article comment count is: 4

Vy’ukuri abageni bifotoreje ku “giti c’urukundo” bituma bahukana ?

Mu gisagara ca Bujumbura, hari ikibanza  bita “ku giti c’urukundo”, cigeze kuba giharawe n’abageni bacifotorezako muri kahise mu nyuma baragiharuruka bavuga ko coba gitera imikoshi. Uno musi, ico kibanza kiriko kiranagurwa, ariko hari benshi bakivuga ko batarota bahifotoreza kuko bacibaza ko gitera imikoshi. Vyoba ari vyo ? Intahe z’abahifotoreje.

Ku masangazira ahuza ibarabara rija ku kibuga c’indege, irija mu gatumba n’ayaza amaja mu gisagara, hari igiti c’inganzamarumbu bise “igiti c’urukundo”. Ciswe uko kubera ko mu myaka nka mirongo ibiri iheze, abubaka izabo bakunda kuhifotoreza. 

Ariko, bukebuke, ico kibanza cagiye kiratakaza abanywanyi, gushika aho bahaheba burundu. Inkomoko ya vyose ngo ni uko hari abavuga ko abifotoreje muri ico kibanza, baca babana nabi mu rugo rwabo, no kwahukana bakahukana.

Ivyo vyose bikaba vyavuye ku kuntu abantu bagendereje ko iyo bahifotoreje, bica bigenda nabi.

Ikibi co kugendereza

Ku bwa Emmanuèle Gardair, umuhinga w’umufaransa mu vy’imibano, mu gihe umuntu arondera insiguro y’ibimushikira mu buzima bwiwe akayibura, hari abaca batangura kuraba ico bavyitirira ngo biremeshe. Ni ho uja wumva ngo ibi bitera imigisha, ibi na vyo bigatera umukoshi. 

Umuntu, iyo aciye aronka abandi bamushigikira kubera bari mu ngorane zimwe, canke mu kanyamuneza nka we, usanga urwo rukurukuru bitiririye ivyo babayemwo rwabaye ingendo ya benshi, ndetse bamwe bakabikurikiza batarinze gutohoza canke gutahura. 

Uyo muhinga yuhira ko urukurukuru kenshi usanga atari rwo, aho abatarukurikije usanga baguweko n’ivyo batinya ko bibashikira, abandi na bo bakarurengako ariko ugasanga ivyo baruvugako ntibibabayeko.

N’ico kibanza rero abantu bakivuga nabi ni uko vyagenze. Vyatanguwe n’umuntu umwe vyagoye mu muryango wiwe, mu nyuma barabihererekanya. 

Urukurukuru gusa

Stephano Ntarindi, ni umwe mu bifotoreje muri ico kibanza, igihe yubaka urwiwe mu mwaka w’2002. 

Ashinga intahe ko ivyo bavuga kuri ico kibanza, atawobifata minenerwe. Akagira ati : « Nahifotoreje bambuza, none narigerejeko nsigara ndawota. Inyuma y’imyaka ibiri nubatse urwanje, natanguye kubana nabi n’uwo twubakanye, biza kurangira twahukanye ». Ku bwiwe, ngo naho hariko harasanurwa hatunganywa neza, ntawe yohanura kuja kuhifotoreza ku bugeni bwiwe, kuko ngo “Ingoma yagukanze irahuhuma ugahunga”, kandi “inkuru y’inkuba woyibarirwa n’uwo yahushije”.

Yozefu Ndayiziga, uwundi yahifotoreje mu mwaka w’2003, ntabibona gutyo. Kuri we, urwo ni urukurukuru abantu bishizemwo, ariko rudafise ifatiro. 

Be n’umutambukanyi wiwe ngo babanye neza. Akavuga ati : “Narahifotoreje, kandi imyaka ibaye cumi n’indwi mbanye neza n’umukenyezi wanje twahifotozanije”. Yozefu yuhira avuga ko abahukana baba bafise ibindi bapfa mu rugo rwabo, vyabata ku w’amazi bakavyitirira ico kibanza nk’inyanduruko y’amazimwe. 

Mu bisanzwe rero, kirya kibanza ni catunganywa neza, abageni ntibotinya kwifotoreza kuri ico giti citiriwe urukundo. Nimba hari abahukanye canke ababana nabi barahifotoreje, ntibagumize mu mutwe ngo ni ikibanza bifotorejemwo ku musi w’ubugeni canke ibi na biriya vyabahumiye. Bogerageza kurabira hamwe nyabuna imvo nyamukuru zatumye umubano wabo utosekara. N’ikimenyamenya, hari benshi bahifotoreje bakicibaniye akaramata.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)