Amafaranga y’amarundi imiriyaridi 40 ni yo agiye guhabwa urwaruka, mu ntumbero yo kurwunganira mu kwitunganiriza imigambi. Ayo aje yiyongera ku miriyoni 10 urwaruka rusanzwe ruhabwa mu ma koperative “Sangwe” yo ku mitumba. N’ubwo izo ngingo ari nziza cane, hari ibikwiye kwitonderwa kugira ayo mafaranga ntaze ahere nk’ifu y’imijira.
Ayo mafaranga yaraye yemewe na Reta mvyeyi, mu mwiherero uheruka guhuza urwaruka rw’incabwenge n’umukuru w’igihugu. Izo mboneza z’urwaruka zahimirijwe kutama zizeye ngo Reta izobakwiza akazi. Bemerewe mbere ibahasha yo kubasahiriza mu kwitunganiriza imigambi.
Ikintu cakiriwe neza cane, ariko ikitamenyekanye, ni uko iyo yoba ari ingurane canke ingabire. Ariko uko biri kwose, kugira ihangiro uwo mwiherero wihaye rishikweko, hariho ibitegerezwa kwitonderwa kugira Reta ntizosange yasheshe itagishobora kuyora.
Urwiganwe rw’abandi
Ukwigana umugambi wa naka ngo ni uko wamuteje imbere, ni indwara yeze mu rwaruka rwitunganiriza imigambi. Twihweje ivyashitsweko mu mwiherero, ibijanye n’uburimyi ni vyo vyashizwe imbere. Mu gihe bose bokora bimwe, canke bakigana ivyahahora, nta nkeka ko umwimbu uzogwira, ariko ntibizoborohera kuvyaza umusaruro ngo ayo mahera asubizwe.
Eka no mu bindi bisata ni uko. Ayo mafaranga rero agatangura gukoreshwa gutyo, amaherezo azozimangana, ntasubizwe kandi na nyene kuyahabwa ntamugirire ikimazi.
Amategeko n’imigenderanire
Nk’abazoshira imitahe mu kurima ivyamwa, hari ingingo nyinshi zibuza nk’akarorero gushora ivyamwa canke umwimbu w’igihugu hanze y’igihugu. Ivyo na vyo bizotuma bataronka isoko, gutyo basange umwimbu urabononekaranye. Vyongeye, mu gihe hazoba hubatswe amahinguriro yo kubihingura, ibihano bimwebimwe vyafatiwe igihugu, tutibagiye imigenderanire icumbagira n’ibihugu bimwebimwe bibanyi, bizotuma hari amasoko mpuzamakungu dushobora kutazoshikanako umwimbu wacu. Ni co gituma, hambavu y’itangwa ry’ayo mahera, abajejwe intwaro bogerageza igihugu kikaba gucuditse n’ababanyi bose, hakaronderwa amasoko yo gushorako ibizoba vyavuye muri iyo migambi.
Kwiga imigambi
Umugambi uratandukanye cane n’icipfuzo. Kubera ubwinshi bw’ayo mahera, ni benshi bazozana imigambi. Hari abazoba bayize neza, n’abazopfa gupfundikanya kugira ayo mahera ntabacike. Kenshi, uwugize iciyumviro, aca ashaka kugishira mu ngiro ubwo nyene, kumbure atanacanditse ngo akigire umugambi wubatse neza. Aho rero ni ho abazoba bajejwe kwemeza iyo migambi bakwiye kugabira. Bakirinda ibiturire n’ikimenyane, bagashira imbere ineza y’igihugu.
Bibaye ngombwa, hotunganywa inganda zo kwigisha kwandika imigambi mu buryo bwiza ku bazoyahabwa ; hari amashirahamwe atari make abifisemwo uburambe. Imbere yo kubaha amafaranga, bobanza bakabaha inyigisho zikwiriye.
Iyigwa neza ry’imigambi ritagira amakemwa, ni ryo rizofasha kugira ayo mahera ahabwe ababikwiye, ndetse akagirira akamaro abayahawe, n’igihugu cabibarutse.
Ugukurikiranwa
Ibice biri hagati ya 30 na 60 kw’ijana vy’imigambi yakiriwe n’ikigo API, yapfuye ariho ikivuka. Ibice 80 kw’ijana na vyo vy’amashirahamwe, apfa haheze imyaka itatu. Aho rero ni ho hokugabira, ntitube nka ya nka yavyara mu ci ati: “Ahanje ndahejeje hasigaye ah’umwungere.” Iyo migambi ikurikiranywe neza, ayo mafaranga azoshurika maze ivyamwa vyayo bigirire neza beneyo hamwe n’igihugu cose.
Ni ivy’ukuri, ukwitunganiriza imigambi ni yo nzira yonyene ishobora gutorera inyishu irama ikibazo c’ikena ry’akazi mu Burundi. Ariko ivyo bintu tuvuze aho hejuru bifashwe minenerwe, tuzosanga twasereye mu ruzi.
Iciyumviro ciza cane.
Mrc bien.
Gusa haribikwiye guhinduka no gukogwa.
1) Mu ma hopitaux har ibikogwa birengey abakozi bariyo, uwubiz kuturusha ni uwukorayo be na stagiaire.
2)Mu mashure nuko, uwo kubivuga kuturusha ni mwalimu be n umukutsakivi.
None ko igikogwa arico cizanira agahembo, aho naho ivyugukora bikaba bihuzuye, ugwaruka gwavyize nagwo rukaba ruhari ataco rukora, ni gute ivyukuba atabuzi buhari bifis ishingiro?
3) Imishahara y aba hauts dignitaires nka bose siyo mu gihugu gifise un taux de chômage inganuko ingana!
Wumva ugwaruka rurindiriy kuronk ico gukora no guhembwa nutwo duke data wanj ruheza rukiha image imez ite kumigabo n imigambi y igihugu biciye kubagihagarariye?
Nayo ayo mahera agira atangwe yo nta bushomeri azokura, azohera iyo bija hose kandi ata kinini aranguye, niba na gitoyi basi kinashoboka.
Commentaire *jenagira mbaze konzi usanga hariho urwaruka rutari mwayo makoperative bivanye nkuko bene kuya créa bafashe ingingo zitaborohereje canke ugasanga bamwe ntibaribwaheze amashule ,bagaheza basanga zarashinzwe izoshirahamw Hama ntibashobor kuzijamwo bobo bazoca bafatwa gute?surtout nkabantu dushomereye ?ntaco leta yabavuzeko bobo?murakoze