article comment count is: 6

Ingene ugukundana vyatwirukanishije kw’ishure

Gucungwa, gukurwa amanota y’indero, kwugaranwa, …. ng’ivyo bimwe mu vyo abanyeshure baba mu ndaro mu mashure yisumbuye babayemwo. Ariko hari abarega kuri izo nzitizi zose bakinjira mu rukundo, n’aho biba bigoye. Na rirya abo banyeshure baba bari mu myaka y’ubuyabaga, inkurikizi zitari nziza ntizibura, nk’uko vyagendeye Lydia*. 

“Urukundo rwarankwegeye, amanota y’indero barayamara, hanyuma baranyirukana.”  Uku ni ko Lydia*, umukenyezi w’imyaka 27 yahevye amashure ageze mu w’icumi na kabiri, n’ubu acidoga, inyuma y’imyaka cumi yose bimushikiye. 

Yize kw’ishure avuga ko ritoroshe, ishure ryegamiye ishengero rimwe mu mashengero y’abaporotestanti. Aho naho, abajejwe indero bari benshi, harimwo n’abapasitori. “Bafashe umwigeme ahagararanye n’umuhungu, amanota yo mu ndero yaba agiye; kandi no kurenganywa vyarashoboka”; nk’uko Lydia abandanya avyigana. Ariko n’aho vyari uko, uwo mwigeme vyaramunaniye kwihangana, kuko umutima wiwe wari warabutswe uwowutuma utuza ibihe n’ibihe.

Akajisho k’umukunzi 

Yari afise umusore bari mu runganwe rumwe yitwa Edmond*, yiga mu mwaka w’icumi na gatatu. Yaramukunda akabigira ibanga, bikamugora uko yobimubwira. Ariko na we nyene yaramukunda cane, nk’uko abivuga: “Narabona ko iyo duhuye, akajisho kaguma kuri jewe.” 

Harageze igihe, ukwihangana kurananirwa. Kugira aronke akaryo na gatoya, mu gihe co gusubiramwo ivyigwa, Lydia* yariyiba akaja kwigira mw’ishure Edmond yigamwo.  N’aho nyene ntivyoroha, kuko kwaba ari ukwiroha:“Bagufatiye mu rindi shure, aho amanota y’indero yaba agiye.”, Lydia ni ko avuga, n’umubabaro mwinshi.

Inteba ishushe 

Umusi uri izina, uwo muyabaga yabonye agakete kavuye kwa Edmond, kamubwira ko amukunda. Agakubise ijisho, wamenga ijuru rirugurutse. Wabaye umusi w’igitangaza kuri we.  Ubugenzi bukomeye burabandanya gutyo nyene, ariko batorohewe kuko bataronka uko bavugana. 

Ku musi abanyeshure bose barekurirwa gusohoka, kabonetse nk’akaryo keza ko kuganira. Edmond yamusavye ko baganira, kubera yari yimirije guheza amashure. Nta na kimwe kindi cari mu mutwe, atari ukuganira gusa nk’abakundana. 

Ni uko, bigira ahantu hatekanye. Bugingo ikiyago caramye, umwe muri bamwe babacunga abahumukako. Niko kugenda aca ku biti no ku mabuye kubarega  ngo yabafashe bavuye mu bushurashuzi.  Kubera atavyemeza ko bari mu bushurashuzi yari afise, umuyobozi yahisemwo kubakura amanota gusa. 

Baca batangura kubagenza ku musi ku musi. N’aho bahagarara bahana yambu gusa, baba bambuwe amanota mu ndero. Umwaka wagiye guhera amanota yarabaheranye. Umwaka uheze, baruhiye kwirukanwa kuri iryo shure, kandi kubera bafatwa nk’abatagira indero, ntibashora kwiga na hamwe mu gihugu cose. 

Urukundo ruhava rurama ivyamwa

Edmond  yafashe urugendo ruja iwabo i Ngozi, Lydia nawe afata inzira ija i Bubanza. Ariko imbere yo gutandukana, barahanye utunomero twa terefone, kugira bazogume bavugana. Mu misi ya mbere, ngo vyarabagoye cane kubaho batabonana, ariko urukundo rwabo rwagumye rubira nk’iyaronse uruberero. Barahamagarana, inkumbu zikagabanuka. Haciye imyaka ibiri, barabonanye, bahava bashinga urwabo. Uno musi bafise abana babiri. Babeshejweho n’umwuga wo gucuruza. 

Ukurera ni vyiza cane, kuko abana bari mu myaka y’ubuyabaga bashobora kugwa mu rudubi. Ariko, abarezi bomenya ko n’urukundo rubaho, bakaraba inyifato y’abo bana, bakababa hafi, maze bakabatahura ko ari amaraso ashushe abatwara canke ari urukundo rw’ukuri. Ntibashire imbere guhana. Edmond na Lydia bemeza ko, ku bwabo, bari bariyumvikaniye ko bazorushinga barangije kaminuza, umwe muri bo ahejeje mu vy’indimi, uwundi mu vy’uburimyi. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Nakarorero keza gukundana muri secondaire birashoboka mais harimw inzitizi zitar nke ivyo vyo gukurwa amanota kwirukanwa nibindi gusa hariho nukundi kuntu abana Bari mundaro bashobora gukundana vyo kwinezereza vyonyene umuhungu agatanga amaher umukobwa naw aca yemera gushurara ugasanga havukiyemwo ibindi gukundana mu gihe ari vyukuri ni vyiza mais ari ugufyina namakosa mwoba murabangiriye ni benshi bakundanye bakiri kwishule mais rimaz kurangira ubucuti nabwo bwaba buhez ibaze uri nkumukobwa waramaze gutakaza ubusugi bwaw uwabugutway agaca aguheba!!dukwiye kub maso kuri toute relation amoureuse murakoze

  2. Iryo shure ntimurivuz ark je ndarkets nyimb ar uk vyabagendey disi nibihangane kuk nub abasezi bensh ntibemera urukund rwurwaruka ahubw barwit ubushakany