Ibibazo bihanze ururimi rw’Ikirundi ntibiharurwa. Urwego nshingwakirundi ni rwo rwari rujejwe kubitorera umuti. Haba mu mvugo, mu nyandiko, eka mbere no mu bindi, urwego nshingwakirundi rwofasha vyinshi. Twahisemwo kwegera Gertrude Kazoviyo, umwigisha muri kaminuza, ngo abituyagire.
Akaranga
Augustin Ndabagumije: ibintu bine mwomenya kuri iyo ntwari yaraye ishengeye
Kuri uyu wa 14 Mukakaro 2020, Uburundi bwaraye bubuze inararibonye, umunyakaranga rurangiranwa yateje imbere umuziki kama w’igihugu kuva mu myaka y’1970, Augustin Ndabagumije. Uwo muhumure yitavye Imana afise imyaka 61, yarakoze birashimwa, ibikorwa vyiwe twama tuvyumva ku maradiyo. Ng’ibi ibintu […]
#UrwegoNshingwaKirundi: umugambi wanigiwe mu menshi
Hamwe urwego rushinzwe ururimi rw’Ikirundi rwovuka, ntibwoba bubaye ubwa mbere. Kwoba ari gushira mu ngiro ivyiyumviro vyariho, haheze imyaka irenga mirongo itanu. Urwo rwego rwarigeze kubaho, n’aho mu nyuma vyagenze nabi rurahagarara. Ido n’ido ry’ubuzima bw’urwo rwego n’icatumye ruzimangana.
#UrwegoNshingwaKirundi : ico ari co n’indinganizo yarwo
Mu ntumbero yo kugarukira ururimi rw’Ikirundi, icihutirwa kandi ata n’umwe akideha, ni uko hojaho urwego nshingwakirundi. Ni rwo rwovyitaho kurusha, rukabiha intumbero, kandi rukabibazwa. Urwo na rwo rutegerezwa kuba rutunganijwe hakurikijwe integuro mpuzamakungu, kugira rushobore kugira ico rushitseko. Muti none […]
#UrwegoNshingwaKirundi : « Karahara mu ruganda ntibacura »
Haraheze imisi duhimbaje umusi Uburundi bwaronswa intahe y’ukwikukira. Imwe mu nsiguro y’iyo ntahe ni uko igihugu gikomorerwa uburenganzira bw’ukwishira n’ukwizana mu gutunganya ivya co. Imwe mu nkingi z’iyo ntahe, naho nyene ab’ubu tutabizirikana, ni ururimi kavukire: Ikirundi. None, inyuma y’imyaka […]
Ni iyihe nsiguro y’amazina Abarundi bita abana ?
Abasokuru bacu baha agaciro kadasanzwe izina. Ku bisanzwe, izina ni ryo ryemeza ko Umurundi kanaka yabayeho, ariho, yaje kw’isi. Turabire hamwe inyishu ku bibazo bimwebimwe vyerekeye akamaro k’izina mu mico y’Abarundi.
Burundi : twohomba iki hamwe ururimi rwacu rwozimangana ?
Isi irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe indimi kavukire, kuwa 21 Ruhuhuma. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko mwe n’izo ndimi ziguma zizimangana uko umwaka utashe. Mbega Abarundi bohomba iki Ikirundi coja muri uwo mugwi ? Hokorwa iki kugira ngo urwo rurimi ntiruduce […]
« Uri umwo ? Uradeya ? Ni akavubu ? » : Ikirundi kiri kune kikaba gutanu
Mu gihe Uburundi buri mu bihugu bike kw’isi bifise ururimi kavukire rumwe, hari uduce tumwe tumwe usanga dufise Ikirundi twisangije ; nabibonye mu ntara kama ya Kumoso.
Nize ikirundi bantwenga, kingaburira batangaye
Ncinjira kaminuza, hari abantwenze ngo nize ibitagira akamaro mu buzima. Ni nde yababeshe ? Ikirundi kirambeshejeho, jewe n’abanje. Sinibagira iyo navuye.