article comment count is: 1

Kudakoresha Ikirundi: tuzingamitswe no kwisuzugura!

Atari mu gihugu c’Uburundi, nta handi hantu na hamwe kw’isi nzima wokwitega kubona ururimi rw’Ikirundi rwitwararikwa, rugatezwa imbere bimwe biboneka. Ariko ikibabaje, twebwe nyene ni twe duterera mu kurutitura; inyifato zacu zirabigaragaza. Izo ni zo zababaje uno mwanditsi biranka ko avyihanganira, aca ashima kutugira inama.

Umusi umwe nari mvuye kw’isoko rimwe ryo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Ndiko ntereza amaso, mbona akaguriro kanditseko ngo “Jehovah Jules” (nibaza ko uwavyanditse yari yifuje kwandika aya majambo y’igifaransa “Jéhova Jireh”). Vyanteye kwiyumvira ku kuntu n’abatazi indimi mvamakungu bihatira kuzikoresha aho gukoresha Ikirundi bazi neza canke gitahurwa kuruta izo zindi hano iwacu. Ego, no mu Kirundi bokora amakosha y’inyandiko, ariko nibaza ko kwifuza kugikoresha ari intango yo kwifuza no kwiga kugikoresha neza.

Si uwo gusa!

Vyantumye kandi kwiyumvira kw’ikoreshwa ry’urwo rurimi mu buryo bw’ikinyamwuga. Aha nshatse kuvuga mu rudandazwa, mu kazi, n’ahandi hose hakorerwa ibikorwa birangurwa hifashishijwe ukubimenyekanisha canecane mu nyandiko (ubunywero, uburiro, inzu z’uburaro, ibibanza vyo kunezererwamwo, n’ibindi).

Uravye ivyapa, ibimenyetso biranga amazu, amatangazo y’inzego canke amashirahamwe, ibica ku mbuga ngurukanamenyi na hwaniro, ibimenyeshwa, ivyanditswe ku miduga, n’ibindi n’ibindi, urashobora kubona ingene turi mu gihugu utomenya vyoroshe ururimi kavukire ruhavugwa.

None ivyo vyoba biva kuki?

Narafashe akanya ndiyumvira imvo n’imvano y’uko kuzazanirwa. Imvo ya mbere ituma abantu batandika, nk’akarorero : “Uburiro n’Ubunywero bwo mu Bwiza” canke “Inzu idandaza imiti yo ku Mutakura”, nasanze ari uko twamaze kwishiramwo ko amazina ari mu ndimi mvamakungu ariyo meza kandi akwega abantu. Vyaratwinjiyemwo gushika n’aho ubonye abavyanditse mu Kirundi uca wibaza ko kumbure batize canke badatahura urudandazwa n’akazi bakora.

Imvo igira kabiri ni kubera ko benshi batanazi Ikirundi ku buryo umuntu ashobora gukora ikintu atazi neza ukwo citwa mu Kirundi. Uwobaza abantu ico ari co “Quincaillerie”, “Studio-Photo”, “Secrétariat Public”, “Sauna”, “Pizza” n’ibindi, wotangara ko na bamwe mu babikora batazi ukwo bobivuga mu Kirundi.

Iyindi mvo kandi ihambaye cane, ni uko nasanze twebwe ubwacu twisuzugura, tugasuzugura n’ururimi rwacu ko rutorenga Rusizi, Kanyaru canke Malagarazi. Ariko n’aho biri uko, urudandazwa rubera ku butaka bw’Uburundi kandi tudandaza ku bavukagihugu na canecane.

Inyishu zishoboka

Kubera turi mu Burundi, nizera neza ko kwita inzu canke inyubakwa yawe izina ry’Ikirundi bitosubiza inyuma ivyo ukora. Abarundi ba nyakugira Imana baraharara ; uwobikora ndazi bomwigana.

Ikindi kintu twibagira, ni uko hari n’igihe izo ndimi ziba intambamyi ku vyo dukora. Ubwanje (ariko n’abagenzi baramaze kubimbwira), ndamaze kuja ahantu gufungura, ariko ngatinya gusaba ivyo ntazi, kubera ntabitahuye mu ndimi zindi. Hari n’ahandi nagiye, ubwiherero bwari bwanditseko Thinking Room. Iyo ntasiguza, ntaco nari gutahura na mba.

Ku bwanje, bene ivyo bibanza bokoresha Ikirundi iyo ata bintu bihari bikenewe kuvugwa mu zindi ndimi, n’iyo vyoba bikenewe, nk’uko bikorwa n’ahandi, vyokwandikwa mu Kirundi no muri izo ndimi, bibangabanganijwe. Nk’akarorero, Inzu y’uburaro yo ku Mukaza/Maison de Passage de Mukaza, Ikibuga c’Indege Mpuzamakungu citiriwe Melchior Ndadaye/Aéroport International Melchior Ndadaye, Ubuyobozi/Direction, n’ibindi. Ibi vyoteza imbere Ikirundi, eka mbere bikanorohereza abagendera ivyo bibanza kuko bose ntibumva indimi mvamakungu.

Karahara mu ruganda ntibacura

Twarukunda twareka, ivyipfuzo vyiza vyose twokwipfuriza Ikirundi ntivyoshoboka Reta idafashe iya mbere, igashiraho umurongo twese tugenderako, n’ingingo ngenderwako zishigikira iterambere ry’Ikirundi. Igashoboza ikigo Nshingwakirundi gukora neza kugira ngo habeho amategeko y’imvugo n’inyandiko vy’Ikirundi, ndetse nk’uko yabikoze mu nama zayo, Ikirundi kigashirwa imbere no mu zindi nzego, amashirahamwe n’ibindi bisata, guha amasaha akwiye urwo rurimi mu mashure n’ibindi vyose vyofasha.

Kw’isi, hari indimi zihora zizimangana burundu. Gushika ubu haravugwa izirenga ibihumbi bitatu iryo bara ryashikiye. Ukuzimangana kw’ururimi kunajana no kuzimangana kw’imico n’akaranga vy’abaruvuga. Ntibigashikire ururimi rwaduhuje nk’Abarundi bonse rimwe, ahubwo turwitwararike, turukingire, turugire iragi ry’abazodukomokako bose, eka mbere tunarushikane kure y’imbibe z’igihugu cacu.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)