Umugenzo wo kurya isake wamyeho, mu bice bimwebimwe vy’Uburundi. Aho ni nko mu ntara z’Imbo na Buragane. Igishasha ni uko hari bamwe mu basore bazirya, ijisho rikaba ribaye iryo. Maze ivyo bigatera iceyi abigeme vyashikiye. Ng’uku uko bigenda.
Imbo n’ahandi hake mu Burundi, imbere y’uko umukobwa n’umuhungu bubakana, hari umugirwa ubanza, witwa ‘’kurya isake’’. Uwo musi, umusore aritora, aherekejwe na bamwe mu bagenzi biwe, bakaja ku rugo rw’uwimirije kuba sebukwe. Ubona ko umukwe yubahwa mu Burundi, azimanwa isake yose, bayambitse ibitunguru mw’izosi, ikaranze neza. Kandi rero, iyo sake ijana n’amacupa y’ibiyeri kugira umukwe yakirwe neza. Barikokora.
Uwo mugirwa si uwa none. Wamyeho, nka kimwe mu bikorwa vyunga kandi bigakomeza ubucuti hagati y’imiryango yashimanye. Ariko rero, nta womenya ko ari itituka ry’imico risanzwe canke ikiza c’ikinyoma, hari bamwe mu basore bawubonamwo akaryo ko gukora amarorerwa.
Barasasiye uwubambura
« Narafatanye n’umuhungu ntarinze kuvuga izina. Haheze igihe twitwa ko dukundana, yaritoye azanana na bagenziwe. Natanze isake zitatu kuko baje ari batandatu, n’inzoga nshirako. »
Ivyo bivugwa na Konsorata wo muri komine Murwi, mu ntara ya Cibitoke. Aho na we ngo yari yatumiye abandi bigeme batandatu. Ibirori biraba ibirori. Uwo musore ngo yari yemeye ko izindi manza nko gukwa n’ukwandikwa zizoca zikurikira. Aho hari muri Mukakaro, mu 2016.
Icagiye kumutangaza, bukeye yaraye atanze iyo sake, yararondeye wa muhungu kw’iterefone aramubura. Ati: « Banyishura ngo irazimije. Bukeye hoho, baca bambwira ngo iyo nimero muhamagaye ntibaho. »
Ibibazo bimubana vyinshi, na canecane yiyumvira ivyoba vyashikiye umukunzi wiwe. Na we akaba atari bwaje iyo uwo muhungu yamubwira ko avuka. Imisi iragenda, iyindi iraza ata yambu.
Amenyo y’abatwenzi
Mu nyuma, Konsorata yagiye mw’isoko, yumva abantu batera inkuru z’abahungu basigaye bagize umugambi kurya isake bagaca bigira. « Nagiye numva umutima urahutse. Nca ndumva ko nahuye na Njanye. Mugabo ikibabaje cane, ni uko mu kibano baca bahanahana. N’uwumfiseko agatima akumva bavuga ko natanze isake ngahebwa, aca asubiza umugongo inyuma. »
Si uwo wenyene vyashikiye. Yoranda ni uwundi mwigeme wo mu Kabezi, intara ya Bujumbura. Mu 2017, ni ho yatanga isake, kandi arikokora, yakira neza umusore avuka i Makamba.
Haciye indwi imwe, Yoranda yarindiriye ko wa mukunzi wiwe agaruka ngo bategure ibikwirikira, arabura. Mu kibano, uruvugo ruba uruvugo.
Uwo mukobwa yahavuye afata ingingo yo kuja mu Rumonge kwa inasenge. Hama, mu nyuma haraza uwundi amuresha. Uwo musore wewe yari afise intumbero itomoye, kuko inyuma y’amezi make, baciye bagira ubugeni, mbere ubu akaba yibarutse kabiri.
Akavunira akagohe abandi babokwa ngo bahagabire, ati : « Akarimi kakuresha si ko kakurongora. Ni ugufata akanya ko kumenya neza umusore akubwira ko agukunda, kuko hariho abangushi baba bishakira ibindi. »
*Amazina yahinduwe
Ego ivyo vyameho kuba kera kandi warumungenzo mwiza ariko Niko benshi bawugize umugenzo wabo wokubesha birakunze kuba muntara ya rumonge muma komine yabuyengero burambi
Nakumiza kabisa abobasore badukanye imico mibi cane ariko rero nkasaba abigeme gushishoza neza kuko uwogigwa ukorwa ibintu bigeze ahashimishije ndiyumvirako muba mwamenyeranye cane !!ariko atari musi yumwaka mukundanye ngucuja kurya isake nkaba rero niyumvirako bojabarabanza kumenyana bihagijeee
Nihatari🤔🤔🤔