article comment count is: 7

Ibintu bitanu vyofasha abari kure na kure bagumana urukundo rutotahaye

Kuba mu rukundo ni ikintu kigoye. Ukudatahurana, ishari, ukwikunda n’ukuntu umwe mu bakundanye vyanka ko afata ingingo, ni bimwe mu bihanga abakundana. Hajemwo ko umwe ari ku mpinga hoho biba vyunyutse. None umuntu yobikika gute, mu gihe akundana n’uwuri i buheramaso ? Ng’ubu uburyo bwogira akamaro cane. 

Hari abavuga ko ico impinga igira mu rukundo ari co umuyaga ugirira umuriro; kuko umuriro muke uca uzima, iyo ari mwinshi naho uhuye n’umuyaga uca urandagata. Ni vyo. Urukundo rurarengera ibihe n’ibirere. Ni vyo, biragoye gukudana n’uwo udashobora kubona kubera ko ari kure, mugabo birashoboka kuguma mukundana uko bimera kwose. 

Ng’ibi ibintu bitanu umuntu yokwisunga kugira agume akundana n’uwiwe ari ku mpinga.

Urukundo rw’ukuri

Ica mbere gikenewe ni uko uba ukunda umukunzi wawe urutadohoka. Uvyumvise, womengo ni ibisanzwe. Ariko, hatarimwo urukundo rukomeye cane, biragora. Mbere, ntibinashoboka kuvyihanganira ku batari bake.  Umwe muri abo bakundana adafise urukundo rushinze imizi, arazana ibintu biruhungabanya, ku buryo usanga ikiyago gihindutsemwo imyidogo canke ukuryana  buri mwanya.

Ishwashwa rihozeko

Kwumva ko umukunda, vyonyene ntibihagije. Bisaba ko uguma uvugana ubudahengeshanya n’umukunzi wawe. Kumuvugisha canke kumwandikira n’imiburiburi gatanu ku ndwi, canke ahubwo imisi yose kugira ngo ntihabe igihengeri. 

Mugabo vyongeye, ivyo ntibisigura kuguma ubuza agehengwe uwundi. Kuguma umugora, na vyo nyene bishobora gutuma arambirwa. Utegerezwa kumureka akaronka akanya ko kwidagadura, kwisanzura mu bindi, utarinze kuguma uriko uragenzura ivyo arimwo vyose, ku mwanya ku mwanya.

Gutahurana no kwizigirana

Birashobora gushika aho usanga uwawe atitaba umuterefonye, canke ntiyishure ubutumwa bwawe. Ntiwame witwararika kumenya ico ariko arakora, nk’uko womengo ujejwe kumugenza. Ntibigutirimutse. Komeza wihangana nyabuna. 

Nimba ata gakuru kiwe, mwandikire ubutumwa burimwo amajambo y’inkoramutima kandi umubwire ko wari wipfuza kwumva akajwi kiwe, uheze umusabe ko yoguhamagara ni yo yabona ubwo butumwa, akanya kamukundiye. 

Ivyo bituma hagabanuka kudatahurana canke impari zadukamwo guhungabanya urukundo. 

Guhindura ibiyago

Mu kuganira, ntihagire ivyo mushingirako muzokwama muvugana,  mwirinde akamenyero mu vyo muvugana n’ukuntu muvugana. Erega uvugishije umuntu akaba azi ivyo ugira umubwire n’ukuntu ubivuga, urumva nawe ko ico kiyago ata nyota comutera. Vugane utuntu dutwenza, tebure kandi muzomerane bitababazanya. 

Murungikirane ubutumwa buciye mu majwi, amafoto n’amasanamu. Terane amashurwe, umwe abwire uwundi ivyo akenguruka kuri we. Vuge ibijanye n’ubuzima ndorabitsina, uko umwe wese yipfuza ko vyogenda igihe muzoba mubana. Muri make, ntimuvuge ukuntu impinga ari ndende, ahubwo uko bibakundiye muvugane nk’uko umengo muregeranye kurusha.

Gutegekanya no kuvugana igihe muzobonanira

Kwerekana ko mwizigiye kubonana canke gusubira kuzobonana ntibihare mu kiyago. Ivyo bituma n’imisi umengo iranyarutse kandi n’ikirere kibatandukanya, ukamengo kibaye gito. Mutegerezwa mbere no gutegekanya igihe muzobonanira. Umwe wese akavyitwararika, haba ku mutima, no mu vy’uburyo, kugira ngo muzobonane imbonankubone. Ivyo ntibiraze ishinga umwe gusa.

N’aho gukundanira ku mpinga bigoye, birashobora kurama. Igikenewe ni ukuryumako n’ukwihangana. Urukundo rw’ukuri rwemera vyose.

PS: Uwipfuza gusoma iki gisomwa aho twagikuye, yocisomera afyonze ng’aha.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (7)