article comment count is: 4

Miss Burundi : ni igiki cokorwa kugira iryo higanwa riheshe iteka Umurundikazi ?

Uburundi bwaraye buhimbaje, umusi mpuzamakungu wahariwe uguharanira agateka k’umukenyezi. Ivyo bihuriranye n’uko hariko hatunganywa ihiganwa Miss Burundi. Uno mwanditsi abona ko rishobora gusubiza inyuma agateka k’Umurundikazi, aho kugateza imbere. Muti kuki ? Kubera ibikenewe vyose bitahari kugira rimuheshe agateka. Arabituyagira. 

 

Haciye kabiri turenganye uwa 8 Ntwarante, umusi mpuzamakungu wahariwe guharanira agateka k’umukenyezi. Mbona bose baguma bakuranwa mu kurungika amasanamu ya ba bigeme batorwa ngo bahiganirwe ikibanza c’umwigeme azitwa “mwiza kandi aciye ubwenge”; Miss Burundi 2021. Abo bene kwiyamamariza izo nkumi ni abagenzi banje, abo duhurira mu migwi imwe imwe hwaniro ku mbuga ngurukanabumenyi. 

Ba sokuru bati: “uko inkende yurira igiti, ni ko ubwambure bwayo buja ahabona”. Nihweje ingene rino higanwa rishira ahabona Umurundikazi, na mwanya turi muri kuno kwezi kwitwa ukwahariwe umukenyezi, ngatako ngakubitira muri “wamaze iki?” y’iri higanwa “Miss Burundi”, ngeze aho nibaza nti: ubwo iri higanwa ntituzohava dusanga icobaye iteka cabaye iteshwa ?

“Wamaze iki” yaryo

Vy’ukuri, mu Burundi hamaze kuba amahiganwa menshi ya “Miss Burundi”. Mu 2009 bwari ubwa mbere, birabandanya buri mwaka, gushika mu 2017 aho vyahagarara. Ariko, uretse ivyo bamwe n’abandi bavuga, na canecane bene gutunganya iryo higanwa, naho nyene hari intambwe nyinshi uwo mwigeme acako kugira atorwe, ntaho tuzi mu mategeko y’Uburundi herekanwa uruhara uwo mwigeme aba aje kugira mw’iterambere ry’igihugu. Mu yandi majambo, “Miss Burundi” si urwego. None, ko iryo higanwa ryubakiye ku butunzi bw’umukenyezi, nta kuntu ryoba kirumara mu guharanira agateka kiwe ? 

Ariko nkagira utubazo: hari uwoba azi abatowe muri kahise muri mwe n’ayo mahiganwa iyo bageze ? Bakora iki ? Bafise ikibanza ikihe mu banyacubahiro mu Burundi ? Icongeyeko, hari uwoba azi imigambi bashikirije igihe batorwa iyo yahereye ? Aho ngeza amaso n’amatwi, nta co kuratwa kihari. Mugabo kirya gihe, ibirori vyari bishushe, nimba atari je nagabanije urugero rwo kuryoherwa. 

None, nimba ari ibintu vyo kuryohera amatwi n’amaso gusa, ubwo ntituzohava dusanga turiko turakinisha iteka ry’Umurundikazi ? Namba inyuma y’ugutorwa kw’uwo mwigeme biba birangiye, iryo higanwa rifise akunguko akahe kugira rironke uburenganzira bwo gushimikira ku bwiza n’ubutore bw’Umurundikazi ? 

Kahise gategure kazoza

Naho ibintu bisanzwe bimeze uko, “Miss Burundi” ry’uyu mwaka rifise ivyo ritandukaniyeko n’ayandi: ica mbere ni uko muri bene kuritunganya harimwo ishirahamwe ririmwo umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu. Ico ni ikidasanzwe. Ikindi na co, hari haciye imyaka iryo higanwa ryarahagaze, ariko rikaba ryasubiriye ukuri kwamye; ryoba rizanye gishasha ? Tubihe umwanya. 

Reka nsabe nshimitse abari mw’itunganywa ry’iryo higanwa nti: munkundire mutubere intwari; ntimuze mube nka ya nka yavyara mu ci, iti: “Ahanje ndahejeje, hasigaye ah’umwungere”. Burya ngo “uwubaye mwiza yoba muzima”; ko mwashimye gushira ahabona ubwiza n’ubwitonzi bw’Umurundikazi, enda ntimugarukirize ngaho, mushikane no ku kwerekana akunguko nyene gutsindira ico kibanza azohakura, eka mbere n’akamaro urugori azokwambikwa ruzogira, canecane ku bijanye n’iteka ry’Umurundikazi no mw’iterambere ry’igihugu cose.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. Iki kiyago cari nkenerwa kugira iki gikorwa ca Miss Burundi gisubire ciyumvirwe mw’itunganywa kugira kigire resultat eka na impact kuri Miss ubwiwe eka no kugihugu.Nayo ahandi namba vyogarukira mu birori,ama photos koba ari guhomba.Duhiriwe duhishije bigaragara ko na Leta igishigikiye,reka rero kije muri bimwe Leta Nkozi yo korerako,gutyo succes yaco ibe iteka ry’Uburundi.Murakoze

  2. Iki candiko kiranyuze, gisanze ivyo nama nibaza nkabura inyishu.
    Mbega iryo higanwa ntiriri mu vyo kawidagadura bisanzwe? Ko havugwa ko bishigikiwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, inyungu ni iyihe?
    Kurata ubwiza bw’abarundikazi ni vyiza cane, yamara tubihe ikibanza bijanye.
    Hari uwoba amaze kugira évaluation ngo yerekane akamaro bifise? imigambi yakozwe? ico umurundikazi yungutse?
    Ubiravye neza uzosanga ari ugukurikira nk’intama ibiba ahandi.
    Twari dukwiye kuyaga abarundikazi b’incabwenge koko, b’inkerebutsi, bafise ivyo berekana baranguye. Baba bagufi canke barebare, bavyibushe canke bonze, batambuka uko Imana yabaremye.

  3. Jewe mu bisanzwe rirya higanwa ntan’ubwo ndaryemera. Uretse konari ukwonona amahera gusa,kuko inyuma y’ihiganwa n’ubushimwe,biba birangiriye aho. Akamaro ka Miss Burundi nta ko ndabona gushika ubu.

  4. Oui c’est bien il faut que la fille sélectionnée comme miss Burundi soit supportée pour qu’elle puisse mettre en application ses projets