article comment count is: 0

« Nta mwana ayaga ivy’urukundo » : ingaruka zavyo

Indero y’ikirundi ntibona neza imigenderanire y’umuhungu n’umukobwa, iyo bakiri bato, batarashika aho bogira umugambi wo kwubakana. Ariko ivyo bigira ingaruka, canecane iyo hageze ko umusore aresha. Ng’uko uko vyangendeye.

Ndavyibuka neza. Nkiri umwana muto cane, igihe niga mu mashure y’intango, naguma nipfuza kuba umuntu atinyitse mu kibano. Kubw’ivyo, natanguye kuja kwiga amakarate ndi mu mwaka wa kane w’ayo mashure; kandi vyaranyorohera cane. Maze kubona ko namenye ibitari bike, naciye niyita izina riteye ubwoba: Nyamayingwe. Naranezerwa cane numvise umuntu arimpamagaye. 

Nari nsigaye ntambuka nk’uwutagendera kw’isi, eka n’amaboko yahevye aramugara kubera ukugara. Igihe ninjira mu mashure yisumbuye, naciye ndonka akanya ko kwagura ya myimenyerezo y’amakarate. Mw’ishure nigamwo, nari nzwi cane. 

Uretse ko abahungu bagenzanje bantinya, abigeme twigana n’abo twiga hamwe nka bose bo sinonavuga. Kugeza n’aho n’imeza nari nanditsweko mu gufungura, ntawemera ko bayimutumberezako. No mw’ishure kwari uko; barampunga. Simenye ko bizongarukako.

Hari bugere ko ndesha

Ico gihe co kw’ishure, muri jewe, naranezerwa no kuba noyagishije abigeme; ariko, uwo nahamagara wese yatungwa n’ayo yameze. Uwunyitavye nawe, twamarana umwanya urume rumara. Hari n’abasiga bambwiye bati: “sinogumana nawe kuko urateye ubwoba. Maze kubona ivyo kubaganiriza bidakunda, narahavuye ndavyikuramwo, maze nibera aho uko, atawe tuyaga ikintu na kimwe, kandi nkibwira ko ataco bitwaye. 

Ukurondera uwo twubakana vyaranyeretse ko hari ico ntari mfise. Sinari nzi ngo nohera aha canke hariya kugira nganirize umukobwa. Nari umukozi wa Reta; bisigura ko batampunga kubera ubukene, ariko ntivyanyoroheye kuronka uwo twubakana. Vyarangora gutangura ikiyago. 

Nagerageje incuro nyinshi kurondera abagenzi b’abigeme, ariko abarenga cumi bose barampevye, kubera ntari mfise ibibahimbara tuganira. Sinari nzi ivyo mvuga, n’uko nobivuga; iyo yari ingaruka y’uko ntigeze ndonka umwanya wo kwimenyereza kuganira nabo.  

Maze gutahura ingorane mfise, nararondeye uwumfasha. Naramubwiye ko nkenye cane mu majambo, kugira nyagishe umwigeme mfitiye intumbero ya kazoza. Yaciye atangura kuja aramenyereza, akambwira amajambo yo gutangurirako. Nahavuye ndabifata nkama, ndaheza ndaronka uwo mvuga akanyumviriza, akankundira.

None rero?

Ubu mfise utubazo nama nibaza kuri iyo ndero y’ikirundi, abana nka bose bahabwa. Umuvyeyi ati: “muhungu wanje, uririnda imikwegano n’abigeme, vyokuviramwo akarambaraye” canke ngo “mukobwa wanje, uze ugendere kure abahungu, nimba ushaka gushika kure mu buzima”.

Uko nabibonye, ukuyaga ivy’urukundo nabo mungana kuva umuntu akiri muto, baba abo musangiye igitsina canke abo mutagisangiye, birafasha kugira umuntu yitegurire neza umubano n’uwo bazokwubakana. Kira noneho, iyo hataba uwo mugenzi yamenyereje, ndabona n’ivy’urugo vyari guhava binanira, kuko nasanze ikiyago ku rukundo gifise ikibanza kidasanzwe. Mbega, ubwo abakobwa bo ntibibagora kurusha n’abahungu?

Aho kuzimiza umwana ngo ntaze agire uku na kuriya akiri muto, abavyeyi bakwiye kumuherekeza. Ahubwo, bakamubwira bati “bigenda uku n’uku, ivyo kwirinda ni ibi, ivyo kwisunga bikaba ibi”; umwana yokworoherwa mu busore canke mu bukumi bwiwe.  

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion