article comment count is: 0

Uburundi bwarikukiye: ikirundi co gute ?

Uburundi bwarikukiye, intwaro ishikirizwa Abarundi. Ariko naho twikukiye, hari agahaze kanini mu bijanye n’uko Umurundi yifata, eka mbere n’ururimi rw’ikirundi. Uyu mwanditsi akabona ko intambwe ikiri ndende. Arabitwiganira.

« Uburundi, Ikirundi, Abarundi ». Iryo jambo twama turibwirwa n’umwigisha muri kaminuza yitwa Philippe Ntahombaye. Uvyumvise abivuga womengo birasanzwe, ariko ubisubiyemwo ugasanga ni ibintu bidasanzwe. 

Yakunda kutubaza ati: “Uva hehe ? Uvuga iki ? Uri umuki ?” Inyishu ubwo nyene ica iza twese twishongoye tuti: “Mva mu Burundi. Mvuga ikirundi. Ndi Umurundi.” Ayo majambo arahambaye cane. Ko mva mu Burundi, ndafise aho ndamutswa, igihugu canje. Igihugu batansaba urupapuro (visas) kugira ndekurirwe kuhaba. 

Ikirundi mu vy’ukuri ni iki ?

Burya ikirundi si ururimi gusa. Mvuga mu kirundi (naho woba uriko uvuga izindi ndimi, urupfasoni rw’ikirundi rurategerezwa). Mfungura mu kirundi (mu ndero y’ikirundi naho woba uriko urisha ibamfu ukoresheje ikanya) : nta murundi yarezwe afungura aganyaguza, canke acuranwa, avugana indya mu kanwa n’ibindi.

Nambara mu kirundi : mu bisanzwe ibije vyose sintegerezwa kubikwirikira ntabanje kwirimbura. Ibaze namwe gusanga umuntu yambaye igipira gisusurutse cane kuri iri zuba rya Bujumbura ngo ni uko yabonye ku mboneshakure i Buraya bavyambaye kandi bo baba bari mu gihe c’imbeho idasanzwe bita « hivers » (reka nigereze aho simvuge abambara izitabaguye canke izindi zigenda zihishuye ivyambarirwa, ngo ni yo majambere babonanye abo hanze na bo nyene atari bose). 

Ndi Umurundi mu mutwe no mu mutima

“Abo bose mubona bari bameze nkatwe, none barahindutse bameze nk’Abazungu”. Ayo ni amajambo yari mu karirimbo twigishwa mu mashure y’intango mu myaka yahera. Sinzi ko ubu koba kakiririmbwa n’abana. Kahamagarira abanyeshure kuja kw’ishure kandi bakigana umwete kugira ngo batere imbere. Iyo ndakibutse ndababara cane. Mbega burya nagiye kw’ishure ngo mere nk’Umuzungu ?

Ahandi na ho uja wumva umuntu avuze ati: “Jewe ndi umuzungu mu mutwe.” Eka mbere n’iyo umuntu yikura ifaranga mu guhemba canke mu gufasha uwundi muto, hari aho uja wumva ngo “urya ni umuzungu”. None koko umurundi akoze ikintu kizima aba abaye umuzungu? 

Mu gihe c’ubukoroni babona ko Umuzungu ari umuntu w’igitangaza, hakaba abamwitoneshako n’abamutinya. None vy’ukuri umuntu w’ubu, yize akaminuza, yoshobora kuvuga ngo mu mutwe ni umuzungu, nk’uko womengo abazungu bose ni abo kwisunga ? Ku bwanje, ivyiyumviro nk’ivyo bituma udashobora kwiyumva nk’uwikukiye.

Ivyo ni bimwe mu vyodufasha gukuza no kubumbatira intahe yo kwikukira. Muranyumva neza simvuze ngo twambare imbega canke iz’ibiti. Muri make, inyifato y’Umurundi yategerezwa kuba itagira agasembwa. Ariko ko twikukiye,  vyiza twoba Abarundi, bazi ikirundi kandi bakunda n’Uburundi. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion