article comment count is: 10

«Baje gusaba irembo iwacu, bagirako n’ugutanga inkwano» : intahe

Muri kino gihe, imiryango itari mike iraboshwe n’imigirwa iza yaramaze guta insiguro n’akanovera. Ijanye n’imanza zo gusaba irembo, ibirori vyo gukwa, ibirori vy’abandikwa mw’ikomine n’ivy’ubugeni nyezina. Ntawe zitaremera, iyo ashikiriwe; ariko kuzireka bikaba umugani. Claude* na Francine* baravyubahutse, baradushingira intahe. 

Mu gihe twariko twitegurira ubugeni, umukunzi wanje twaravuganye inkwano azotanga nk’uko vyama bigenda. Izo nkwano nizo naziga gukuramwo ibintu vyose nzotwara mu rugo rushasha, nkongera nkayakoramwo urubanza rwo kwakira abazoza mu birori vyo gukwa, kuko jewe ata yandi mikoro nari mfise.

Maze guharura uburyo bizontwara, nasanze ahubwo ntazonakwiza. Ndavyiyumvira biransiga. Niko kubaza umutima, mu nyuma nja inama n’abavyeyi, ndababwira ko mbona urubanza tutazorushobora, kandi ntokwizera abazonterera nk’uko abandi babikora. 

Abavyeyi ba nyakuntunga barantegereye. Twumvikana ko umusi bazoza baje gusaba irembo, bazogenda batanze inkwano hama bikaba biheze. N’aho bitari vyoroshe, abavyeyi barariye umutima amenyo, bararenga kuri uwo mugirwa uziritse abatari bake. 

Igikuru ni urukundo

Imana yose, nasanze na  Claude*, umukunzi wanje, nawe nyene atahura ibihe tugezemwo.  Yarabona ko atakamaro ko gusesagura duke twari dufise, twishinga ibirori, kandi ubuzima budaherera muri uwo munezero wavyo. Ati: “ igikuru ni uko dukundana. Nayo gukora ibirori, ni ukunezereza abantu gusa.”  Ivyo rero vyaranteye intege cane, mbere vyongereza n’urukundo nari ndamufitiye.

N’abavyeyi biwe vyari vyagoranye ko babitahura, kuko bashaka gutumira ababanyi n’abagenzi, baratevye barumva ko ivyo tubabwira bifise ishingiro. Tuberetse ko ubuzima buzokurikira bushobora kumera nabi kubera ubukene bwinjiranye mu gusesagura, barabitahuye, maze baradushigikira.

Ariko rero, bamwe mu bagenzi banje ntivyabanezereye. Benshi baguma bambwira ko vyiza bopfuma bangurana ariko nkabikora; bati: “kuko nta gateka karimwo”. Muhenda nde? Ico bibagira ni uko ibirori vyo guhamagara abantu baza kunywa gusa, navyo nyene bitari kuduha agateka; na rirya twabona ko bishobora kuduta mu vyago vy’ugukehanirwa.

Amase ya kera…

Aho hambere, umuvyeyi ni we yakwera umuhungu wiwe, nawe se w’umukobwa agategura urubanza, akakira abashitsi, ababanyi n’abaryango nabo bakaza bikoreye imibindi y’inzoga, ibikemanyi n’ibikwakwa vy’inkoko. Uno musi, ibintu vyarahindutse. N’aho bikiba, ntibigikorwa mu nzira y’urukundo n’umubano mwiza.

Ivyeze ubu, iyo umuntu ariko yitegurira urubanza rw’ubugeni, abaryango n’abagenzi bose bamubaza ingene imyiteguro iriko iragenda. Bamwe ngo « nyarutsa uduhe inzoga twinywere, umunyu tuguma turigata », abaryango nabo bamwihaniza bati: « ube warabonye naka uko yabikoze, ntuze utumaramaze ». 

Uno musi, uwokwishinga ivyo yosanga yitaye mu ngorane; urubanza rukamusiga mu madeni atazoshobora kuriha, kandi yabigiyemwo ngo agomba kuba nk’abandi. Mbega umuntu yoba ahabwa agateka n’ibirori yakoze? Igihe cari kigeze co guhindura uburyo bwo gukora imanza, tukareka gusesagura ayo tudafise no kuraba ingene abandi bakoze izabo; kuko twese ntitunganya uburyo.

*: amazina yahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (10)

  1. Uwo Claude n’a Francine barababeshera nibatubwire amazina yabo na adresse yabo tubibarize uwo muntu yanse kwi uga nivyo yikuriye mumutwe. Navugishe ukuri uwabirungitse muri groupe yacu ndamuzi nivyo vyiyumviro vyiwe. Abantu ntibangana kandi ntibanganya uwubishoboye yo igira ikwavyumva.harabakunda ikirori ariko jewe siko ndavyumva.kera habaho gusaba irembo hakabaho gusasirwa ibirago.kandi utasasiwe ibirago canke guterekerwa ntiwaronka umugeni. Bikwiye kugumaho umwe wese agakora urubanza aravye uburyo bwiwe

    1. Bivanye nuburyo ufise ntangorane kubikora ,ariko wibuke ko ubukene buhari gusa umwe wese nuko avyumva kuko nabacikira baracikira kandi bakubaka zikaguma ,hagukoresha uburyo bwose bwotunze umuryango wawe ngonibirori wopfuma uvyihoza kbx

  2. Murino Minsi ubukene bwokora igufa imwe wese agira ibivanye nubushobozi bwiwe, jew abo bantu Claude na Francine ndabategera kandi nanje narabikoze kuri Mushikanje kandi vyaragenze neza nukuri igikuru nuko impande zose zivyumva kumwe kabisa jw mbona atakibazo bitera. Gusa kubabishoboye bifise kuburyo bokora uko bavyumva naho nyene ntakibazo

  3. iyaba bikunda gusaba irembo, gutwikurura, no gutanga gutanga inkwano vyoba ikintu kimwe jewe mbona ko iyo migigwa ari iyo gutuma umuntu asesagura gusaaa

  4. nukuri biranezereye cane kumva intahe nkiyo yabantu babishoboye bashira urukundo imbere mugihe abandi batandukanywa nuko umwe yipfuza urubanza ruhanitse uwundi agashaka ibiciye bugufi.Ese ino ntahe yoshikira bose ikababera icirwa.

  5. Mbega abatazigira nibo batunze?
    uwubishoboye abikore, uwutabishoboye habure urwanko
    ariko turi abanrundi, n’umuco wiwacu, tuwanka tuwukundo ni ko karanga kacu.

  6. Mbega abatazigira nibo batunze?
    uwubishoboye abikore, uwutabishoboye habure urwanko
    ariko turi abanrundi, n’umuco wiwacu, tuwanka tuwukundo ni ko karanga kacu.