N’aho zidufasha kuronka amatangazo y’ubuzi, kuganira n’incuti n’abagenzi, gukorana urudandazwa n’abari kure yacu, kumenya amakuru, n’ibindi, izo terefone dutunze hari ikibi zatuzaniye…
Urwaruka
Uku ni ko “dunyuri” yampekuye
Abafata ibarabara rya Bujumbura-Bugarama, ndetse no hirya no hino mu gihugu, baramaze kubona abantu, abato n’abakuze, bategera ibimodokari binini binini, bakabifatako inyuma, maze bikabajana mu ntara zo hagati mu gihugu canke bikabazana i Bujumbura. Ico nico bita « kugenda na […]
« Ihinduka ry’inyifato y’abantu rihera kuri jewe » : ubuzima ndorabitsina
Igituma isi iguma iriho, ni kubera abantu bavyara bakarera bagakuza. Igihugu kidafise urwaruka kiba gifutanye. Runo na rwo rubangamirwa na vyinshi ; muri ivyo, ukutamenya ivy’ubuzima bw’ibitsina vyabo. Agatabu « Ihinduka ry’inyifato y’abantu rihera kuri jewe » kaje nk’inyishu ku bitari bike.
Abana bitaburiyeko imyambaro y’ishure : igihano si wo muti
Inyifato abanyeshure baraye berekanye igihe barangiza ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza, abatari bake barayiteye ivyatsi; bamwe mbere baranabasabira ibihano. Uwo ni wo muti? Habe na mba! Agakete ku bavyeyi n’abarezi.
Uburuhuko: abarezi batameze magabo, icaterera gishobora kuvoma
Ibihe vy’uburuhuko bw’ici ni ibihe bigoye cane ku rwaruka ruri mu mashure, yaba matomato, canke ayisumbuye. Uburuhuko bwaraye butanguye. Hamwe abavyeyi n’ababijejwe batomera magabo, urwaruka rumwe rumwe rushobora kuhazimirira. Muti gute?
« Ng’uku uko bantwaje imbanyi bivuye ku mucanwa wa terefone »
Ibitigiri vy’abigeme bava ku ntebe y’ishure kubera batwaye imbanyi batipfuza ni vyinshi. Ikibabaje ni uko usanga benshi basama izo mbanyi bivuye ku tuntu tudafashe, ingaruka nazo zikaza ziremereye kurusha. Ndayisaba*, umwigeme aba mu gisagara ca Gitega, aratwiganira uko vyamugendeye.
« Nanje nobaho »: inyishu ku bahora basegerereza bavuye ku Buterere
Ingorane y’ugusegerereza isa n’iyabaye kananirabagabo mu gisagara ca Bujumbura. Ni ko, nta kintu kiboneka kirakorwa kugira itorerwe umuti, ariko muri zone ya Buterere y’ikomine ya Ntahangwa, hari ishirahamwe ry’urwaruka ririko rirakora uko rishoboye.
« Hari urwaruka ruja gushurashura mu bibanza rusangi » : uruhara rw’abavyeyi
Muri ino minsi, iyo ugorobereje muri bimwe bimwe mu bibanza rusangi vyo mu gisagara ca Bujumbura, ubona vyinshi. Hirya no hino, urwaruka biboneka ko rukiri mu myaka y’ubuyabaga, bariko basomana canke bari mu mibonano mpuzabitsina, nk’uko womengo bari kw’isi ya […]
Burundi: icokorwa kugira Intamba zishike mu nkino z’igikombe ca Afrika mu 2019
Umurwi nserukiragihugu mu rukino rw’umupira w’amaguru, Intamba mu rugamba, w’abadakwiza imyaka mirongo ibiri, uheruka gutera iteka igihugu mu kuronka itike yo kwitaba igikombe ca Afrika kizobera mu gihugu ca Niger mu ntango z’umwaka w’2019. Hari haheze imyaka ishika kuri mirongo […]