Atari mu gihugu c’Uburundi, nta handi hantu na hamwe kw’isi nzima wokwitega kubona ururimi rw’Ikirundi rwitwararikwa, rugatezwa imbere bimwe biboneka. Ariko ikibabaje, twebwe nyene ni twe duterera mu kurutitura; inyifato zacu zirabigaragaza. Izo ni zo zababaje uno mwanditsi biranka ko […]
Akaranga
Insiguro y’amajambo amw’amwe dusanga mu mvyino z’ikirundi
Aho hambere umwigeme yarategurirwa kuzoba umukenyezi w’ibanga, akora cane, anezereza umucance wiwe ndetse akanarwiza umuryango agiye kwabirwamwo. Ivyo bakaba babicisha mu biyago canke mu mvyino zo kujana umugeni duhora twumva ari naho twakuye amajambo umwigisha Ferdinand Mberamihigo, yanonosoye imico n’imigenzo […]
Ico abanyakaranga bo mu Burundi bokwigira ku bo mu Rwanda
Urwanda n’Uburundi ni ibihugu bisangiye ibitari bike, haba muri kahise canke imico. Muri ivyo bihugu vyompi, hari abantu bafashe ingigo yo guteza imbere imico n’akaranga kandi ubona ko babikunze, banabishoboye. Ingorane bagira muri urwo rugamba birashusha, ariko abo mu Rwanda […]
“Ibicuba no kubonekesha”: agahogo k’Abarundi kanigiwe mu menshi
Kuva hagiye mu ngiro itegeko ryo kwororera inka mu mpongore, ikirundi mu karanga kaco kajanye n’ibicuba, amazina n’ukubonekesha biriko biragenda amazimayongo. Mu gihe Uburundi budakwiye gusigara inyuma mu gukingira no mu guteza imbere ubutunzi kama, hokorwa iki ngo ako karanga […]
Kugira ikirundi kigarukirwe mu gisagara : ng’ibi ivyokorwa
Si ivy’imbeshere, abana bakuriye mu bisagara, benshi ntibavuga ikirundi neza. Mbere bamwe bakaba batabona n’akamaro k’urwo rurimi. Naho biri uko, ururimi ruri mu bigize akaranga k’igihugu. Kugira akaranga ntikazimangane, ururimi kama rukwiye gushinga imizi mu gihugu canecane mu rwaruka. Turabire […]
Uburundi bwarikukiye: ikirundi co gute ?
Uburundi bwarikukiye, intwaro ishikirizwa Abarundi. Ariko naho twikukiye, hari agahaze kanini mu bijanye n’uko Umurundi yifata, eka mbere n’ururimi rw’ikirundi. Uyu mwanditsi akabona ko intambwe ikiri ndende. Arabitwiganira.
Miss Burundi : ni igiki cokorwa kugira iryo higanwa riheshe iteka Umurundikazi ?
Uburundi bwaraye buhimbaje, umusi mpuzamakungu wahariwe uguharanira agateka k’umukenyezi. Ivyo bihuriranye n’uko hariko hatunganywa ihiganwa Miss Burundi. Uno mwanditsi abona ko rishobora gusubiza inyuma agateka k’Umurundikazi, aho kugateza imbere. Muti kuki ? Kubera ibikenewe vyose bitahari kugira rimuheshe agateka. Arabituyagira. […]
“Intore”: vyinshi mutari muzi kuri iyo ntambo y’urugamba
Intore, imwe mu ntambo za kera cane z’Uburundi (n’Urwanda), ni intambo ifise insiguro idasanzwe muri kahise k’igihugu cacu. Mu rugendo rwatunganijwe n’ishirahamwe ritembereza ingenzi Gisabo Tours, umuhinga afata amasanamu wa Yaga yaboneyeho akaryo ko kuganira n’umwe mu migwi itamba iyo […]
#UrwegoNshigwaKirundi: mu mashure, “uwanka agakura abaga umutavu”
Ugereranije indimi zigishwa mu mashure yo mu Burundi, Ikirundi ni rwo rurimi rufise ikibanza gito muri zose; gutyo ikaba imwe mu mvo zihambaye zituma rusubira inyuma cane. None, hokorwa iki ngo ntiruzimangane, rugende amazimayongo ?