Umuntu yumvirije ivyashikiye Fildaus Ihimbazwe yokwibaza ko ari ikiganiro ‘’Ninde ?’.’ Ntawopfa yemeye ko muri ino myaka abantu benshi bariko barwanira agateka k’abakenyezi, hari umuntu yokwubahuka gupfunga umukenyezi yarekuriwe gutandukana n’uwo bari bubakanye n’idini, umuryango n’ubutungane. Kugira ngo uwo mupfasoni […]
Ubugeni
Rumonge: “Umuhezagiro ku bageni usigaye uzimvye”
Kugira umusore n’umwigeme bashinge urugo basabwa ibitari bike. Iruhande y’uko umwe wese aba afise inyifato ibereye, barasabwa n’amafaranga kugira bashobore gutegura urubanza ariko kandi bagure n’ibikoresho vya nkenerwa bija mu nzu. Ivyo vyose umusore Eric* w’imyaka 33 yarabikwije, eka na […]
Intahe : “Uko igiceri campaye amahirwe y’ukwubakana n’uwo nipfuza”
Mu Burundi, iyo umwigeme atize, amahirwe y’ukuronka umugabo yize bubakana aba ari make cane. Ariko Violeta* we si uko vyamugendeye. Uwo mwigeme atanahonyoye muri Yaga Mukama yarashoboye kwubakana n’umusore yize nk’uko yavyipfuza. Aratuyagira uko vyagenze.
« Nateshejwe kaminuza, ndongozwa ku mukozi wo mu nzu » : Intahe
Ububasha umuntu aba afise ku wundi, burashobora kuvyura akageso kabi k’uguhohotera ku nguvu uwuba amuzeyeko uburaro n’uburamuko. Ni vyo vyashikiye Madarena*, aho uwamurihira ishure ari we yamugotseko. Erega yategetswe kurongorwa n’uwari umukozi wo mu nzu w’aho yari abaye. Intahe
Imanza z’ubu: kuki zisigaye zirangwa n’utunenge twinshi ?
Kugira nk’abandi, ubutumire butagira insiguro, gutegura ibirori utagira amikoro bituma wikokora ugakokora n’abandi,… ni vyo bisigaye biranga imanza z’ubu. None vy’ukuri ni ko vyari bikwiye kugenda ? Turabire hamwe uko urubanza rugenda mu kirundi, n’igituma imanza z’ubu zita akanovera.
Amakuba yo kwubakana n’uwudashobora kugira imibonano mpuzabitsina
Mu nkingi zikomeza urugo, amabanga y’abubatse aza imbere. Bishitse umuntu akubakana n’uwufise ingorane zo kugira imibonano mpuzabitsina, ni amagorwa atagira izina. Muribuka ka karirimbo ngo: “ Sinazanywe n’ibigori, n’iwacu nasize vyeze, nazanywe n’ibigoye”. Ng’iyi intahe y’uwo vyashikiye.
Twibukanye ibice bigize urubanza rw’ubugeni rw’aho hambere
Uno musi, ku musi umwe gusa, harakorwa urubanza rwo gukwa, urw’ubugeni, ndetse no gutwikurura bakagenda babihejeje. Ivyo si ko vyahora kera, twabitumwe n’uko ibintu biguma bihinduka. None urubanza rw’ubugeni rwakorwa gute ? Umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi Barbara Ndimurukundo Kururu aratwiganira […]
Kwubakana n’umukenyezi asanzwe afise umwana: ico kumenya
Abantu benshi ntibatahura ukuntu umusore arongora umukobwa yibarukiye iwabo. Nta kintu na kimwe bafatirako, atari uko mu muryango w’umuhungu baba bashaka ko yubakana n’umukobwa atagira umwana nka we. Mugabo ubiravye, usanga harimwo kwihenda mu gucira urubanza umuntu kuko yibarukiye iwabo […]
Gutahura inkwano ukutari ko: kimwe mu bibangamiye agateka k’umukenyezi
Mu Burundi hari abagabo batari bake bafata “inkwano” nk’ikiguzi, maze bagafata ko gutanga inkwano bibaha uburenganzira bwo gufata nabi abo bubakanye. Iyo akaba ari ingendo itari nziza, aho abantu bamwebamwe bikika inyuma y’imico n’imigenzo mu gukandamiza abandi.