De nos jours, l’archétype d’une fête de mariage réussie est une cérémonie grandiose où les boissons coulent à flots et un décor splendide. La mariée est dans une robe digne d’une princesse Disney et le mari dans un costard chic, […]
Ubugeni
“Yubakanye n’uwungana nyina”: ikibazo kiri he ?
Ejo bundi, twarabonye, ku mbuga ngurukanabumenyi, amasanamu y’ubugeni bw’abantu babiri batandukanye cane mu myaka. Umusore bavuga ko afise imyaka 28, na we umwigeme akagira 57. Ubwo bukwe, abatari bake barabwiyamiriza bati : “Ni ibara. Ubwo bugeni ntibwari bukwiriye kuba hagati y’abo […]
“ Banyivye umugore kabiri, narambiwe ”: intahe
Mu buraruko bushira ubuseruko bw’Uburundi, birashika ugasanga umugabo afise umugore mwiza yama umutima uhagaze, kuko umwanya n’umwanya, abari amarere bashobora kumusimbana, akimyiza ibamfu. Hari abaguma babacunze, naho bitama bishoboka igihe cose nk’uko vyashikiye Aubin Mukuki*, w’i Muyinga. Intahe ibabaje cane.
Yakoye umugeni ku “mukopo” : uko vyagenze
Hari ingendo yadutse muri ino misi, abasore n’abigeme bimirije kwubakana batangura kuragana mw’ikomine kandi umuhungu ataratanga inkwano. Abasore babikora bavuga ko inkwano izoza mu nyuma, ariko kenshi na kenshi ntipfa ije ; ibiheza bigatera ingorane mu miryango, n’ubuzima bukurikira ntibube […]
Kugira ubugeni utikokoye, birashoboka
Adahogoye, umwe muri twebwe aratwereka ukuntu umusi mukuru w’ubugeni woryoha kandi umuntu atarinze kwikokora. Fata akanya utege yompi.
Amakuba y’umwigeme yatanzwe na murumunawe kuja kwubaka urwiwe
Uruvugo, gutungwa intoke, n’ibindi bidahimbaye, ni vyo bishikira umukobwa atarubaka urwiwe, mu gihe umwe canke benshi muri barumunawe bamutanze kwubaka izabo. Kuki iyo umuhungu mukuru atanzwe na mutoya wiwe kwubaka bifatwa nk’ibisanzwe, ariko bibaye ku mukobwa umengo ni agahabwa ?
Muragabe, abubakana batarakwiza imyaka bubakira gusambura
Ukwabirana ni ibanga rihuza umugabo n’umugore bavyishakiye, kandi bakabicisha mu mategeko. Iyo bishitse iryo banga rigapfundikwa hagati y’umusore canke inkumi batarakwiza imyaka yo kwabirana, urukundo n’urugo rwabo birashika bikamara akanya urume rumara. Ivyo bigaheza bigatera ingorane mu kibano. Tubirabire hamwe.
Mbega ubwoko bufise ikibanza ikihe mu rukundo ?
Kuri bamwe, “nta bugeni bukwiye kuba hagati y’abadasangiye ubwoko”, ku bandi, ngo « ivyo biragahera ». None mwe n’izo mpari ziterwa n’iki ? Zizohezwa n’iki ? Mbe hoho, ikibanza c’ubwoko mu rukundo gitegerezwa kuba ikihe ? Reka tubiyage.
«Kurya isake» : abanyamayeri nabo bavyivanzemwo
Umugenzo wo kurya isake wamyeho, mu bice bimwebimwe vy’Uburundi. Aho ni nko mu ntara z’Imbo na Buragane. Igishasha ni uko hari bamwe mu basore bazirya, ijisho rikaba ribaye iryo. Maze ivyo bigatera iceyi abigeme vyashikiye. Ng’uku uko bigenda.