article comment count is: 7

Mbega ubwoko bufise ikibanza ikihe mu rukundo ?

Kuri bamwe, “nta bugeni bukwiye kuba hagati y’abadasangiye ubwoko”, ku bandi, ngo « ivyo biragahera ». None mwe n’izo mpari ziterwa n’iki ? Zizohezwa n’iki ? Mbe hoho, ikibanza c’ubwoko mu rukundo gitegerezwa kuba ikihe ? Reka tubiyage. 

Ejo bundi, urukurukuru rwarabaye rwinshi, haba ku mbuga ngurukanabumenyi canke ku zindi mbuga koraniro zitandukanye, igihe umuhungu w’uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi ashinga urwiwe n’umwigeme bashimanye. Izo nkuru zari zifatiye k’uko abo bakunzi boba badasangiye ubwoko. Maze bamwe bagatera ivyatsi ubwo bugeni, abandi na bo bakabushigikira. 

Nkumbure, uwo muhungu wa Perezida Domisiyano Ndayizeye yavuzwe cane kuko ava mu muryango w’umwubahwa. Ariko, ivyamushikiye bishikira benshi, canecane mu gihe ca none, aho tubaye, naho nyene bitavugwa. Ukaja wumva ngo : “raba mumuhanure, erega yarondereye aho atari akwiye gutumbera.

Ibibazo ni injojo : mbega ivyo vyiyumviro biva kuki ? Mbega ikibanza c’ubwoko n’ubundi butandukane hagati y’abashimanye, gitegerezwa kuba ikihe ?

Ni ikibazo nkoramutima

Innocent*, ubu ni umugabo avyaye rimwe ; be n’umuryango wiwe, bapanze muri imwe mu makaritiye yo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, aho asanzwe akorera imirimo ya misi yose. Ava mu muryango wifashe, mbere wanarwiriye ; kuko ufise incuti zisabagiye mu ntara zitari nke z’Uburundi. 

Mu muryango Innocent avukamwo, canecane ku ruhande rwa se wiwe, barakunda kugira amahuriro y’umuryango buri mwaka. Buno rero, bagaheza bakagira akanya ko gukoranya abahungu bose bariko barashika mu bigero muri uwo muryango, aho ba senaka bahera ivyo bita impanuro abahungu babo mu kivunga ; umusenaka akurira abandi mu myaka agafata ijambo ati : « mwa basore mwe ! Murabona ko mukuze ; tubahaye gasopo, ntihaze hagire uwuhirahira ngo atuzanireho umukazana avuye mu miryango tudasangiye ubwoko. Azomenye iyo atera ajana, atari muri uno muryango. »

Ntivyatevye, Innocent yarakuze, arashika aho yubaka urwiwe, mbere yisanga yashimanye n’umwigeme ava mu muryango badahuje ubwoko. Biragorana cane ko se yemera uwo mukazana, ariko nyene, arateba aragondozwa, araja gusabira uwo mugeni umuhungu wiwe, ubu avyaranye irya mbere n’umukunzi wiwe. 

Uwaturoze ntiyakaravye

Nta kiringo kinini kihaciye menye ko ivyo vyashikiye Innocent biba mu miryango itari mike hano mu gihugu cacu. Ni ko, si bose batunganya amakoraniro kaminuza y’imiryango, ariko nyene urasanga abavyeyi bagenda barabiba umugera w’amacakubiri afatiye ku moko, biciye mu biyago n’abana babo.

Bishobora kuba bituruka cane ku bikomere abavyeyi bacu bagize kubera kahise kababaje igihugu cacu caciyemwo. Biratahuritse. Ariko nyene, hari uwigeze kuvuga ati : “ntihica ubwoko, hica intwaro mbi” ; nsangiye iciyumviro nawe. Isi izorindi ihera, Abarundi tudatahuye ivyo mbega ?

Inzira y’ubukiriro

Aho bigeze mu gihe ca none, hari impande zibiri : ku ruhande rumwe, hari abanyweshejwe uwo mugera mubi w’amacakubiri afatiye ku moko, mbere bakaba babikorerako cane. Abo nobasangiza impanuro duhabwa n’umunyamuziki rurangiranwa Bob Marley ; ati : « emancipate yourself from mental slavery » (ikure mwebwe nyene muri ubwo bucakara buri mu vyiyumviro vyanyu ndlr). 

Nayo ku rundi ruhande, hari abameze nkanje, tutigeze tubibwirwa kuva tukiri bato, canke tukabibwirwa ariko ntitubitahure, ntitunavyemere, maze tukisanga abo mu runganwe rwacu ari bo bariko baragerageza kutwumvisha ko twobikorerako. Nkababwira nti : ni muryumeko ; kuko na kare ngo “ikinyoma kiranyaruka mu kwiruka, ariko ukuri kugahereza kugifatira mu nzira.”

Ryarabaye ntirikabe, nta macakubiri y’ubwoko mu rukundo, biragahera !

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (7)

  1. Namba muvyibuka neza , hatanguye ingwano ntagatifu , hasubira ubujakara, hasubira ubucoloni,donc apres l’esclavagisme na colonialisme , harabemeye baguma ku mateka yabo aribo bitwa les conservateurs. Abandi bemera guhindukana nibihe aribo twita les progressistes. Abaza hejuru yabo bose ni aba radicaux, extremistes, . Aha muburundi rero iyo mirwi mvuze yose irahari mu batutsi no mu bahutu. Ahubwo ikibazo aho kiri naha : mbe ko abagabo bbahutu babira abigeme babatutsikazi ariko a part exception nta musore wumututsi uzabona yiruka inyuma yabahutukazi. Iyo sujet yawe rero ni urukwegekwegane ya ba Radicaux extremistes, conservateurs , progressistes.

  2. Ivy’ubwoko nije ndabizi ariko kugira ndabimenye vyanciye kure bintwara kurugezo rwogucika mumuryango ariko ndashima Imana yomw’ijuru yemeye nkabaho murukundo rwayo ikanandinda hama  » Akahise tukareke twubake aheza hacu hazaza ,kubw’imiryango yacu ya kazoza  » inkuru yanje sinoyivuga ni ndende gose .

  3. Rwaruka runganwe rwacu rengera amajambo yabadukuriy mukuducanishamwo twifataniranire munda kuk ubudasa bwacu nibwo butunzi bwacu nakare ikibanza kiryohera ijisho mugih kibonekamwo amashurwe yubwoko bwose ahandi tukabasha tugendera kumabwire tudatahura ntantambwe tuzotera mubuzima atarukugum twisambagurirako nkimpene

    1. Kahise kabi nikibagirwe burundu dusubire kwinywanira, gutyo n’iterambere rizoca ridushwaramwo. Ata bumwe iterambere riragoye. Ivy’abavyeyi bo mu misi iheze ntibikatwandukire, umukunze akagukundi n’uwo nyene.

  4. Hari abantu babi cane: abavyeyi bagomba kuraga amacakubiri abana babo. Abo bavyeyi babura ico baraga abana bakabaraga ibikomere vyabo barateye n’isoni. Ahari urukundo, amacakubiri arahera. Abakiri bomenya ko basangiye kazoza> Intureka zose zabaye zamye zihekura bose. Ni kuki tutoraga abana amahoro?
    Abagore baca imitwe abagabo babo, uraraba baba basangiye ubwoko. Urya yaturiye ibihimba umugabo basangiye ubwoko, mu Kirundo, uwishe umugore wiwe basangiye ubwoko, ….
    Atari umuja w amacakubiri, ni nde yoba akibuza abana kwibanira?