Aho hambere umwigeme yarategurirwa kuzoba umukenyezi w’ibanga, akora cane, anezereza umucance wiwe ndetse akanarwiza umuryango agiye kwabirwamwo. Ivyo bakaba babicisha mu biyago canke mu mvyino zo kujana umugeni duhora twumva ari naho twakuye amajambo umwigisha Ferdinand Mberamihigo, yanonosoye imico n’imigenzo hamwe n’amayagwa y’ikirundi yadusiguriye muri kino gisomwa.
1. Uze were iyo ugiye
Aho hambere, umwigeme amaze gushika mu bigero, abavyeyi bamuzeza ibikorwa bitari bike: kuzinduka akubura mu ntangaro mu mutwenzi, agasenya, akavoma akahirira inyana, akongera akigira neza nawe, n’ibindi vyinshi.
Ivyo rero kwari ukugira amenyere ibikorwa akiri muto, ntazomaramaze umuryango ageze kwubaka. Ikindi baba bariko baramutegurira, kwari uko yozoteza imbere umuryango agiyemwo, ari naho bagira bati : « Genda were iyo ugiye, uze ugwize inka n’ibibondo utere iteka umuryango« , ahandi bati : « Ntuze ugende unega izosi, ntuze uramvye ngo bizoza uze uzinduke uje kurondera igitunga umuryango « .
Ivyo baranabivyina mu mvyino zo kujana umugeni.
2. Akanyoni karitse kw’ibenga
Kuko kera abavyeyi bataherekeza abana babo bagiye kwubaka, bafata umwanya ukwiye wo kubahanura no kubasezera. Ivyo bigatera intimba abo bavyeyi, kuko iyo agiye hama amakenga kuko hoshika vyinshi.
Ayo ni yo makenga agaragara mu mvyino aho bagira bati: « Nzopfa nzokira sindabizi ». Bafatira ku vyo babona biba mu ngo nko gukubita umugore vyafatwa nk’ibisanzwe ; bakabinegura bihishije mu mvyino. Ari naho nyina w’umukobwa yavyina ahamagarira uwugiye kuba inabukwe w’umwana wiwe, kuwihanganira nk’uwiwe. Ati : « Ukamufata nk’uwawe azokwerera, ntere impundu utere iyindi, ni vyagorana urantumako ».
Uyo mwigeme rero arongowe akiri muto, agafatwa nk’akanyoni kari kazi ko gashinze ibande umuyaga ugaca ukaruza. Ivyo vyatuma agenda yiteguye bihagije azi ko bigora canke vyoroha ategerezwa kugumya ibanga.
Naho biri uku baranamwibutsa ko atagiye gupfa, bakamuririmbira bamwibutsa ko yatewe iteka n’Imana agiye kuyifasha kurema. Agahamagarirwa kunezerererwa iryo banga.
3. Ngoma y’ikigwa
Aho hambere ingoma yavuga canecane ku misi mikuru. Ingoma ivuze rero abantu barahimbarwa. Ikirwa na co bwari uburiri bw’umwami. Iyo bavyina rero bakagira bati : « Ngoma y’ikirwa ndamuzanye » yari imvugo ihinyitse irora ku migigwa mpuzabitsina, bikavuga ko aje kwabirwa, ndetse akanahamagarirwa kuzonezereza umucance wiwe ku buriri n’Imana igaheza ikabahezagiza ibibondo.
Niho kenshi imbere y’uko umusi w’indagano ushika, mu vyo yagura, umwigeme ntiyibagira urudede rwo mu nda, urwo umwamikazi rwitwa ubunyangari.
4. Kugera imbavu
Nyina mu gusezera umwana yamukubita ingwiza mu mugongo akamwifuriza kuzogwiza inka n’ibibondo. Aha ashitse mu bikingi vy’irembo, agahabwa inka y’irembo, n’umwana w’umukobwa nawe agaha umwana w’umuhungu umucance wiwe bikaba ikimenyetso kigaragaza icifuzo cabo co kuzovyara imbuto zose. Uwo mugirwa wakorwa ugutandukanye bivanye n’ibice vy’igihugu.
Hari n’ababagera imbavu bari ku buriri. Bagafata umwana bakamuryamika hagati y’abageni ngo ntibazohumirane bazorondoke nyabuna. Vyarabwa nk’ishimikiro ryo kwabirana kuko kwari ukubipfuriza umugisha w’Imana.
Ivyo ni vyo vyitwa kugera imbavu.
5. Ni ko zubakwa
Nk’uko biri mw’ijambo rya gishingantahe rya Nicolas Mayugi : « Aho hambere, iryo jambo ryakoreshwa mu ntumbero yo kuvuga ko urugo rwubakwa uko bukeye uko bwije, ababana bakigishanya buri musi mu kwihanganiranira. »
Umushingantahe yaramenya ko ari we mutwe w’urugo ariko akamenya ko bidatuma yiganza ahubwo afata ingingo nziza ziteza imbere umuryango. Umugore akamenya ko ari we mutima w’urugo. Akamenya ko ataje kuramvya ahubwo akora igishoboka cose ngo rugume.
Mu nyuma abagore bakoresha iryo jambo mu gusigura ko kwubaka bigora ariko ata kuruvamwo ngo utahe, ko ata kundi bari bugire ari ukuvyihanganira uko nyene kuko n’abandi ari uko babayeho. Vyanafatwa nk’ibisanzwe.
Murakoze
Merci pour ces mises à jour
Akaranga mu Burundi 🇧🇮
Nshaka ibicuba n’amazina!