho zikwiye n’uguherekezwa mu vyerekeye kwitunganiriza imigambi, urwaruka rufise umwete wo kubikora rusanga ruguye mu mutego w’urwiganwe, rugahereza guhomba. Mariko* ni umwe mu baruguyemwo. Aratuyagira.
#KwitunganirizaImigambi : impanuro ngenderwako
« Uwufise umugambi wese ntiyitinye, ni atangure ariko yirinde gutambikiza n’ukugenza umutwe nk’uruyuzi » ; Pierre-Claver Nduwumwami, umuhinga mu vyo gutunganya imigambi akaba anarongoye ikigo BBIN, aratanga impanuro ku bitunganiriza imigambi. Uwuri n’amatwi ni yumve.
#KwitunganirizaImigambi: ko inganda zivuka ku bwinshi, ziherera he?
Ishirahamwe API rijejwe kworohereza abanyamitahe riremeza ko amashirahamwe n’inganda zotanga ubuzi zivuka ku bwinshi buri mwaka, mu Burundi. Yamara, biratangaje ukuntu ubuzi buguma bukena, kandi n’ayo mashirahamwe ugaheruka avutse, ntubone impinduka ku rubuga. Umuco.
#KwitunganirizaImigambi: abavyigiye bo bagereye he?
Mu mwaka w’2011, Kaminuza y’Uburundi, yaratanguje igisata c’Ukwitunganiriza Imigambi mu vy’imico n’akaranga. Abanyeshure barangiza ico gisata bahereza he ? Ni izihe ngorane bagira bashitse mu buzima busanzwe?
#KwitunganirizaImigambi : tuve mu majambo, tuje mu bikorwa
Urugero rw’ubukene bw’akazi mu rwaruka rwavuye ku bice 60% mu mwaka w’2016 ruja kuri 65% mu 2017. Yamara, iciyumviro c’uko abakeneye ubuzi « bokwitunganiriza imigambi bo nyene » catanguye kuvugwa cane kuva mu myaka y’2013. None, ni ukutumva ? Ni umuzi w’ibuye ? Canke […]
Burundi : akaranga n’ubuhazampano vyoteza imbere igihugu
Akaranga n’ubuhazampano* ni ibintu bituma ibihugu bitari bike bimenyekana kw’isi. No mu Burundi, ico gisata cari gikwiye gufatwa nk’umutima w’iterambere nk’uko Ezechiel Ndayizeye abisigura.
Burundi : amakuba y’abigisha bo mu gihugu hagati
Ishirahamwe Unesco ritegekanya abanyeshure bari hagati ya 14 na 20 ku mwigisha umwe, ariko abigisha bo mu Burundi boba ivyo bitigiri babirenza incuro nka 3 canke 4 kubera igwirirana ry’abantu. Ico kibazo co gisangiwe n’abigisha bose, ariko, wa wundi ati […]
Uku ni ko “dunyuri” yampekuye
Abafata ibarabara rya Bujumbura-Bugarama, ndetse no hirya no hino mu gihugu, baramaze kubona abantu, abato n’abakuze, bategera ibimodokari binini binini, bakabifatako inyuma, maze bikabajana mu ntara zo hagati mu gihugu canke bikabazana i Bujumbura. Ico nico bita « kugenda na […]