Hakaba hari ikintu kibabaza umutima, ni ukumenya ko umukunzi wawe akuvanga. Ukibimenya, urabura ico ufata n’ico ureka ; amaraso agahagarara. Ku ruhande rumwe, wumva wohagarikira aho nyene ivyo gukundana na we, ariko wibuka ibihe vyiza mwabanye musangira umunezero, bikakwanka mu […]
Urukundo
Indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka : ng’uku uko mwozivuganako n’umukunzi
Kuganira ibijanye n’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka ni ikintu gikomeye cane ku bafashe ingingo yo gukundana. Iyo hari uwumva hari akatameze neza mu magara yiwe, ni vyiza ko abibwira umukunzi wiwe. Muti vyogenda gute ?
Guhemukira umukunzi : biri kune bikaba gutanu
Abantu benshi bibaza ko kuvanga umukunzi ari ukuryamana n’uwundi gusa. Ivyigwa vyagizwe vyerekana ko abantu benshi bagiye barerekana ko guhemukira umukunzi biri ubwoko bwinshi, bivanye na nyene kubigirirwa. Ivyo umwe yita guhemukirwa, awundi usanga ashobora kubibona ibisanzwe.
«Ng’uku uko naraye nahukanye kubera amatora yo ku wa 20 Rusama»
Hari ingo zibanye nabi kubera ukudahuza muri ibi canke biriya ; harimwo n’ivyiyumviro vya poritike. Aline*, ivyamubayeko ntibigira izina. Yari abanye neza n’umugabo wiwe, gushika kw’igenekerezo rya 20 Rusama, aho vyayangaye.
Kubabara mu gihe c’imibonano mpuzabitsina: ico wokora
Biramaze kugaragara ko ukubabara mu gihe abantu bariko bararangura amabanga bibangamiye ingo nyinshi, mbere bikanazisambura. Ni naco gituma twashimye kurabira hamwe ibituma, hamwe n’impanuro ku kugene abo bishikira bovyifatamwo.
Ng’uku uko nahukanye bitewe n’ububabare mu gihe c’ibanga ry’abubatse
Tumaze imisi tubayagira ku rubuga Yaga ibijanye n’ububabare bwo mu gihe umuntu ariko ararangura amabanga y’abubatse. Abatari bake bagiye baradusabikaniriza ico biyumvira kuri ico kibazo. Umupfasoni Anita* w’imyaka 30, we yashimye kudushingira intahe ku ngorane zamushikiye.
Urukundo hagati y’abadasangiye umugambwe rurashoboka
Muri iki gihe c’imyiyamamazo mu Burundi, abantu benshi baribaza nimba abakundana badasangiye umugambwe bakomeza kubana mu rukundo. Ivyo birashoboka neza cane kuko ni muri ubwo budasa bwabo nyene hahagarara urukundo nk’uko Rodolphe Oppenheimer, umuhinga mu vy’inyifato abivuga.
Kaminuza y’Uburundi : kuki hari aberekana umukunzi ku musi wo gusoma igitabu ?
Muri Kaminuza y’Uburundi, neza na neza mu gisata c’ubuvuzi, abanyeshure baharangije, ku musi wabo wo gusoma ibitabu, ni ho berekana ku mugaragaro abakunzi babo. Si ko vyahoze, mbere haracariho n’abatabikora uko, ariko bitera bija kuba nk’ingendo rusangi. None iyo vyoba […]
Abakundanye : umuntu uramumenyera ku tuganuke atanga
Nta muntu n’umwe atarahabwa akaganuke. Kandi nta n’umwe ataragira amadidane muri we ahawe ikintu, mugabo bigasa n’uko umengo n’ugusubiriza mu ndumane umuntu. Burya, utanze akaganuke usanga utanze ubutumwa, kandi ugasanga hari aho uronka inyishu, ikaza bukebuke canke bukwi na bukwi. […]