article comment count is: 6

Amakuba y’abakundanye mu gihe c’ikiza ca Koronavirisi !

Muri kino gihe isi yaseserejwe n’ikiza Coronavirus, kikaba kizira ko abantu bakoranako, ndetse ntibanegerane, abakundana ntiborohewe. Higiro* na Karire* badushingira intahe bagira bati: “ Ni amakuba adasanzwe! ”

Bamaze imyaka ine bakundana. Bategekanya kuragana mu mpera z’uno mwaka. Higiro akorera mu ntara ya Gitega, na we Karire agakora mu gisagara ca Bujumbura. Uwo musore avuga ko imbere y’uko Uburundi bufata ingingo zo gukinga ico kiza, bahuye n’uwo bakundana, Karire,  baramukanya nk’abakundana, bakaryimara koko. 

Mu ntango z’ukwezi kwa Ntwarante, zarahinduye imirisho. Aho abantu bahagarika kuramukanya bakoranye mu ntoke, kugwana mu nda co gicika nk’icaha.  Higiro akavuga ko kuva ico gihe, yaciye atangura kwikorera umusaraba.  N’agashavu kenshi ati:  “Manuka rimwe mu ndwi zibiri, ngashika inkumbu  ziri mu kunyica ntari buzimare, ngapfana ishavu.” 

Amananiza…

Uwo musore agiharaye umukunzi wiwe agira ati : “Nta kintu kibabaza nko guhura n’umwigeme ukunda kandi ukumbuye ntumugwe mu nda canke ngo umukore mu ntoke; icibagiwe co ni ukumusoma.”

Yemeza ko intuntu n’inkumbu biguma vyiyongera, n’aho baba babonanye. Niko, nk’uko bavyemeza bose, barumvikanye barahagarika; kuko bishitse hakagira uwandura ico kiza yoca yanduza uwundi. N’aho biremereye, barabibayemwo kuko, “yopfuma abona atamukorako akomeye, hako amubona ari ku musego”, nk’uko Higiro* abivuga.

Yamara…

Ku rundi ruhande naho, amakenga n’ukwihebura vyaciye bigwira. Karire yemeza ko ubu bishika akikeka ko atamukunda. Ku bwiwe, kuba kumwe n’umukunzi wiwe batembera mu gisagara, bafatana mu ntoke, ni kimwe mu bimenyetso bihambaye vyatuma yumva ko akunzwe. 

Akavuga ati: “N’aho ibintu bitama vyera ngo de, nkumbuye ibihe vyiza twabayemwo. Hagize ico dupfa nararira, umukunzi wanje akampoza, akanampanagura amosozi, urukundo rukigaragaza gutyo. Ariko ubu umenga ntidukundana.”

Intandaro y’ukwikekana

Si ivy’imbeshere, iki gihe nticoroheye abakundanye, ariko nta kundi, ni igihe gisaba kwihangana no gutahurana, kuko benshi birashobora kubaviramwo intandaro yo kwikekana, urukundo rwabo rukanatosekara. Karire avuga ko  ingingo yo guhindura inyifato itavuye kuri we, ari Higiro yavyiyumviriye aca arabimusigurira, ari naco gituma yagumanye amakenga. 

Si uwo gusa. Benshi mu bakundanye ubu bamerewe nk’uko, hari n’abashobora guhebana kubera urukundo bari bafitaniye rwari rushingiye ku gishika bari bafitaniye. Igihe bitagishobotse ko babigaragaza, “ni umutwaro”, nk’uko Karire abivuga. 

* :amazina yarahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Asha biragoye peee , jeho vyarananiye kopokopo kweli, duhuye turagwana munda vraiment😂😂😂😂 turagowe kabisa

  2. Ego Kl ni kubakundana Bose ! Kuko ndafise umugenzi wanje asanzwe ari en couple ambwirako bimubangamira cne kuko adashobora kwereka inkumbu afitiye chr wiwe.gs kwihangana Niyo ntambara ikomeye y’urukundo 😘😘😘😘

  3. Numutwaro ukomeye cane ariko jewe vyarananiye kwihanganira kuko dusanzwe dufise mariage mumpera zuku kwa mukakaro kubwivyo tugendana kenshi, twifatiye ingingo yokwirinda kucotuma hagira uwandura ariko hagati yacu tukaramukanya nkabakundana! Gusa abo vyoshobokera bokwihangana bakabireka!