article comment count is: 1

Kugira ikirundi kigarukirwe mu gisagara : ng’ibi ivyokorwa

Si ivy’imbeshere, abana bakuriye mu bisagara, benshi ntibavuga ikirundi neza. Mbere bamwe bakaba batabona n’akamaro k’urwo rurimi. Naho biri uko, ururimi ruri mu bigize akaranga k’igihugu. Kugira akaranga ntikazimangane, ururimi kama rukwiye gushinga imizi mu gihugu canecane mu rwaruka. Turabire hamwe uruhara rw’abatandukanye mu kugarukira urwo rurimi mu gisagara.

 Uruhara rw’abavyeyi

Hari ivyigwa vyagizwe n’abahinga mu bijanye n‘imigenderanire ihari hagati y’abavyeyi n’abana bakiri bato. Vyerekana  ko abavyeyi bafise uruhara runini mu bijanye n’indero y’abana babo. Umwana mu bisanzwe akura yisunga ivyo abavyeyi bakora n’ururimi bavuga, bikumvikana ko aca avuga uko baruvuga. Ariko biragaragara ko abavyeyi b’abana bo mu gisagara batitaho kubakundisha ururimi kama rwabo. Abana bagakura bavuga ikirundi gake, bagahereza kutakimenya. 

Aho rero abo bana ni bo bavyeyi b’ejo kandi bazoba baramutswa igihugu. None ni yo baba bazi ikirundi nabinabi canke ataco bazi, abo bazovyara na bo bazovuga ikirundi koko? Bacigishijwe na nde? Ako ni ko kazoza Uburundi bushobora kugira. Tudahagurukiye rimwe, Uburundi buzosigara ku mbibe n’izina gusa, mugabo ata rurimi. Tuzoba tubaye nk’agati kari mu ruzi.

Uruhara rw’ishure

Abana iyo batari muhira iwabo, kenshi umwanya munini bawumara kw’ishure. Ariko n’ubwo icigwa c’ikirundi gisanzwe cigishwa guhera mu mashure y’intango, akenshi usanga no mu mashure abana  bababuza kuvuga Ikirundi.

Ishure, ni ahantu hadasanzwe dukesha indero y’umwana. Mu gihe ishure rinaka ryokwitaho ibikorwa biteza imbere kandi bikundisha ikirundi mu banyeshure, nta nkeka urwo rurimi rwotsimbatara cane.

Abarongoye amashure barakwiye gushiramwo inguvu mu kugwiza ibikorwa bibera kw’ishure bisanzwe bishira imbere ururimi kama. 

Uruhara rwa Reta 

Reta ni we muvyeyi ajejwe Abarundi n’ivyabo. Umuvyeyi akaba yitaho indero y’umwana wiwe. Ni kuri iyo mvo ugukomeza imizi y’ururimi kama mu rwaruka na canecane mu rwakuriye mu gisagara ari igikorwa ca Reta. Ibandanye, ishiramwo inguvu kurusha.

Ntawutobishima. Kuva muri Ntwarante umwaka w’2021, haragiyeho urwego nshingwakirundi, « Académie Rundi », rwaratanguye ku mugaragaro ibikorwa vyarwo. Eka mbere n’inyubakwa rukoreramwo isanzwe yaruguruye imiryango muri Kaminuza y’Uburundi. Ico kigo rero kirafise ibikirindiriye vyinshi cane. Harimwo gutora amajambo mashasha ajanye n’iki gihe kandi no gushiraho imigambi izoza ifasha gukundisha ururimi kama abana bakiri bato.

Umwe mu rwaruka asanzwe aremesha ibiganiro bica kuri Yaga bita « Podcasts » ni we yibaza ukuntu wokwiyita Umurundi utabasha kukivuga neza. Benshi mu rwaruka baribaza uko, ariko inyishu ntirapfa ibonetse. Ico kibazo mu bisanzwe nticohabaye mu gihe abana bakundishijwe ikirundi hakiri kare. Hako twovuga ko ataco bitwaye kuba utazi ikirundi , twokwibaza uko twogarukira urwo rurimi rwacu mu gihe amazi atararenga inkombe.

Inzego zose n’umuntu wese bakwiye gushiramwo inguvu, cane cane abavyeyi. Aho mu myaka iza, tuzobasa kuganira neza tutavanga ururimi rwacu n’izindi ndimi mvamahanga.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)