Muri kino gihe isi yaseserejwe n’ikiza Coronavirus, kikaba kizira ko abantu bakoranako, ndetse ntibanegerane, abakundana ntiborohewe. Higiro* na Karire* badushingira intahe bagira bati: “ Ni amakuba adasanzwe! ”
Urwaruka
Abakundanye : umuntu uramumenyera ku tuganuke atanga
Nta muntu n’umwe atarahabwa akaganuke. Kandi nta n’umwe ataragira amadidane muri we ahawe ikintu, mugabo bigasa n’uko umengo n’ugusubiriza mu ndumane umuntu. Burya, utanze akaganuke usanga utanze ubutumwa, kandi ugasanga hari aho uronka inyishu, ikaza bukebuke canke bukwi na bukwi. […]
Nankana ngo abakiri bato ntibakwiye gutinya ikiza koronavirisi ?
Inkuru z’uko abantu bafise imyaka mike umugera SARS-CoV-2 ataco ubagira ziguma zikwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi. Ariko rero, turakwiye kuhagabira.
« Boost » : inganda ziracatikiye !
Mu mwaka w’2018, ishirahamwe Yaga ryarifatanije n’ayandi mashirahamwe mw’isekeza ry’ukurwanya ikiyayuramutwe kizwi kw’izina rya « Boost ». Bamaze kumenya ibitari bike kuri ako karanda, abategetsi bamwebamwe baragize ivyo batangaza ko bagiye gukora, ngo ako kabi karandurwe. Yamara, nk’uko vyari kirya gihe, n’ubu […]
« Iyo menya nkamwemerera kare »: uhakanye urukundo warushaka…
Kubera imico, Abarundikazi benshi barateba kwemerera urukundo abasore baje babagana, rimwe na rimwe ku mvo zitandukanye harimwo mbere n’izitumvikana. Hari uwuteba kwemera yabishaka, ngo kugira yerekane ko afise agaciro. Bamwe mu babikoze uko baracicuza, nk’uko uwu Kanyange* abidushingira intahe.
Gukundana n’uwuri kure yawe : ibintu bitanu vyofasha urwo rukundo gukomera
Gukundana ntivyoroshe na gato, habamwo ibigorana vyinshi. Utwo mupfa ntitubura : ukudatahurana, ishari, ukwikwegerako, n’ibindi. Iyo uwo mukundana ari i buheramaso hoho biza bivuna. None umuntu yobigenza gute ngo agume mu rukundo rutotahaye be n’uwo bakundana ari kure yiwe?
Ni igiki gituma abantu biyandikako izina ry’umuririmvyi Natacha ku mibiri yabo?
Kuwa 10 kigarama 2019, niho ku mbuga ngurukanabumenyi haboneka amasanamu y’umuntu agira gatatu yiyanditse ku mubiri izina ry’umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka. Abandi babikoze mu ntango z’uyu mwaka hamwe n’ejo bundi mu kwezi kwa Nyakanga. None ivyo boba babitumwa n’iki ? Ababikoze boba […]
« Nta mwana ayaga ivy’urukundo » : ingaruka zavyo
Indero y’ikirundi ntibona neza imigenderanire y’umuhungu n’umukobwa, iyo bakiri bato, batarashika aho bogira umugambi wo kwubakana. Ariko ivyo bigira ingaruka, canecane iyo hageze ko umusore aresha. Ng’uko uko vyangendeye.
Ugutandukanya imvyaro : amadini nashiremwo inguvu
Ubu Abarundi bashika imiriyoni 12. Ikigo kijejwe gutororokanya ibiharuro y’ubuzima bw’igihugu mu Burundi (ISTEEBU) kimenyesha ko gushika mu 2050 ivyo bitigiri bishobora kuba vyaragwijwe na kabiri. Bamwe mu banyamadini baremeza ko abayoboke bayo bovyara abo bashobora kurera; naho nyene inyigisho […]