Mu mpera z’ukwezi kwa Mukakaro, runo rubuga rwaradusangije inkuru ya Akeza Martine, umwigeme yisanze ariko asabwa kuryamana n’umusore, kandi we yari azi ko bafitaniye ubugenzi budashika iyo. Ni ikibazo c’abatari bake. Hari abahinga bagikozeko ivyigwa, ari vyo tubashikiriza hano, nk’inyishu kuri ico kibazo, duciye ku ntahe ya Egide*.
Egide* ni umusore arangije amashure muri kaminuza imwe yigenga y’i Bujumbura. Mu myaka itatu yari amaze yiga, ni we yaserukira abanyeshure bigana mu gutunganya ibikorwa bitandukanye vy’ishure. Kuva atanguye mu wa mbere, vyabaye ngombwa ko atunga inomero za terefone z’abanyeshure bose aserukira. Muri abo, harimwo umukobwa umwe yahavuye aba n’umugenzi wiwe akomeye.
Uwo mwigeme yamufata nk’incuti idasanzwe, akamubwira n’amabanga atobwira umuvukanyi wiwe w’amaraso. Ubucuti bwabo bwarakomeye ku rugero runini, nk’uko Egide* avyigana; ati:“Yarampanuza n’iyo hari umuhungu ariko aramuresha; nategerezwa kugira ijambo rya nyuma. Ndamubujije yaca amwankira, ntamubujije naho yaramwemerera. Twarabwirana n’amabanga afatiye ku buzima ndoragitsina. Eka ntaco tutayaga.”
Aho hose, bari bigiriye inama yo kubana nk’abavukana, muri ubwo bucuti bwabo.
Kwihangana kurananirwa
Ubwo bucuti bwarabandanije gushika aho bamariranira imanza nk’abakomoka mu muryango umwe. Igihe kimwe, bajana mu ntara ya Muyinga kumara urubanza rw’ubugeni rwa muvyara wa Egide. Ni uwo musi nyene vyahindutse, bisanga baryamanye.
Egide ati : “Sinigeze nibaza ko vyoshika umusi umwe tugasanga twagize imibonano mpuzabitsina. Ariko uwo musi, kubera twari twashikiye mw’ihoteri imwe, twateramiye mu cumba kimwe, maze kwihangana biduta ku w’amazi, duca dusanga twarenze n’imbibe twari twarishingiye.”
Uwo ni umwe muri benshi bashobora kuba barashikiwe n’ibisa n’ivyo. Ariko ntawoca afatiraho mu kwemeza ngo ubugenzi hagati y’abantu badasangiye ibitsina batabihuza ntibushoboka.
Birashoboka
Ku bw’icigwa cakozwe n’abahinga bo muri kaminuza ya Wisconsin-Eau Claire , muri Reta zunze ubumwe za Amerika, hagati y’ubugenzi bugizwe n’abantu 176, babiri babiri badasangiye ibitsina, basanze abahungu benshi bagira ivyipfuzo vyo kuryamana n’abagenzi babo b’abigeme.
Mu gusigura ubwo butandukane, umwe mu bahinga bagize ico cigwa akaba n’umwigisha mw’iyo kaminuza, Bleske-Rechek agira ati: “ Kurondoka ni ikintu gikomeye kiri mu ndemano y’abagabo, kandi guhuza ibitsina biroroha kuri bo kurusha uko vyoroha ku bigeme. Ni co gituma mu bugenzi bw’abadasangiye ibitsina, abahungu bisanga akenshi ari bo babisavye abigeme bagenzi babo.”
Nk’uko vyandikwa n’umuhinga mu buzima ndorabitsina Véronique Larivière ; ubugenzi hagati y’abadasangiye ibitsina burafise akamaro gakomeye, kuko bahanahana ivyiyumviro canke impanuro zitandukanye n’izo bohanye iyo baba basangiye ibitsina.
Ku bw’uwo muhinga, “Igikomeye ni ukwiyubara cane, kuko bishobora gutuma ubugenzi butakara canke bugasigara bufatiye ku guhuza ibitsina gusa. Maze bwa bugenzi bugasigarana ishusho y’ubuhabara.”
Nk’uko ico cigwa kibigaragaza, hagati y’umuhungu n’umukobwa batavukana, ubugenzi butarimwo guhuza ibitsina burashoboka, ariko bisaba kugaba cane, gushiraho inkingi ngenderwako kugira bame bibuka na ntaryo umurongo ntarengwa.
*: izina ryahinduwe