article comment count is: 0

Kurenga ibigo canke gucamwo uwo mukundana : inkwezi y’amarere 

Kurenga ibigo canke gucamwo uwo mukundana ni ukutubahiriza amasezerano muba mwagiraniye igihe mwiyemeza gukundana urutagira agatosi. Ukuvangana, ni uguhemukira uwo mukundana canke kurenga ibigo. Icitonderwa.

Igihe utongoje canke ukaryamana n’uwundi muntu atari uwawe, ni ukuvuga ko uba umucamwo. Mugabo gucamwo uwo mukudnana ntikwama ari uguhuza imibiri gusa. Biranavugwa mu gihe ubabaza umutima w’uwakwihaye. Iyo ubwiye uwundi amajambo y’inkoramutima, ashingiye ku karyoheramubiribi, uba uriko uracamwo uwawe.

Uko biba biri kwose, ukuvanga uwo mukundana biramubabaza umutima , kandi vyo biratosekaza urukundo, mbere bigatuma n’abubakanye bahukana.

Kubera iki umuntu avanga uwo basanganywe ?

Kuvanga uwo mukundana canke kurenga ibigo bitumwa na vyinshi. Urashobora kumuvanga kubera utakimukunda, iyo atagushika ku nyota, iyo yaguciyemwo, iyo atakikwitaho canke atakiguha agaciro.

Ubona ko « ikinyoma kimara umusi kitamara umwaka », urashobora kubesha uwawe, mugabo ukaruhira guhinyuka, ukuri kukigaragaza. Iyo rero umutima ugutonganije, ukabona ko ivyo wagiyemwo ari inzira mbi kandi wipfuza guhindukira, umuti ni ukwemanga amakosa wagize. Urashobora kutavuga na kimwe ku vyabaye, mugabo ubwo buhemu buzogira ingaruka mbi ku rukundo rwanyu.

Mu gihe na ho waciyemwo uwawe, kandi wipfuza kuvana na we, inzira ni zibiri : Kwemanga ko wamuciyemwo kandi ugaca umusezera, canke ubimuhishe uheze umubwire ko ushaka kuvana na we kubera ibindi bituma.

Uwawe aragucamwo ?

Mu bisanzwe urazi cane uwo musanganywe canke uwo mwubakanye, kuko muramaranye igihe. Ntibigoye ko umenya ko hari ikitagenda neza. Urashobora kubona ko asigaye amara umwanya munini akavuga ko ari ku kazi, ko atakikwitayeho kandi atitayeho umuryango. Biranashika akaguma yitaba iterefone akwigiweyo. Ikindi naco urashobora kubona ko atakinezerwa canke ngo agaragaze akanyota k’uko mwokorera hamwe ibintu canke atanguye kuza arakubesha, mu maso ukabona ko adatekanye abuze amahoro. Umubajije ivyo ari vyo akishura ibitajanye.

Umenye ko uwawe agucamwo biravuna umutima. Birashobora gutuma mutaba mucizerana na gato, eka mbere na wewe nyene wabikoze, umutima uguma ugutonganya. Bishobora guca bituma mutandukana igihe gito canke mukahukana burundu. 

Uzokwicuza ubuzima bwawe bwose, wibaze ico wacumuye ku Mana kugira ngo ubone ayo makuba yose, ubure inyishu. 

Nta vyama vyera de

Aho kwiyagiriza, fata akanya wiyumvire ivyerekeye urukundo canke urugo rwanyu utekanye. Kugira ngo ushobore gufata ingingo yo kugumana n’uwaguhemukiye, bitumwa n’ibintu vyinshi. Hari ibibazo bibanza kuronkera inyishu. Uwo mukundana canke uwo mwubakanye arashaka ko mubandanya ? Nimba abishaka, yogira iki kugira ngo usubire kumwiyumvamwo. Woshobora gusubira kumwizera ? None musubiranye, muzovomerera urukundo rwanyu gute kugira ngo rusubire itoto ? 

Inyishu z’ivyo bibazo ntizoroshe, mugabo fata umwanya wo kuvyiyumvira hanyuma ufate ingingo ibereye.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion