Uruvugo, gutungwa intoke, n’ibindi bidahimbaye, ni vyo bishikira umukobwa atarubaka urwiwe, mu gihe umwe canke benshi muri barumunawe bamutanze kwubaka izabo. Kuki iyo umuhungu mukuru atanzwe na mutoya wiwe kwubaka bifatwa nk’ibisanzwe, ariko bibaye ku mukobwa umengo ni agahabwa ?
Ubugeni
Muragabe, abubakana batarakwiza imyaka bubakira gusambura
Ukwabirana ni ibanga rihuza umugabo n’umugore bavyishakiye, kandi bakabicisha mu mategeko. Iyo bishitse iryo banga rigapfundikwa hagati y’umusore canke inkumi batarakwiza imyaka yo kwabirana, urukundo n’urugo rwabo birashika bikamara akanya urume rumara. Ivyo bigaheza bigatera ingorane mu kibano. Tubirabire hamwe.
Mbega ubwoko bufise ikibanza ikihe mu rukundo ?
Kuri bamwe, “nta bugeni bukwiye kuba hagati y’abadasangiye ubwoko”, ku bandi, ngo « ivyo biragahera ». None mwe n’izo mpari ziterwa n’iki ? Zizohezwa n’iki ? Mbe hoho, ikibanza c’ubwoko mu rukundo gitegerezwa kuba ikihe ? Reka tubiyage.
«Kurya isake» : abanyamayeri nabo bavyivanzemwo
Umugenzo wo kurya isake wamyeho, mu bice bimwebimwe vy’Uburundi. Aho ni nko mu ntara z’Imbo na Buragane. Igishasha ni uko hari bamwe mu basore bazirya, ijisho rikaba ribaye iryo. Maze ivyo bigatera iceyi abigeme vyashikiye. Ng’uku uko bigenda.
Amakuba y’abakundanye mu gihe c’ikiza ca Koronavirisi !
Muri kino gihe isi yaseserejwe n’ikiza Coronavirus, kikaba kizira ko abantu bakoranako, ndetse ntibanegerane, abakundana ntiborohewe. Higiro* na Karire* badushingira intahe bagira bati: “ Ni amakuba adasanzwe! ”
Vy’ukuri abageni bifotoreje ku “giti c’urukundo” bituma bahukana ?
Mu gisagara ca Bujumbura, hari ikibanza bita “ku giti c’urukundo”, cigeze kuba giharawe n’abageni bacifotorezako muri kahise mu nyuma baragiharuruka bavuga ko coba gitera imikoshi. Uno musi, ico kibanza kiriko kiranagurwa, ariko hari benshi bakivuga ko batarota bahifotoreza kuko bacibaza ko […]
«Baje gusaba irembo iwacu, bagirako n’ugutanga inkwano» : intahe
Muri kino gihe, imiryango itari mike iraboshwe n’imigirwa iza yaramaze guta insiguro n’akanovera. Ijanye n’imanza zo gusaba irembo, ibirori vyo gukwa, ibirori vy’abandikwa mw’ikomine n’ivy’ubugeni nyezina. Ntawe zitaremera, iyo ashikiriwe; ariko kuzireka bikaba umugani. Claude* na Francine* baravyubahutse, baradushingira intahe.
Kwitegurira kwubaka urwawe: ng’utu utubazo wokwifashisha
Umuntu wese ageze mu bigero, kenshi na kenshi, arahitamwo kwabira canke kwabirwa. Canke kubireka. Biranashika mugabo akazazanirwa, bikamugora gufata ingingo ; akibaza nimba atoba aruguyemwo, hamwe yofata ingingo yo kwubaka urwiwe. Ng’utu utubazo wokwifashisha.