article comment count is: 20

«Umuryango waranse ko twubakana tudasangiye ubwoko»: intahe

Harabaye ntihakabe, ikibano mu Burundi kiranyegerwa n’imigera itandukanye. Uw’ejo bundi banse kumuhezagira mu rusengero ngo ni uko yubakanye n’uwo badasangiye idini. None uyu nawe yaraciriwe umukenke mu muryango ngo ni uko yashimye kurongorana n’uwo badasangiye ubwoko. Masumbuko Beda aradushingira intahe ku vyamushikiye.

Nakuriye mu muryango bambwira ko ari uw’Abahutu. Muri uwo muryango, harimwo abo numva ku matwi ntarigera mbona. Abo baba mu bindi bihugu. Bahunze intambara yo mu 1972. Aho sinari bwavuke. Nakuze banyigisha ko abo tudasangiye ubwoko ari babi, bakambwira amabi menshi ku Batutsi. Yamara, hageze ko nubaka urwanje, nsanga nashimanye n’uwo tudasangiye ubwoko. Intambara y’ubuzima bwose iba iratanguye.

Uko vyagiye birakurikirana

Ntako umuryango utari warakoze ngo untahuze ivy’ukugendera kure abo tudasangiye ubwoko. Maze kurangiza amashure, naguma nitwararika kutagira imigenderanire n’abo tudahuje ubwoko. Mu nyuma zaho, nca nja kwiga ishure rya bibliya. Aho ni ho natanguriye kumenya ko ivy’ubwoko ataco bimaze mu buzima. Maze kurimara, nca ninjira mu kazi ka Leta. Gutyo ntangura kwiyumvira ivyo gushinga urugo rwanje.

Ni uko ngira amahirwe, turahura n’umwigeme ya kandi ndamwiyumvamwo bidasanzwe. Hama rero ngira Imana nawe arankundira ndamukunda. Yamara rero ngira ingorane, nsanga ntidusangiye ubwoko. Imana nagize n’uko nasanze wa mukunzi wanje nawe nyene yakuriye mu bigo vy’ababikira, aho yigishijwe ko ubwoko ata gaciro bufise, ahubwo we akavuga ko butanabaho. Kuri jewe, amata aba avyaye amavuta, urukundo ruca rurakomera aranyemerera ko twokubakana.

Igihe co kuja kumwerekana iwacu kiba kirageze. Bugingo ndamushikanye imbere y’abaryango, ngo mare kubamenyesha ko uwo ari we tugiye kurushinga, uwafashe ijambo ubwambere avyamirira kure ati : “Twihweje ishusho y’umukunzi wawe, biboneka ko umuryango winjiwemwo n’ikimungu” Mukuru wanje nawe arongerako ati: “Uzire umuziro ntube ugira utuzanemwo umututsikazi!” Nca ndabona ko bitagiye kworoha kuko no mu muryango w’umukobwa ntibemera ko umukobwa wabo yubakana n’umuhutu.

Ntivyagarukiye aho…

Ivyo bamwbiye vyose nabibonye nk’ibisanzwe, ndabicisha inyuma y’amatwi, dukomeza imyiteguro n’uwo twashimanye. Igihe co kumenyesha amatariki y’urubanza kigeze, nja kubimenyesha umwe mukuru wanje. Yabaye akimbona afata ngendanwa yiwe ahamagara umwe muri bamwe baba hanze ati: “Ng’aka ka gahungu katuzanyemwo bamwe batuma muhunga ». Aca ampa iyo ngendanwa ngo tuvugane. N’uyu nyene ntiyaciye irya n’ino. Ati : “Nimba ivyo mukuru wawe ambwira ari vyo, naho nzoza i Burundi sinzohonyora iwawe”. Ndamwishura nciye bugufi nti ni vyo. Aca arantuka ngo: “Uri igipfamutima!” Nca ndasubiza ngendanwa y’abandi, ndubika umutwe, hama ndagenda ntavuze n’icangenza.

Ku munsi w’ubugeni, twitabwe n’abantu bake cane. Ku ruhande rwanje, aboje kunshigikira bakihanikiriza bati: “Nta rubanza rw’abatutsi tujamwo!” Ku ruhande rw’umufasha wanje naho bakagira bati: “Ntitwosangira n’abahutu!” Ubukwe bwararangiye, turataha. Ariko no ngaho nyene ntivyaheze.

Turabana, turibaruka…

Igihe c’uko tujana abana kwa sekuru kigeze, uwundi muri bakuru banje arinamura ati: Kugira wabire umututsikazi, wari wabuze abahutukazi? ” Nanje nti :Uyu ni we umutima wanje washimye!”, abona kundeka. Kuva ubwo, bose baciye banyika, baraduta nk’akanuka, nk’uko vy’ukuri womengo ntidusangiye imiryango. Duca tubaho twirebanga nk’uko tutagira imiryango dukomokamwo. Ariko Imana ikora ivyayo, umukenyezi wanje tubanye neza cane.

Bahungu mugishima namwe bakobwa mugishimwa, nobahanura kugendereza imitima, ntimugendereza amatwi n’amaso. Na kare ngo “ijisho ry’uwundi ntirigushimira umugeni”.

 


A relire : « Kwubakana biciye mu mategeko n’iteka ku bana n’abakenyezi »

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (20)

  1. Nubwo muburundi bitazopfa biheze sindigera mbona ututsi arongora umuhutukazi arik abahutu baratwara abatutsikazi kuberiki ico???sindubaka ariko nanje vyarambayeko.harabant bagikeneye Imana vyukuri

  2. yooo pole caaane,benshi bamaze uko kumenya imana biriko bifasha bamwe ariko jeho uwotwubakany ntidusangiye ubwoko kandi imiryango yacu irumvikana nubugeni vyagenze neza!sibose bameze uko

    1. Steven Katia, nokubwira ko nyimba vyagenze uko ubitubwiye, novuga ko watomboye. Ariko Uwo yabishikirije uko, ntiyashikuje kuko biriho, canecane ruguru mumitumba. Abandi nabo bapfa la situation financière: batunze namw mukenye biragoy ko mwubakana imiryango idahagurutse. Abo bavyeyi rero barakwiy kumenya ko nous évoluons. La gestion pacifique des conflits birumvikana ko ikwiye kwigishwa mumitumba kugira ngo twes hamw twubake un monde d’entente et de paix.

  3. Je numvs ico umuryango ugona ata wociyobagiza kuko twubaka ngo tugwize umuryango. Urukundo ruratsimbatazwa kandi ugwankiye gukura muri Wewe rurahera hama ugahiga uwuzokunywanisha n’umuryango. Sintahura ukunt hari abarundikazi barongogwa n’abazungu. Baba bataye intumbero yo kwubaka ariyo kunywanisha imiryango. Kera vyari sawa kuko abavyeyi nibo bashakira abana babo

  4. Uko nukuba batarahura na Yesu ngwababere nkumwi numukiza mubugingo bwabo!En plus uko nukutababarira knd uwudaharira nawenyene ntazoharirwa

  5. Ni mugume mu rukundo rwanyu mukomeze n’ukwemera Imana, abo baryango banyu muzobona baza kubasaba imbabazi. Ubwoko ntaco bumaze kabisa

    1. Numvise vyinshi ariko nimba Atari bimwe vya kera,Jews ninashima umwigeme ntabwo nzoraba ubwoko ahubwo nzoraba ko afise urukundo gusa twibagirwe kahise .Mbega burya Imana yaremwe ubwahe bwoko?ubwobudasa be ubwoko bwaremwe na NDE?

  6. je ndibaza ko kuva ker narindwi ko atamok yariho.ivyo nivyo wari warishizimwo.nibint abazung batuzanyemwo natwe tuca tujana narwo.mbe ko bobo bitariy.

  7. vy’ukuri turakwiye kurengera ivy’amoko.umusi umwe nari niberey ahantu hari umusore yaheruka kurongora niho abagenzi biwe bitegereza isanamu y’umufasha wiw nza n’umva ngo: »mbega KO umengo yarongoye igihutukazi!! » haciye akanya aba araje baca batangura kubimubaza nawe yishura ATI: »jewe ivyo novyubahuka »narumvise mbabaye cane kuko jewe umuryango nakuriyemwo ntavy’amoko bageze banderesha.ninayo mpamvu dukwiy kurekera ubwigenge abashimanye kuko ubwoko sibwo bubi abantu nibo babi.

  8. Ni hatari kweli biragoye. Ariko jēwé kubwanje ubu ivy’amoko ntawar akwiye kubiha agaciro nkukwo ! Imana ishimwe KO mubanye neza.

    1. Intahe ikomey caaaane!! Ariko kuri je siko bimeze, ma fiancée ntidusangiy ubwoko ariko imiryango ntitwinjirira. Tuvyumva kumwe kandi n’imiryango nuko. Abo ba Vieux n’aba vieilles ivyo badukwegeyemwo kubw’inyungu z’abantu bari Ku rushing, bigatuma tutagira aho tugera, tukaba tugow ayo tugow ubu, bashaka kubituraga natw tuzobirag abana bacu?…. Turavyase generation yacu dufise izindi visions Atari amazuru marefu canke yaguts….

  9. Commentaire *biragoy kuguma muco twita ikosha kandi uburundi buri evolue,nitwarengera ubwoko, uburundi buzoba bugiye kwogorora kuko n umurage twarazwe na basokuru batavanguye