Mu gihe abantu benshi bariko baruka ubu batazi neza umuntu bita « umumotsi », « karamiriza » canke « umuraritsi » uwariwe, Apollinaire Nkurunziza araducira ku mayange uko ugutumanumanako amakuru vyagiye birakorwa mu Burundi kuva kuri ba sogokuru kugera uyu munsi.
Akaranga
Abashinwa bari bakwiye kwubaha imico n’imigenzo vy’ikirundi
Mu gihe ururimi n’imico vy’igishinwa biriko vyigishwa mu Burundi, abashinwa bavyigisha barasaba abarundi bavyiga guhindura amazina yabo bakitwa ayandi mashasha y’igishinwa. Rivardo Niyonizigiye arashima ko abarundi bokwiga urwo rurimi n’imico vy’igishinwa ariko akanegura ingendo yo gutegeka umuntu guhindura izina kandi […]
Dukunde kandi duteze imbere ururimi rwacu
Abarundi barayamaze ngo “Uwutaye akaranga aba ataye ibanga”. N’iyo uhevye ururimi kavukire ntaho biba bitandukaniye no guta akaranga. Prosper Niyonkuru aratuyagira uko abarundi atari bake bifata mu kuvuga ikirundi ugereranije n’izindi ndimi.
Inkwano: Yovaho canke yogumaho?
Mu gihe mu Burundi hamye umuco wo gukengurukira umuryango w’umwigeme agiye kwubaka urwiwe, ubu ibintu bisa n’ibiriko birahinduka. Abatari bake ntibakibona ko inkwano yoshimikirwako cane ku bashaka kwubakana. Spageon Ngabo araducira ku mayange kuri bimwe mu vyo abakoresha urubuga rwa […]
Twirinde abafyitirizi
Mu gihe abarundi benshi bacirukira abavuzi b’ikirundi benshi bazi kw’izina rya rumenyi canke abafyitirizi, Rénovat Ndikumwenayo we abona ko nyabuna bari bakwiye kwijukira kwivuriza kwa muganga bakoresheje ka gakarata CAM Leta ihimiriza abanyagihugu kwivurizako.