Aho hambere, umusore canke umwigeme yegereje kwubaka urwiwe, umuryango waramutegura mu vyerekeye kunezereza ku buriri uwo bazokubakana. Ubu hoho biri ukundi ; kandi ingaruka zavyo nazo ntizisiba kwibonekeza.
Umukunzi
Agukubise akikuresha, murushinze vyogenda bite ?
Imbere y’uko abantu bubakana, abakundanye barakwiye kwiha umwanya wo “kumenyana”, kuko hari ingeso umwe aba afise zitazorohereza uwo bazubakana ; ako ni ko kanya ko kubimenya. Bitagenze uko, bazosanga baruguyemwo nka Nadia*. Intahe.
“ Ng’uku uko natandukanye n’uwo nakunze ampora kutamushira kuri “status”: intahe
Ni agaharawe. Abakundanye benshi barifotozanya, bagaca basanzaza ayo masanamu yabo ku mbuga koraniro zitandukanye. Iyo bompi babihurijeko, biba ari amata avyaye amavuta ; ariko na ho iyo batabihurizako, biba nabi cane nk’uko vyagendeye Sandra* na Billy*. Intahe.
« Nakundanye n’umuzungu, banyita maraya» : kubera iki ?
Ukwubakana hagati y’abadasangiye urukoba kuribonekeza mu Burundi. Mugabo, urwo rukundo ntirumenyerewe cane, ku buryo rubonwa ukundi mu miryango no mu kibano. Ng’iyi intahe ya Jeannette Irakoze*, Umurundikazi aheruka kwubakana n’Umuzungu. Uko vyatanguye n’uko vyabandanije.
«Kurya isake» : abanyamayeri nabo bavyivanzemwo
Umugenzo wo kurya isake wamyeho, mu bice bimwebimwe vy’Uburundi. Aho ni nko mu ntara z’Imbo na Buragane. Igishasha ni uko hari bamwe mu basore bazirya, ijisho rikaba ribaye iryo. Maze ivyo bigatera iceyi abigeme vyashikiye. Ng’uku uko bigenda.
Ng’uku uko wofata ingingo yo kuvana n’uwo mwakundana
Mu gihe ari wewe ufashe ingingo yo kuvavanura n’uwo mukundana, biragoye cane kubivuga. Mugabo, mu gihe vyanse rwose, urarya umutima amenyo ukabivamwo, na kare ngo « akanse uraheba ». Ng’uku rero uko ubwirizwa kuvyifatamwo.
Ngo “nta mwigeme wo kuresha umuhungu?”: sigaho !
Uko tubimenyereye, umuhungu ni we yama atumbera umukobwa, agaheza akamubwira ko yamugomwe, yipfuza ko bokwubakana. Abakobwa barashobora gushima abasore, mugabo bagapfana isoni, ntibavuge. Ariko ukwo ni ukwihenda. Burya umukobwa arashobora kubivuga kandi rukaba urugo rw’iteka. Tubirabire hamwe, twisunze amatohoza yakozwe […]
Inyishu ku kibazo gisangiwe na benshi: “ Uwo nkunze yoba akiri isugi ? ”
Abantu benshi bibaza ko bashobora kumenya ko umuntu akiri isugi canke atakiri yo. Ariko rero barihenda. Ivyo ni ivyo bapfa kwemera gusa. Ikintu conyene cokwemeza ko umuntu akiri isugi canke atari yo, ni ukubimubaza, akavyiyemerera we nyene.
Ni igiki gituma abantu biyandikako izina ry’umuririmvyi Natacha ku mibiri yabo?
Kuwa 10 kigarama 2019, niho ku mbuga ngurukanabumenyi haboneka amasanamu y’umuntu agira gatatu yiyanditse ku mubiri izina ry’umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka. Abandi babikoze mu ntango z’uyu mwaka hamwe n’ejo bundi mu kwezi kwa Nyakanga. None ivyo boba babitumwa n’iki ? Ababikoze boba […]