article comment count is: 5

Abakundanye : umuntu uramumenyera ku tuganuke atanga

Nta muntu n’umwe atarahabwa akaganuke. Kandi nta n’umwe ataragira amadidane muri we ahawe ikintu, mugabo bigasa n’uko umengo n’ugusubiriza mu ndumane umuntu. Burya, utanze akaganuke usanga utanze ubutumwa, kandi ugasanga hari aho uronka inyishu, ikaza bukebuke canke bukwi na bukwi. Tukaba tubiyagirwa n’umuhinga mu vy’inyifato yitwa Bénédicte Régimont.  

Akaganuke si ikintu umuntu usanga apfa gutanga. Ni uburyo bwo kwerekana ko uwo ugahaye umwitayeho, ndetse bigatuma na we agatima kokubita, akakwitaho kurusha. 

Ivyo bitangurira mu bwana, umuntu akabikuriramwo, akabibamwo. Ni kangahe usanga umuntu yabwiye umwana ati : « Niwakora iki neza, ndaguha ikintu kimwe » ? 

Utuganuke turabera icirore uwudutanze

Imbere ya vyose, gutanga ni ikintu umuntu agirana umutima mwiza adaharuye. Utanga kugira ngo urangure ico umutima wawe uba ugutegetse. Akaganuke karavuga uwo uri vy’ukuri. Umuntu atanga ico yipfuza ko bamuha, uranasanga atanga ico ataronse, umuntu atanga ico yibaza ko uwugihawe aza gukenguruka, kugira ngo na we aze agukunde.  

Akaganuke rero karerekana ico umuntu yokorera uwundi : « Iyo uba uzi ingene vyanzimvye. » Iryo ryugane rirafutanya akanovera kari muri ako kaganuke ; iyo hajemwo ikiguzi canke kwicuza. Udashoboye gutanga akaganuke, bihebe. Ubigize naho, bive ku mutima.

« Oya, nta kaganuke nshaka »

Ni abantu bangahe bama bavuze ko ata kaganuke bashaka, dufashe nk’akarorero kuri Noweri, kandi bazi neza ko bazogahabwa ? Aba yigirishije, kuko naho avuga uko, usanga iyo atakaronse aheza akababara. 

Hariho rero n’abantu usanga bimereye ukuntu, kumbure ni ukwikengera, ku buryo usanga batemera kwakira akaganuke.

Wakiriye akaganuke birahimbara uwugatanze

Gutanga bifise uko bigirwa, no kwakira ni uko nyene. Dutegerezwa kwakira ubwo butumwa umuntu atanga abicishije mu kaganuke. Nk’akarorero, nimba nyogokuru wawe aguha agasabuni gacafyeko umutima, canke utuntu tumoga neza, vyerekana ko agufise ku mutima, agukunda cane.  

Ibuka namwe bamwebamwe mu bana bandikira udukete abavyeyi ; bobo, baca babona neza ico umwana afise ku mutima.

Hoba hariho uburyo bwisungwa mu gutanga akaganuke ?

Akaganuke iyo gatanzwe, kaba nyako  mu gihe uwugahawe kamushitse ku mutima. 

Akaganuke keza ni ako uha uwundi, na we akazogusubiriza mu ndumane. 

Hari abakunda guhabwa utuntu dusangiwe. Ugasanga umuntu ariko aganira n’uwundi bamwenyura. Batwenzanya, bahana amajambo atawuciramwo uwundi. Erega n’ako ni akaganuke. Urasanga kandi umuntu akunda ko musohokana, mugasangira udufungurwa canke utunyobwa. 

Hari rero n’abandi bakunda utuganuke tuza uko kimwe na kimwe. Aho twovuga nko kugabiranira igitabo, akantu wumvise ko akunda. Ivyo birahambaye cane kurusha utuganuke  mu buryo busanzwe buzwi. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. On suppose que c’est ton amie,on veut lui donner un cadeau prévu, mais elle le refuse à prendre. Alors, comment on le considère ? Ça montre la haine ou l’amour ?

  2. Hari n’abadutanga kuko baba bafise ico bagamije, bamwe bashaka gutuma umutima wawe usamara ugasanga bashaka kukwereka ko bagufise ku mutima. Ivyo ntawobideha iyo bibaye vyinshi hari aho umuntu yakaguhay akaganuk kenshi usanga wwe udashobora kumusubiriza mu ndumane bigatuma utisanzura kuko ubona umengo womuhaririza iciyumviro ciwe yohava anakwishuza.

    Muri make akaganuke ntoshobora nanje kuganura ntako nshigikiye kandi si iminsi yose kagaragaza urukundo hari aho kiba ari igiturire canke igipfukamunwa.