Intore, imwe mu ntambo za kera cane z’Uburundi (n’Urwanda), ni intambo ifise insiguro idasanzwe muri kahise k’igihugu cacu. Mu rugendo rwatunganijwe n’ishirahamwe ritembereza ingenzi Gisabo Tours, umuhinga afata amasanamu wa Yaga yaboneyeho akaryo ko kuganira n’umwe mu migwi itamba iyo ntambo wo muri komine Kirundo. Baramwiganiye vyinshi kuri iyo ntambo.
Isaha zine zuzuye neza. Twashitse kw’ishure shingiro rya Murama muri komine Kirundo, aho twategekanya guhura n’abiyeretsi rurangiranwa mu gihugu cose. Twari tunezerewe cane no kuja kubona intambo abakiri bato bibaza ko ari iy’Abanyarwanda naho ari kame k’Uburundi bwa Nyaburunga.
Bakitubona tugiye tubagana, abo biyeretsi baranezerewe cane kubona urwaruka rugiye rubagana, rukeneye kumenya ivyerekeye iyo ntambo yari yubashwe cane mu gihugu. Ngo “mu migenzo y’ikirundi, abashitsi bakugendeye urabasanganira”, na bo ntibatevye kudushikisha batwishimiye bakatwakiriza intambo ya mbere yazimanwa abami n’abaganwa.

Ni ho baca batangura kudusigurira ivyerekeye intambo y’intore. Ica mbere bahereyeko ni igituma iyo ntambo yitwa “kwiyereka”. Umwe mu batamvyi ati: “Iyo ntambo bayita kwiyereka kuko biyereka umwami. Baba bavuye ku rugamba, batsinzwe canke batsinze, bategerezwa kwiyereka, bagaragaza ubukomezi n’umunezero w’uko batabarutse urugamba canke bavuye ku ruhigi bubuye igikoko bakagifata.” Ivyo ni vyo baza guhayira umwami.

Intambo y’ubumwe n’amahoro
Iyo ntambo izwi nk’intambo y’urugamba. Kukaba nka ko, yatambwa n’ingabo z’igihugu zigiye canke zivuye ku rugamba. Emile Mworoha, umuhinga muri kahise k’Uburundi, avuga ko iyo ntambo yatanguye kera cane mu Burundi ; mbere akabona ko yoba yatanguranye na Ntare Rushatsi Cambarantama canke n’imbere yiwe. Yari intambo intore zatamba zivuye ku rugamba zigina ko zatsinze umwansi, ko zizanye amahoro mu gihugu.
Bashitse imbere y’umwami, intore nkuru yaca iza imbere n’icumu, yivuga ko ari intwari, aho bavuga ngo ariko arashotsa ingoma, ni ukuvuga, kwigina ko igihugu catsinze umwansi. Mu nyuma yaca “ayisakara” ; ni ukuvuga gutambira ingoma, ayigina. Amaboko aba aminuriye, asa n’ayasasakaye hejuru y’ingoma.

Kugaba
Abatamba iyo ntambo bategerezwa kugaba, ni ukuvuga, gutamba bagaragaza kugaba. Intore yama igavye. Iba yiteguriye kurwanya icotera cose. Zaba zigiye ku rugamba canke zivuye ku ruhigi, intore yama igavye. Bigaragarira mu mpagararo baba bafise iyo bariko baratamba, aho umutamvyi aba asa n’uwiteguriye kurwanya icotera cose.

Inyambaro n’ibikoresho vy’abiyeretsi
Inyambaro y’abiyeretsi iragaragaza neza ko ari intambo idasanzwe. Umwiyeretsi aba akenyeye urushato rw’ingwe ( ubu bagira ibifise amabara nka yo), ibitako ku mutwe, ku maboko no mu gikiriza, umugara, amayugi, n’ibindi bimwerekana ko ari ingabo koko. Mw’izosi naho yaba yambaye ikirezi. Ikindi vyagendana ni ingoma yo guhamiriza, intambo ikaryoha.
Ibindi bikoresho vy’abiyeretsi ni umuheto n’icumu. Ariko igihe baba bariko baratamba, ivyo bikoresho ntibiba ari amacumu n’imiheto y’ukuri. Ahubwo bagira ibigereranyo. Akantu gafise ubugwegwe baba bafise mu kuboko kw’ukubamfu, gasubirira umuheto, ako mu kuryo na ko kagasubirira icumu. Ikirezi.

Ikindi gikoresho cakoreshwa mu guhamagara ingabo ngo zije ku rugamba canke ku ruhigi citwa “inzamba”. Cakoreshwa mu guhamagara, kurarika, gutumako abaja ku rugamba bakamenya aho bahurira n’ico bagiye gukora. Ryaba rikozwe mw’ihemba ry’inka, indonyi canke impongo. Uwavuza inzamba yaba ari uwujejwe kuvyura ingabo, azimenyesha ko urugamba rugira rutangure. Yaranavuga batabarutse bavuye ku rugamba, kugira bamenyeshe umwami ko bagarutse.

Amazina
Iyo ntambo kandi yajana n’amazina, aho uwivuga amazina yahibongoza n’ijwi rirenga, amenyesha abamwumva ikiriko kiraba. Rwaba ari urugamba rukomeye aho ingabo z’Uburundi zaba zatsinze, canke zivuye ku ruhigi, vyose uwivuga amazina yarabishiramwo.
Amazina kandi yaratanga inguvu n’ingoga ku ngabo ziri ku rugamba. Baranayacishamwo imikenyuro, nk’iyo baba bariko bararwana.

Twavanyeyo umunezero udasanzwe, duhimbawe n’iryo tunga igihugu cacu gifise. Ariko tugenda twibaza tuti: “Kuki ivyo vyiza bidashigwa imbere ngo isi yose ibimenye ?”
nanj nciy numv noj kuhatember kand nah mb kur yah (mur sud) nzoruhuk ngiyey
Birababaj kuja ku murama ukananirwa gushika i BWAMBARANGWE iwabo w’intore ariho wari kumenya ibirenze ivyo